Dependência
A dependência de Deus é o caminho da verdadeira liberdade. Sem Cristo, nada podemos fazer. Mas em Deus encontramos sustento, direção e força para todo desafio.
Sem Ele nada podemos
Sem mim nada podeis fazer. O cristão que se desconecta da videira seca — mas o que permanece dá muito fruto.
Jewe ndi umuzabibu; namwe muri amashami. Nimwaguma muri jewe nanje nkaguma muri mwebwe, muzokwama ivyamwa vyinshi. Erega mutari kumwe nanje nta co mushobora gukora!
Unzigame, Mana yanje,
kuko nguhungiyeko.
Amaso yanje ndayahanga Uhoraho imisi yose.
Ko ari i buryo bwanje, sinzonyiganyizwa.
Iyo Uhoraho atari we yubaka inzu,
abubatsi baba baruhira ubusa.
Iyo Uhoraho atari we arinze igisagara,
abararirizi babera maso ubusa.
Ntibaronse igihugu kubera inkota yabo,
kandi ntibanesheje kubera amaboko yabo;
kwari ukuboko kwawe kw’i buryo, ukuboko kwawe,
n’umuco wo mu nyonga hawe, kuko wabakunze.
Uhoraho agira abagwanire mwebwe nimutekereze gusa."
Depender do Senhor
Confia no Senhor de todo o coração e não te estribes no teu próprio entendimento. Em todos os caminhos o reconhece.
Wizigire Uhoraho n’umutima wawe wose,
ntiwishimire ugutahura kwawe.
Wame urondera ugushaka kwiwe mu vyo ukora vyose,
na we azogorora inzira zawe.
Umuntu aragira imigabo mu mutima wiwe,
ariko Uhoraho ni we ashiraho intambuko ziwe.
Umutima w’umuntu ugira imigambi myinshi,
ariko integuro z’Uhoraho ni zo zirama.
Umugisha w’Uhoraho uratungisha,
kandi ntuvanzwe n’umuruho.
Umubiri wanje n’umutima wanje bishobora kugira intege nke,
ariko Imana ni yo nkomezi z’umutima wanje,
ni yo mugabane wanje ibihe bidashira.
Tugarukane, ewe Uhoraho Mana Mushoboravyose;
tumurikishirize mu nyonga hawe,
kugira ngo dukire.
Ndunamurira amaso yanje ku misozi;
ugutabarwa kwanje kuva hehe?
Ugutabarwa kwanje kuva k’Uhoraho,
Umuremyi w’ijuru n’isi.
Ntazoreka ibirenge vyawe ngo binyerere;
uwukuzigama ntazohunyiza;
Aho navuga nti: "Ikirenge canje kiriko kiranyerera,"
urukundo rwawe rudashira, Uhoraho, rwaranshigikiye.
Igihe nari nzigirijwe, natakambiye Uhoraho;
aca anshira ahagutse.
Uhoraho ni we Mwungere wanje, nta co nkenye.
Ampa kuruhukira mu canya c’ubwatsi butotahaye,
andongorera i ruhande y’amazi adasuma,
Contentamento e confiança
Aprendi a viver contente em toda situação. A dependência de Deus nos livra da ansiedade e nos firma na paz.
Ibi sindabivugishijwe n’ubukene, kuko muri vyose namenyereye kubumbwa n’ivyo mfise.
Kuko ndi Uhoraho Imana yawe,
ni jewe ngufashe ukuboko kw’i buryo,
nkakubwira nti: Ntutinye,
nzogutabara.
Ni we yongera inkomezi abacitse intege,
akongerereza inguvu abanyantegenke.
Mubane amahoro n’abandi. Ntimukishire hejuru, ahubwo munezerezwe no kwifatanya n’abaciye bugufi. Ntimukiyite abanyabwenge.
Nk’uko iyi mibiri yacu ifise ibihimba bitandukanye kandi ivyo bihimba bigakora ibikorwa bitandukanye, ni ko no mu mubiri wa Kristo bimeze: turi ibihimba vyinshi bigize umubiri umwe, kandi kuri wo, twese tuba dufatanye.
Ni co gituma abarongorwa na kamere kabo k’icaha badashobora guhimbara Imana na gatoya.
Nuko rero ntimugahagarike imitima ku vy’ejo, kuko ejo hazoza hafise ingorane bijanye. Umusi wose ufise umwitwarariko wawo.
Ariko jewe ndi iki, abantu banje bo ni iki, ngo dushobore gutanga tuvyishakiye nk’uku? Vyose biva iwawe, natwe twaguhaye ibiva mu kuboko kwawe gusa.