Publicidade

Domínio próprio

Por Bíblia Online

O domínio próprio é fruto do Espírito e marca de maturidade espiritual. A Bíblia ensina que quem governa o próprio espírito é melhor do que quem conquista uma cidade.

Fruto do Espírito

O fruto do Espírito inclui domínio próprio. A graça de Deus nos ensina a viver de maneira sóbria e justa neste mundo.

Ariko ivyamwa vya Mpwemu Yera ni ibi: urukundo, umunezero, amahoro, ukwihangana, ingeso nziza, kugira neza, ubwizigirwa, ubugwaneza, n’ukwirinda. Ibi nta cagezwe kibibuza.

Ubuntu bw’Imana buzana agakiza bwarahishuwe ku bantu bose. Ni bwo butwigisha kwiyambura ukutubaha Imana n’ibihimbaro vy’isi, no kubaho tuganza ingeso zacu, tugororotse kandi twubaha Imana muri kino gihe, turindiriye ivyizigiro vy’amahirwe, aho ubwiza bw’Imana yacu ihambaye n’Umukiza, ari we Yesu Kristo, buzohishurirwa.

Kuko Imana itaduhaye Mpwemu w’ubwoba, ariko yaduhaye Mpwemu w’ububasha, w’urukundo kandi wo kuganza ingeso zacu.

Kubera iyo mvo nyene, mugire umwete kugira ngo ku kwizera kwanyu mwongereko ingeso nziza, ku ngeso nziza mwongereko ubumenyi; ku bumenyi mwongereko ukwirinda; ku kwirinda mwongereko ugushishikara; ku gushishikara mwongereko kwubaha Imana; ku kwubaha Imana mwongereko kugiriranira igishika; kugiriranira igishika mukwongereko urukundo.

Governar a si mesmo

Melhor é o que domina o seu espírito do que o que toma uma cidade. A cidade sem muros é o homem sem domínio próprio.

Uwitonda aruta intwari ku rugamba,

kandi uwuganza ishavu ryiwe aruta uwigarurira igisagara.

Umuntu adashobora kwirinda ishavu

ameze nk’igisagara gifise inzitiro zasenyutse.

Igipfu cirata uburake bwaco,

ariko umunyabwenge arabuhwamika.

Iyo amajambo abaye menshi, n’icaha kiba kiri hafi,

ariko uwugumya ururimi ni umunyabwenge.

Guhiganirwa impera

Ntimuzi ko mw’ihiganwa hiruka benshi, ariko uwuhabwa umudari akaba umwe? Nuko rero muhiganwe nk’abazohabwa umudari. Abaja mw’ihiganwa bose bagira imyiteguro ikomeye. Bayigira kugira bazoronke impera ihera, ariko twebwe tugira imyiteguro kugira tuzoronke impera ihoraho. Nuko rero siniruka nk’uwutagira intumbero, canke uwugwana akubita ingumu ahusha uwo bagwana. Ntoza indero umubiri wanje, nkawugira umuja wanje, kugira ngo maze kuvuga Ubutumwa Bwiza sinsange narushijwe mw’ihiganwa, nkabura impera.

Ariko nimba badashobora kuganza imibiri yabo, bakwiye kwubaka, kuko umuntu yopfuma agira uwo bubakanye hako arengerwa n’ivyipfuzo vy’umubiri.

Nta kibagerageza cabashikiye kidashikira abandi. Kandi Imana ni iyo kwizigirwa, ntizobareka ngo mugeragezwe n’ivyo mudashobora kwihanganira. Mu gihe co kugeragezwa, izobacira inzira kugira ngo mushobore kuvyihanganira.

Disciplina e vigilância

Sede sóbrios e vigilantes. O diabo anda em derredor como leão rugidor. A sobriedade nos protege e fortalece.

Mwame mugavye. Wa mwansi wanyu, ari we Satani, azunguruka hirya no hino aroha nk’intambwe, arondera uwo yorotsa. Mumugwanye mushikamye mu kwizera, kuko muzi yuko bene So benshi bariko baraca mu mibabaro nk’iyo mw’isi yose.

Umuhero wa vyose uri hafi. Ku bw’ivyo, mukwiye kubaho mwirinda kandi mugavye kugira ngo mushobore gusenga.

Ubuzima bwiyeguriye Imana

Nuko rero, ko Kristo yababajwe mu mubiri, namwe mwamane uwo mutima, igihe cose mwame mwiteguriye kubabazwa nk’uko yababajwe. Kuko uwumaze kubabazwa mu mubiri ahorwa Kristo aba atakiganzwa n’icaha. Kandi uhereye ico gihe, imisi yose asigaje kubaho, ntaba akirongorwa n’ivyipfuzo vy’umubiri, ariko abaho arongorwa n’ivyo Imana igomba. Muri kahise mwamaze umwanya munini mukora ivyo abapagani bakunda gukora: ubusambanyi, kwipfuza, kuborerwa, ivy’isoni nke no gusenga ibigirwamana. Ni co gituma, abo mwabikorana kera, batangara babonye mutagifatanije na bo muri vyo, bigatuma babavuga nabi. Ariko mwibuke ko bazorenguka imbere y’intebe y’imanza y’Imana kugira ngo babazwe ivyo bakoze vyose, igihe izocira urubanza abantu bose, abazoba bakiriho n’abazoba barapfuye.

