1 Ukwizera ni ukudakekeranya ko ivyo wizigiye bizoba; ni ukutagira amazinda ku vyo utabonesha amaso. 2 Ukwizera ni kwo kwatumye abantu ba kera bashingirwa intahe.
3 Ukwizera ni kwo gutuma dutahura ko isi yose yaremwe n’Ijambo ry’Imana, ko ivyo tubona vyavuye mu bitaboneka.
4 Ukwizera ni kwo kwatumye Abeli yashikaniye Imana ikimazi cemewe na yo kurusha ica Kayini. Ukwo kwizera kwiwe kwatumye yemerwa n’Imana nk’umugororotsi, kuko Imana ubwayo yemeye ishikanwa ryiwe. Kandi ku bw’ukwizera kwiwe, naho yapfuye, aracavuga.
5 Ukwizera ni kwo kwatumye Enoki ajanwa mw’ijuru atabanje gupfa. Yarazimanganye abantu baramubura, kuko Imana yamujanye. Imbere yo kujanwa, yari azwi nk’umuntu ahimbara Imana. 6 Kandi ata kwizera, ntibishoboka ko umuntu ahimbara Imana. Umuntu wese ashaka kwegera Imana, ategerezwa kwizera ko iriho kandi ko iha impera abayirondera.
7 Ukwizera ni kwo kwatumye Nowa yubaka ubwato bunini kugira ngo akize umuryango wiwe umwuzure. Yumviye Imana yamugabishije ku bintu bitari bwigere biba. Uko ni ko yaciriye isi urubanza, kandi kubera ukwizera kwiwe, Imana na yo yaremeje ko yari umugororotsi.
8 Ukwizera ni kwo kwatumye Aburahamu yumvira Imana igihe yamuhamagara ngo aje mu gihugu yari igiye kumuha ngo kibe iragi ryiwe. Yavuye mu gihugu ciwe atazi iyo agiye. 9 Ashitse muri ico gihugu Imana yamusezeraniye, yahabaye mu kwizera, kuko yari nk’umunyamahanga. Yaba mu mahema, kandi na Isaka na Yakobo, abaragwa b’iryo sezerano, na bo vyabagendeye uko. 10 Aburahamu yari arindiye igisagara gifise amatanguriro yateguwe kandi yubatswe n’Imana. 11 Ukwizera ni kwo kwatumye Sara ashobora gusama inda, naho yari ingumba kandi abakaba yari ashaje cane. Yizeye ko Imana yasezeranye ari umwizigirwa. 12 Ni co gituma mu muntu umwe, uwasa n’uwapfuye, havuyemwo uruvyaro rwinshi nk’inyenyeri zo kw’ijuru, rudaharurika nk’umusenyi wo ku nkengera z’ikiyaga.
13 Aba bantu bose bapfuye bacizeye ivyo Imana yasezeranye. Ntibaronse ivyo basezeraniwe, ariko barabibona biri kure bakabinezerererwa; bakemera ko ari abanyamahanga n’ingenzi kw’isi. 14 Abantu bavuga nk’uku baba berekana neza ko barondera igihugu cabo bwite. 15 Iyo bipfuza igihugu baje bavamwo, bari gushobora kwisubirirayo. 16 Ariko bariko barondera igihugu kiruta ibindi, igihugu co mw’ijuru. Ni co gituma Imana idaterwa n’isoni no kwitwa Imana yabo, kuko yabateguriye igisagara.
17 Ukwizera ni kwo kwatumye Aburahamu atanga Isaka nk’ikimazi igihe Imana yariko iramugeza. Aburahamu, uwari yarakiriye amasezerano y’Imana, yari yiteguriye gutanga Isaka, umwana wiwe w’ikinege nk’ikimazi, 18 naho Imana yari yaramwibwiriye iti: "Uruvyaro rwawe uzoruronka biciye muri Isaka." 19 Aburahamu yiyumviriye ko Imana ishobora kuzura Isaka, kandi ubiravye asa n’aho yamusubijwe avuye mu bapfuye.
