Pular para o conteúdo
Publicidade

Deus é amor

Por Bíblia Online

Deus é amor — esta é a declaração mais profunda da Bíblia sobre a natureza divina. Tudo que Deus faz nasce do amor. Quem permanece no amor permanece em Deus.

A natureza de Deus

Deus é amor. Quem permanece no amor, permanece em Deus e Deus nele. Ele nos amou primeiro com amor eterno.

Imana ni urukundo

Bakundwa, muze dukundane, kuko urukundo ruva ku Mana. Umuntu wese akundana yavyawe n’Imana kandi arayizi. Umuntu wese adakundana ntazi Imana, kuko Imana ni urukundo.

Icerekana urwo rukundo ni iki: si twebwe twakunze Imana, ahubwo ni yo yadukunze itanga umwana wayo nk’ikimazi kugira ngo duharirwe ivyaha vyacu.

Umuntu wese yemera ko Yesu ari Umwana w’Imana, Imana iba muri we na we akaba muri yo. Turazi urukundo Imana yadukunze kandi twashize ivyizigiro vyacu mu rukundo rwayo.

Imana ni urukundo. Umuntu wese aba mu rukundo aba mu Mana na yo ikaba muri we.

Twebwe dukunda kuko Imana yabanje kudukunda.

Kuko Imana yakunze abari kw’isi cane, bituma itanga Umwana wayo w’ikinege, kugira ngo uwumwizera wese ntazoranduke, ahubwo aronke ubugingo budashira.

O amor de Deus revelado

Deus prova o seu amor em que Cristo morreu por nós quando ainda éramos pecadores. Seu amor é compassivo e eterno.

Ariko, Imana yo yatweretse urukundo rwayo rwinshi mu gutuma Kristo kudupfira kandi tukiri abanyavyaha.

Ariko kubera urukundo rwinshi Imana, yo mutunzi w’imbabazi, yadukunze, yatugiranye bazima na Kristo igihe twari tugipfuye twishwe n’ibicumuro vyacu. Ubuntu bw’Imana ni bwo bwabakijije.

Ariko wewe, Uhoraho, uri Imana y’inyabuntu igira imbabazi,

iteba kuraka, yuzuye urukundo n’ubwizigirwa.

Ese ukuntu urukundo rwawe rudashira ari akaburarugero, ewe Mana!

Abantu bahungira musi y’igitutu c’amababa yawe.

Kuko urukundo rwawe ari rwiza kurusha ubugingo,

iminwa yanje izogushima.

Nimushimire Uhoraho, kuko ari mwiza.

Urukundo rwiwe rwamaho ibihe bidashira.

Ni iyihe Mana imeze nkawe,

iharira icaha, ikababarira ibigabitanyo

vy’amasigarira y’ishamvu yiwe?

Ntiwama uratse ibihe vyose

ahubwo uhimbarwa no kugira imbabazi.

Intasho

Bene Data, ndangije ndabasezera. Murondere ugutunganywa, muterane intege, muhuze umutima n’inama, mubane amahoro, maze Imana y’amahoro n’urukundo izobana namwe.

Seja o primeiro