1 Ni co gituma, ko dukikijwe n’isinzi ry’ivyabona bingana gutyo, dukwiye twiyambura ibituboha vyose bikatubuza kubandanya, hamwe n’icaha kitwizingirako vyoroshe, maze twiruke n’umwete mu rugendo Imana yashize imbere yacu. 2 Duhange amaso Yesu Kristo, we yatanguje ukwizera kwacu akaba ari na we agushitsa ku gutungana. Umunezero yashizwe imbere ni wo watumye yihanganira umusaraba n’isoni zawo. Ubu yicaye mu kibanza c’iteka i buryo bw’intebe y’inganji y’Imana. 3 Mwiyumvire ingene yagwanijwe n’abanyavyaha, kugira ngo ntimucike intege mu mitima yanyu.
4 Ntimuragwanya icaha gushika aho amaraso yanyu aseseka. 5 Muramaze kwibagira ya majambo yo kubatera intege Imana yababwira nk’abana bayo? Yavuze iti:
"Mwana wanje, ntukagaye uguhana kw’Uhoraho,
kandi ntugacike intege iyo aguhanye;
6 kuko Uhoraho aha indero abo akunda,
kandi ahana abo yemera ko ari abana biwe."
7 Mwihanganire uku guhabwa indero n’Imana, muzi ko ivyo ibikorera abana bayo bwite. Mwoba mumaze kubona umwana se adahana? 8 Nimba Imana itabahana, nk’uko ibikorera abana bayo bose, ivyo bisigura ko muri ibivyarwa, mutari abana bayo vy’ukuri. 9 Nimba ba data bo kw’isi baraduhana tukabubaha, dukwiye kurushiriza kugamburukira Data w’impwemu, kugira ngo tubeho. 10 Ba data baduhanye igihe gito, nk’uko biyumvira ko bikenewe. Ariko Imana ibikora ku neza yacu, kugira ngo dusangire na yo ukwera. 11 Mu gihe co guhanwa, nta muntu n’umwe anezerezwa n’igihano, kuko kirababaza. Ariko mu nyuma, abaciye muri ukwo guhabwa indero bimbura ivyamwa vy’amahoro no kugororoka.
12 Nuko rero, nimugorore amaboko yanyu arushe, mukomeze n’amavi acitse intege. 13 Mugorore inzira ibirenge vyanyu bicamwo kugira ngo n’abacumbagira ntibatembe, ahubwo bakire.
14 Murondere kubana amahoro n’abantu bose no kubaho ubuzima bwejejwe, kuko abatejejwe ntibazobona Imana. 15 Mwitaneho kugira ngo ntihagire n’umwe muri mwebwe ananirwa ntashikire ubuntu bw’Imana. Mwirinde ntihakagire ikintu na kimwe kibi kimeze nk’umuzi utera umurarazi kiba hagati yanyu kigatera uruhagarara, benshi bononekara. 16 Ntihakagire n’umwe muri mwebwe aba umushakanyi canke atubaha Imana nka Esawu yagurishije kuba samuragwa kwiwe, akagukaba isahani imwe y’ivyokurya. 17 Murazi ko mu nyuma yarondeye guhabwa umuhezagiro na se, ariko ntiyemererwa. Naho yawuronderanye amarira menshi, ntivyakunda ko ahindura ivyo yari yarakoze.
18 Mwebwe ntimwegereye umusozi umuntu ashobora gukorako: nta mbeya z’umuriro, nta mwijima, nta joro, nta mituragaro, nk’uko vyabaye ku Bisirayeli ku musozi Sinayi. 19 Bo bumvise ugusamirana kw’inzamba n’ijwi riteye ubwoba ku buryo abaryumvise basavye Imana kudasubira kuvugana na bo. 20 Baciye bagenza umugongo bumvise ijwi ry’Imana rivuga riti: "Ikintu cose kizokwegera uwu musozi, naho coba igitungwa, kize cicishwe amabuye." 21 Ivyo babonye vyari biteye ubwoba ku buryo Mose ubwiwe yavuze ati: "Ndiko ndajugumira kubera ubwoba."
22 Ariko mwebwe mwegereye Umusozi Siyoni, igisagara c’Imana nzima, Yerusalemu co mw’ijuru, aho abamarayika ibihumbi n’ibihumbi bama bakoraniye mu munezero. 23 Mwegereye ikoraniro ry’abana b’imfura b’Imana banditswe mw’ijuru. Mwegereye Imana ubwayo, umucamanza w’abantu bose. Mwegereye impwemu z’abagororotsi bari mw’ijuru, bamaze gutunganywa rwose. 24 Mwegereye Yesu, umuhuza w’isezerano rishasha riri hagati y’Imana n’abantu, kandi mwegereye amaraso aduhumanura, avuga ivyiza kurusha aya Abeli.
25 Mwirinde ntimwanke kwumviriza iyiriko aravuga. Kuko nimba Abisirayeli batashoboye gukira igihano igihe banka kwumviriza Mose ariko arabagabisha ari kw’isi, none tweho twokira gute igihano twanse kwumviriza iyivuga iri mw’ijuru. 26 Igihe Imana yavugira ku musozi Sinayi, ijwi ryayo ryanyiganyije isi; uno musi na ho Imana isezerana iti: "Nzosubira kunyiganyiza, atari isi gusa, ariko n’ijuru na ryo." 27 Ibi bisigura ko ibishobora kunyiganyizwa vyose bizokurwaho, kugira ngo ibidashobora kunyiganyizwa bigumeho.
28 Ko twakira Ubwami budashobora kunyiganyizwa, muze dushimire Imana kandi tuyisenge mu buryo buyihimbara tuyitinya kandi tuyubashe. 29 Kuko "Imana yacu ni umuriro utongora."