20 Ukwizera ni kwo kwatumye Isaka ahezagira Yakobo na Esawu ku bijanye na kazoza.
21 Ukwizera ni kwo kwatumye Yakobo, igihe yari ashaje cane kandi agira apfe, ahezagira abahungu ba Yosefu, maze akunama agasenga Imana yishimikije inkoni yitwaza.
22 Ukwizera ni kwo kwatumye Yosefu, igihe yagira apfe, avuga ko Abisirayeli bazova muri Egiputa, maze akababwira uko bazoba bakwiye kugenza amagufa yiwe.
23 Ukwizera ni kwo kwatumye abavyeyi ba Mose bamunyegeza amezi atatu amaze kuvuka, kuko babonye ko ari umwana adasanzwe, ntibatinya kurenga itegeko ry’umwami.
24 Ukwizera ni kwo kwatumye Mose, amaze gukura, yanka kwitwa umuhungu w’umukobwa wa Farawo. 25 Yahisemwo kubabazanywa n’ubwoko bw’Imana abirutisha kunezerererwa ibihimbaro vy’icaha vy’akanya gato. 26 Yiyumvira ko ari ivy’igiciro kubabazwa ku bwa Kristo kurusha kugira ubutunzi bwo muri Egiputa, kuko yari ahanze amaso impera yiwe muri kazoza. 27 Ukwizera ni kwo kwatumye ava muri Egiputa, ntiyatinya ishavu ry’umwami. Yarashikamye arabandanya, nk’uwubona ivyo abandi batabona. 28 Ukwizera ni kwo kwatumye ategeka Abisirayeli kwubahiriza Pasika, amijagira amaraso ku bishimaryango kugira ngo wa mumarayika w’umuranduzi ntiyice abahungu b’imfura babo.
29 Ukwizera ni kwo kwatumye Abisirayeli baca mu Kiyaga Gitukura nk’abagendera kw’isi yumye. Ariko Abanyegiputa bagerageje kubakurikira, bose bakarengerwa n’amazi.
30 Ukwizera ni kwo kwatumye Abisirayeli bazunguruka Yeriko imisi indwi, maze inzitiro z’ico gisagara zirasenyuka.
31 Ukwizera ni kwo kwatumye Rahabu, maraya, aticanwa n’abagararije Imana, kuko yakiranye umutima mwiza abatasi b’Abisirayeli.
32 Mbega nongereko iki? Vyofata umwanya muremure mvuze inkuru za Gidiyoni, Baraki, Samusoni, Yefuta, Dawidi, Samweli, n’abavugishwa n’Imana. 33 Ukwizera ni kwo kwatumye abo bantu bigarurira ubwami bwinshi, bagategeka mu butungane, kandi bakaronka ivyo Imana yari yarasezeranye. Bugaye iminwa y’intambwe, 34 bazimya imbeya z’umuriro, kandi bakira kwicishwa inkota. Intege nke zabo zahindutse inkomezi; babaye abahizi ku rugamba bashwiragiza ingabo z’abanyamahanga. 35 Hari abagore bazuriwe ababo. Ariko hari n’abishwe bakubaguwe kuko banse kwihakana Imana ngo barekurwe. Bashaka kuzukira ubuzima burusha ubu kuba bwiza. 36 Abandi barashinyaguriwe barakubitwa. Abandi baboshwe iminyororo batabwa mu mabohero. 37 Hari abishwe batewe amabuye, abandi bahimburwamwo kubiri n’imisumeno, abandi bicishwa inkota. Hari abayerera bambaye insato z’intama n’iz’impene, ata co bafise, bahahazwa kandi bafatwa nabi. 38 Ntibari bakwiye kuba kuri iyi si! Bayerera mu bugaragwa no mu misozi, binyegeza mu masenga no mu binogo.
39 Abo bantu bose bashingiwe intahe ku bw’ukwizera kwabo, ariko nta n’umwe muri bo yaronse ivyo Imana yasezeranye vyose. 40 Kuko Imana yari idufitiye iciyumviro kiruta ibindi kuba ciza. Intumbero yayo n’uko badashikira ugutunganywa rwose batari kumwe natwe.