1 Ni co gituma, ko isezerano ryo kwinjira aho kuruhukira yateguye rikiriho, dukwiye kwirinda kugira ngo ntihagire n’umwe muri mwebwe yohava atahashika. 2 Iyi nkuru nziza ivuga ko Imana yateguye aho kuruhukira twayumvise nk’uko na bo bayumvise. Ariko nta co yabamariye kuko batayakiranye ukwizera. 3 Ni twebwe abizeye gusa dushobora kwinjira aho kuruhukira Imana yateguye. Ariko ku bandi Imana yavuze iti:
"Ni co catumye ndahirana uburake nti:
‘Ntibazokwigera binjira aho kuruhukira nateguye.’"
Ariko rero ibikorwa vyayo vyaheze igihe yarema isi. 4 Kuko hari ahantu yavuze ku vyerekeye umusi w’indwi iti: "Nuko ku musi ugira indwi Imana iraruhuka ibikorwa vyayo vyose." 5 Ariko muri ico gice co hejuru Imana yavuze iti: "Ntibazokwigera binjira aho kuruhukira nateguye."
6 Aho kuruhukira Imana yateguye haracariho ngo abantu bahinjire, ariko ababwiwe ubu butumwa bwiza ubwa mbere ntibashoboye kuhinjira kuko bagararije Imana. 7 Ni co gituma Imana yashizeho ikindi gihe co kwinjira aho kuruhukira yateguye, kandi ico gihe ni "uwu musi". Imana yongeye kubivuga haciye igihe kirekire iciye muri Dawidi, mu gice twamaze kuvugako, iti:
"Nimwumva ijwi ry’Imana uwu musi,
ntimukomantaze imitima yanyu."
8 Kuko iyo Yosuwa aja kuba yarabashikanye aho kuruhukira Imana yari yarasezeranye, Imana ntiyari gusubira kuvuga ivyerekeye uwundi musi. 9 Haracariho rero akaruhuko gasa n’ak’umusi w’Isabato gategekanirijwe ubwoko bw’Imana. 10 Umuntu wese yinjiye aho kuruhukira Imana yateguye, araruhuka ibikorwa vyiwe nk’uko Imana na yo yaruhutse ibikorwa vyayo. 11 Muze natwe dukore ibishoboka vyose kugira ngo twinjire aho hantu ho kuruhukira Imana yateguye; ntihagire uwo muri twebwe agwa kubera ukutizera nk’uko vyabaye ku Bisirayeli.
12 Kuko ijambo ry’Imana ni rizima kandi ryuzuye ubushobozi. Rikarishe kurusha inkota y’ubugi bubiri; ririnjira rigashika aho ritandukanya umushaha n’impwemu, n’ingingo n’imisokoro. Rishira ahabona ivyipfuzo n’ivyiyumviro vy’umutima w’umuntu. 13 Nta kintu na kimwe mu vyaremwe kinyegejwe imbere y’Imana. Imbere yayo vyose vyambaye ubusa kandi biragaragara. Kandi twese izotubaza ivyo twakoze vyose.
14 Ko dufise Umuherezi Mukuru akomeye, ari we Yesu Umwana w’Imana, yashitse mw’ijuru imbere y’Imana, muze tugumye cane ivyo twizeye. 15 Umuherezi mukuru dufise ashobora kubabarana natwe mu ntege nke zacu. Mbere yaciye mu mageragezwa twese ducamwo, ariko we nta caha yakoze. 16 Nuko muze twegere intebe y’Imana y’ubuntu dushize amanga, kugira ngo twakire imbabazi, turonke n’ubuntu vyo kudufasha mu gihe gikwiye.