Publicidade

Hebreus 9

Gusengera mw’ihema ryo kw’isi

1 Isezerano rya mbere ryari rifise ibisabwa bijanye no gusenga hamwe n’ikibanza co gusengeramwo hano kw’isi. 2 Hari ibibanza bibiri mw’ihema. Mu kibanza ca mbere harimwo igiterekwako amatara, imeza hamwe n’imikate yashikaniwe Imana. Ico kibanza citwa Ahera. 3 Hanyuma haca haza igitambara gikinze, inyuma yaco ni ho hari ihema ryitwa Ahera Cane, 4 Ico kibanza carimwo igicaniro gikozwe mu nzahabu baturirirako ibimota neza hamwe n’Isandugu y’Isezerano, yari yometseko inzahabu impande zose. Muri iyo Sandugu harimwo ibakure ry’inzahabu ririmwo manu, ya nkoni ya Aroni yatutuzako amababi hamwe na vya bisate vy’amabuye vyari vyanditseko amajambo y’isezerano. 5 Hejuru y’iyo Sandugu hari abakerubi b’ubwiza, amababa yabo yari ashanje hejuru y’Isandugu y’Isezerano, ari co kibanza ivyaha vyaharirirwamwo. Ariko ibi ntidushobora kubivuga ido n’ido muri aka kanya.

6 Ivyo bintu vyose bimaze gutegurwa, abaherezi baraheza bakinjira igihe cose muri ca kibanza ca mbere c’ihema, bagaheza bagakora ivyo idini ryabo ryabasaba gukora. 7 Ariko umuherezi mukuru wenyene ni we yari yemerewe kwinjira mu kibanza ca kabiri c’ihema, na ho nyene rimwe mu mwaka. Muri ico kibanza yahinjirana amaraso agiye gutanga imbere y’Imana ku bw’ivyaha vyiwe no ku bw’ivyaha abantu bakoze mu butamenya. 8 Muri ibi vyose, Mpwemu Yera yariko yerekana ko inzira yinjira Ahera Cane itari bwuguruke, igihe cose iryo hema ryo gusengeramwo rya mbere ryari rikihari. 9 Iki ni ikigereranyo cerekana igihe c’ubu. Kuko amashikanwa n’ibimazi abaherezi bashikanira Imana, ntivyashobora gutunganya imitima y’abaje kuyisenga. 10 Vyari ivyokurya no kunywa gusa n’imigenzo itandukanye yo kwiyuhagira. Yari amategeko yo ku mubiri gusa kugeza igihe ibintu vyari bigiye guhinduka.

Amaraso ya Kristo

11 Ariko Kristo yaje nk’Umuherezi Mukuru w’ivyiza bisanzwe bihari, yinjira mw’ihema rikuru kandi ritunganye kuruta ayandi. Iryo ntiryubatswe n’amaboko y’abantu, bisigura ko ritari iryo mu vyaremwe. 12 Kristo yinjiye Ahera Cane rimwe rizima, atitwaje amaraso y’impene canke ay’impfizi z’inka yo gutanga nk’ikimazi, ahubwo yinjiranye amaraso yiwe bwite. Uko ni ko yaturonkeye ugucungurwa kw’ibihe vyose. 13 Nimba amaraso y’impene n’ay’impfizi z’inka n’umunyota w’inka y’ishashi ituriwe bimijagiwe ku bantu banduye vyarashobora gutuma bahumanuka ku mibiri yabo, 14 namwe mwibaze ingene amaraso ya Kristo, we yitanze nk’ikimazi gitunganye c’ivyaha vyacu, akiha Imana biciye kuri Mpwemu Yera ahoraho, azorushiriza kweza imitima yacu akayikuramwo ibikorwa bipfuye kugira ngo dushobore gukorera Imana nzima.

15 Ni co gituma Kristo ari umuhuza w’isezerano rishasha hagati y’Imana n’abantu, kugira ngo abahamagawe bose baronke imihezagiro idashira Imana yabasezeraniye. Kuko Kristo yapfuye kugira ngo abakize igihano c’ivyaha bakoze bakiri mw’isezerano rya mbere.

16 Iyo hari ikete ryo kuraga, biba nkenerwa kwerekana ko uwanditse iryo kete yamaze gupfa. 17 Ivyanditse muri iryo kete ryo kuraga bishirwa mu ngiro iyo uwavyanditse yamaze gupfa. Akiriho, ivyanditswe muri ryo ntibishobora gushirwa mu ngiro. 18 Ni co gituma n’isezerano rya mbere na ryo ryagiye mu ngiro habanje guseseka amaraso. 19 Kuko Mose amaze gusomera abantu bose amabwirizwa y’Imana, yakiriye amaraso y’impfizi n’ay’impene hamwe n’amazi, ayamijagira kuri ca gitabu c’ivyagezwe vy’Imana no ku bantu bose, akoresheje amashami y’agati kitwa ezobu n’ubwoya bw’intama bwera cane. 20 Maze aravuga ati: "Aya ni amaraso y’isezerano Imana ibategeka kwitondera." 21 Hanyuma abigenza uko nyene, amijagira ya maraso kw’ihema n’ibikoresho vyose bakoresha mu gukorera Imana. 22 Mu bisanzwe, ivyagezwe vya Mose vyasaba ko ibintu nka vyose vyozwa n’amaraso. Kuko ata guharirwa ivyaha gushobora kubaho, ata maraso asesetse.

23 Vyari bikwiye ko ihema n’ibiri muri ryo, na vyo akaba ari ishusho ry’ivyo mw’ijuru, vyezwa n’amaraso y’ibikoko. Ariko ivyo mw’ijuru vyari bikwiye kwezwa n’ibimazi biruta amaraso y’ibikoko. 24 Kuko Kristo atinjiye Ahera Cane hubatswe n’amaboko y’abantu, na kare ihema ryubatswe n’abantu ryari ikigereranyo c’ihema nyakuri riri mw’ijuru. Ahubwo yinjiye mw’ijuru ubwaryo kugira ngo aduserukire imbere y’Imana. 25 Kandi ntiyinjiye kugira ngo yitange kenshi, nk’uko umuherezi mukuru wa hano kw’isi yinjira Ahera Cane uko umwaka utashe yitwaje amaraso atari ayiwe. 26 Iyo bija kuba uko, Kristo yategerezwa gupfa incuro nyinshi, kuva isi ikiremwa. Ariko noneho yaserutse rimwe rizima, mu gihe c’iherezo, kugira ngo akureho icaha akoresheje ikimazi c’urupfu rwiwe. 27 Kandi nk’uko umuntu wese ategerezwa gupfa rimwe maze inyuma yaho hakaza urubanza, 28 ni ko na Kristo na we yatanzwe nk’ikimazi rimwe gusa kugira ngo akureho ivyaha vya benshi. Azogaruka irya kabiri atazanywe n’ivyaha, ariko aje gukiza abamwiteze bose.

Veja também

Publicidade
Hebreus
Ver todos os capítulos de Hebreus
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-