Dívidas
As dívidas podem escravizar, mas a Bíblia nos ensina princípios de sabedoria financeira: não se endividar imprudentemente, pagar o que se deve e confiar em Deus como provedor.
O devedor é servo do credor
O rico domina sobre o pobre, e o que toma emprestado é servo do que empresta. A Bíblia convida à liberdade financeira.
Umutunzi ategeka umukene,
kandi uwusavye ingurane aba umuja w’uwumuguranye.
Mwana wanje, ntukareke kugirira neza ababikwiye
mu gihe ufise ububasha bwo kubikora.
Ubutunzi buvuye mu vyibwe buhera ningoga,
ariko ubuvuye mu gukora cane buguma bugwira.
Nta muntu n’umwe yoshobora gushimisha abakoresha babiri: agerageje kunezereza umwe yosanga yababaje uwundi; kandi agerageje kuba umwizigirwa kuri umwe yosanga yahemukiye uwundi. Ntimushobora gukoreshwa n’Imana ngo mwongere mukoreshwe n’amahera.
Princípios financeiros
Pagai a todos o que lhes é devido. Deus promete que o justo não será desamparado e que a bênção virá sobre os obedientes.
Uhe umuntu wese ivyo akwiye guhabwa: abakwiye guhabwa amakori mubahe amakori, uwukwiye gutinywa mumutinye, uwukwiye icubahiro mumwubahe.
Ntihagire umwenda mugirira umuntu n’umwe, kiretse uwo gukundana, kuko uwukunda abandi, aba ashikije ivyagezwe.
Umunyakibi aragurana ntasubize,
ariko umugororotsi atanga ivyo ubuntu;
Ni nde muri mwebwe agomvye kwubaka igorofa, atobanza kwicara ngo aharure neza ko afise ivyo kuyuzuza?
Umuntu niyagusaba ikintu ukimuhe, uwukunyaze ivyawe ubimuhebere.
uduharire ivyaha vyacu,
nk’uko natwe duharira abaducumuyeko.
Contentamento
Seja o vosso viver sem ganância, contentando-vos com o que tendes. O Senhor é suficiente — não nos desamparará.
Ntimugakunde amahera mu kubaho kwanyu, ahubwo mubumbwe n’ivyo mufise. Kuko Imana yavuze iti:
"Sinzokwigera ndaguta;
sinzokwigera ndaguheba."
Uhoraho Imana yanyu azobahezagira nk’uko yabisezeranye, muzoha ingurane amahanga menshi, ariko mwebwe nta we muzoyisaba. Muzoganza amahanga menshi ariko mwebwe nta hangana na rimwe rizobaganza.