O Deus do impossível
Deus é o Deus do impossível. Para Ele não há nada difícil demais. O que parece impossível aos olhos humanos é perfeitamente possível para o Criador do universo.
Nada é impossível
Para Deus nada é impossível. Ele faz infinitamente mais do que podemos pedir ou imaginar — esse é o nosso Deus.
Yesu arabitegereza, hanyuma ababwira ati: "Ku bantu ntibishoboka, ariko ku Mana vyose birashoboka."
Yesu arabitegereza, hanyuma ababwira ati: "Ku bantu, ntibishoboka; ariko ku Mana, vyose birashoboka."
Yesu arabishura ati: "Ibidashobokera abantu bishobokera Imana."
Mariya abaza uwo mumarayika ati: "Ivyo vyoshoboka bite, ko ntarigera ndyamana n’umugabo?"
Na we aramwishura ati: "Mpwemu Yera azokuzako, maze ubushobozi bw’Iyisumbavyose bugutwikire. Ni co gituma umwana uzovyara azoba uwera, yitwe Umwana w’Imana. Mbere na Elizabeti incuti yawe agiye kuvyara umwana mu myaka yiwe y’ubusaza. Uwahora yitwa ingumba, uku ni ukwezi kugira gatandatu yibungenze, kuko ata jambo Imana ivuze ribura ububasha."
Mariya aramwishura ati: "Jewe ndi umusavyikazi w’Umwami Imana, nibimbere nk’uko ubivuze." Maze uwo mumarayika aca amusiga aho aragenda.
Uhoraho abaza Aburahamu ati: "Ni kuki Sara atwenze akavuga ati: ‘Mbega umutamakazi nkanje noba nkironka umwana?’ Mbega hari ikintu kidashobokera Uhoraho? Aho nzogarukira igihe nk’iki umwaka uza, Sara azoba afise umwana w’umuhungu."
"Ndazi ko ushobora vyose,
kandi ko ata co wiyumviriye gukora kitaja mu ngiro.
‘Ewe, Uhoraho Nyeninganji, waremye ijuru n’isi ubiremesheje ububasha bwawe n’ukuboko kwawe kw’inkomezi, nta na kimwe kikunanira.
Fé no impossível
Se tiverdes fé como um grão de mostarda... Os impossíveis de Deus são convites ao exercício da fé audaciosa.
Yesu arabishura ati: "Ni kubera ukwizera kwanyu guke. Ndababwire ukuri, iyo muba mwari mufise ukwizera kungana n’akabuto ka mutaride, mwobwira uriya musozi muti: ‘Imuka uve ngaha,’ kandi woca wimuka. Nta kintu na kimwe kitobashobokera. [
Yesu aravuga ati: "Uvuze uti: ‘Nimba noshobora kugira ico nkoze’? Vyose bishobokera uwizera."
Ni co gituma ndababwira ko ico muzosaba cose mu gusenga, mukwiye kwizera ko mwamaze kukironka, kandi Imana izokibaha.
Uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze: "Naho ivyo womenga biratangaje ku masigarira y’aba bantu muri iki gihe, mbega no kuri jewe vyoba ibitangaje?" ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze.
Umwami wacu arahambaye kandi ni umuhizi mu nkomezi:
ugutahura kwiwe ntikugira akarimbi.
Uwo Yesu yatanzwe mu maboko yanyu ku bw’umugambi Imana yari yatareguye kuva kera, maze namwe mufashijwe n’abanyakibi n’abanyamahanga, mumwica mumubamvye ku musaraba. Ariko Imana yaramuzuye mu bapfuye, imukura mu vyara vy’urupfu, kuko bitashoboka ko urupfu rumugumya.