Publicidade

Dinheiro

Por Bíblia Online

O dinheiro é ferramenta que pode ser usada para o bem ou para o mal. A Bíblia nos ensina a administrar recursos com sabedoria, generosidade e temor ao Senhor.

Perspectiva bíblica

Guardai-vos da avareza. A vida não consiste na abundância de bens. O dinheiro é servo, nunca senhor.

Aca ababwira ati: "Mube maso, mwirinde guhahamira ivy’isi, kuko ubuzima bw’umuntu ntibuhagaze kw’itunga ryinshi afise."

kuko aho ubutunzi bwawe buri, ari ho n’umutima wawe uzoba.

Shebuja aramwishura ati: Wakoze neza, mukozi wanje mwiza kandi w’umwizigirwa! Wabaye umwizigirwa kuri bike; nanje nzoguha kuganza vyinshi. Kaze usangire umunezero na shobuja!

Ubutunzi uba ukibukubise ijisho

bukaba bwagurutse,

kuko bumera amababa bukaguruka nk’inkukuma.

Umugani wa 8

Ntukarushwe no kwiruka inyuma y’ubutunzi,

ariko ugire ubwenge bwo kwihangana.

Inkunzi y’amahera ntiyigera iyahaga;

n’uwukunda ubutunzi ntiyigera ahazwa n’ivyo aronka.

N’iki na co ni ubusa.

Administrar com sabedoria

Honra ao Senhor com as tuas primícias. O sábio administra seus recursos com prudência e visão de eternidade.

Wubahishe Uhoraho ubutunzi bwawe,

hamwe n’ivya mbere vyo mu vyeze mu mirima yawe.

Umugisha wUhoraho uratungisha,

kandi ntuvanzwe n’umuruho.

Ubutunzi buvuye mu kwiba ntiburamba,

ariko ubugororotsi bukiza umuntu urupfu.

Ubutunzi buvuye mu vyibwe buhera ningoga,

ariko ubuvuye mu gukora cane buguma bugwira.

Guhitamwo ubwenge biruta guhitamwo inzahabu,

kandi guhitamwo ugutahura kuruta ifeza.

Kuvugwa neza biruta kugira ubutunzi bwinshi,

kandi kwemerwa kurusha agaciro ifeza n’inzahabu.

Wopfuma ugira bike birimwo ukwubaha Uhoraho,

hako utunga vyinshi vyuzuyemwo uruhagarara.

Ubwizigirwa bw’umuntu ni bwo bumutera gukundwa;

none rero wopfuma uba umukene hako uba umubeshi.

undinde ibinyoma n’ububeshi, bimbe kure;

ntumpe ubukene canke ubutunzi bwinshi,

ariko umpe ibinkwiye buri musi.

Perigos e armadilhas

Quem quer enriquecer cai em tentação. Fuja do amor ao dinheiro e busque contentamento no Senhor.

Abafise inyota nyinshi yo gutunga barageragezwa hanyuma bakagwa mu mitego y’ivyipfuzo vy’ubupfu kandi bibabaza, bibatwara mu kwononekara no guhona.

Wigishe abafise ubutunzi bwo muri iyi si kutishira hejuru no kudashira ivyizigiro vyabo muri bwo, kuko butaramba. Ariko bizigire Imana yo iduha vyose nk’umusesekara kugira ngo bitunezereze.

Ntimugakunde amahera mu kubaho kwanyu, ahubwo mubumbwe n’ivyo mufise. Kuko Imana yavuze iti:

"Sinzokwigera ndaguta;

sinzokwigera ndaguheba."

Ubutunzi nta co buzomara ku musi w’urubanza,

ariko ubugororotsi bukiza urupfu.

Ubutunzi bw’umutunzi bumubera igisagara gikomeye;

yibaza ko ari igihome kiturirwa.

Tudo vem de Deus

De ti vem tudo, e das tuas mãos to damos. Os tributos são devidos — dai a César o que é de César e a Deus o que é de Deus.

Ariko jewe ndi iki, abantu banje bo ni iki, ngo dushobore gutanga tuvyishakiye nk’uku? Vyose biva iwawe, natwe twaguhaye ibiva mu kuboko kwawe gusa.

Uhe umuntu wese ivyo akwiye guhabwa: abakwiye guhabwa amakori mubahe amakori, uwukwiye gutinywa mumutinye, uwukwiye icubahiro mumwubahe.

Ni co gituma ukwiye gutanga ikori neza, kuko abategetsi baba bariko barakorera Imana iyo barangura igikorwa cabo co gutegeka.

Kuba umugororotsi no gutunga bike

biruta kuba umunyakibi afise ubutunzi bwinshi;

kuko inkomezi z’umunyakibi zizovunagurwa,

ariko Uhoraho ashigikiye umugororotsi.

Jewe nezererwa kwitondera ivyo washinze

nk’uko umuntu anezererwa ubutunzi bwinshi.

Seja o primeiro
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-07-04_15-35-42-