Kandi ni uko umwe wese muri mwebwe abaho aganza umubiri wiwe, yejejwe kandi yihesha agateka, mudatwarwa n’ivyipfuzo vy’umubiri nk’abapagani batazi Imana.

O senhorio de Cristo

Todo domínio pertence a Cristo. Ele é Senhor dos senhores e Rei dos reis — e nos capacita a viver em santidade.

Nimuhimbaze Uhoraho, yemwe bikorwa vyiwe

aho muri hose mu bwami bwiwe.

Mutima wanje, himbaza Uhoraho.

Ubwami bwawe ntibuzogira iherezo,

n’ukuganza kwawe guhoraho uko urunganwe ruzokuranwa n’urundi.

Uhoraho ni uwo kwizigirwa mu vyo asezerana vyose

kandi ni umwizigirwa mu vyo akora vyose.

Muri uko kwerekwa mw’ijoro, nkomeza kuraba ivyo ndiko nderekwa, ngize gutya mbona uwusa n’Umwana w’Umuntu aje azananye n’ibicu vyo kw’ijuru. Yegera wa mukurambere, ashikanwa imbere yiwe. Aca ahabwa ububasha, ubwiza n’ubushobozi bwo kuganza; amahanga yose yo kw’isi, n’abavuga indimi zitandukanye baramutazira. Ukuganza kwiwe kuzohoraho ibihe bidashira kandi ingoma yiwe ntizokwigera ikurwaho.

Binteye umunezero kubamenyesha ivyerekeye ibitangaza n’ibimenyetso, n’utwumiza Imana Musumbavyose yankoreye.

Mbega ukuntu ibimenyetso vyayo bikomeye;

n’ubushobozi buri mu bitangaza vyayo!

Ubwami bwayo ni ubw’ibihe bidashira;

kandi inganji yayo yamaho uko urunganwe rukurikirana n’urundi.

Kuko umwana avutse ku neza yacu,

duhawe umwana w’umuhungu,

ubutware bwose buzoba ku bitugu vyiwe.

Azokwitwa Umujenama w’igitangaza,

Imana ikomeye,

Data ahoraho, Umwami w’amahoro.

Ubutware bwiwe n’amahoro yiwe

ntibizogira iherezo.

Azoganzira ku ntebe ya Dawidi,

no mu bwami bwiwe,

aganzanye ubutungane n’ukugororoka,

uhereye ico gihe,

gushitsa ibihe vyose.

Ishaka ryUhoraho Mushoboravyose

ni ryo rizobishitsa.Uhoraho

Yaradukijije adukura mu bubasha bw’umwijima, adushira mu bwami bw’Umwana wiwe akunda. Muri we ni ho twaherewe ugucungurwa, ari kwo guharirwa ivyaha.

yakoresheje igihe yazura Kristo ikamukura mu bapfuye, ikamwicarika mu kibanza c’iteka i buryo bwayo ahantu ho mw’ijuru, hejuru y’ukuganza kwose n’ubukuru bwose, hejuru y’ubushobozi n’ubutegetsi bwose, hejuru y’izina ryose rishobora kuvugwa, haba muri iyi si y’uno musi canke mw’isi izoza.

Ariko twebwe iwacu ni mw’ijuru, ni ho twiteze ko Umukiza azozanana, ni Umwami Yesu Kristo. Azofata uwu mubiri wacu w’intege nke kandi upfa, akawuhindure umubiri w’ubwiza usa n’uwiwe, muri bwa bushobozi afise bumushoboza gushira vyose musi y’inganji yiwe.

Turabizi neza ko Kristo yazutse mu bapfuye, kandi ntazosubira gupfa. Urupfu nta bubasha rukimufiseko.

Ni co gituma abarongorwa na kamere kabo k’icaha badashobora guhimbara Imana na gatoya.

Ariko mweho, ntimurongorwa na kamere k’icaha, murongorwa na Mpwemu, nimba Mpwemu w’Imana aba muri mwebwe. Kandi umuntu wese adafise Mpwemu wa Kristo, si uwa Kristo.

Nk’uko muri Adamu bose bapfuye, muri Kristo bose bazogirwa bazima. Ariko hazoba urukurikirane mu kuzuka: Kristo yarazutse nk’ivyeze imbere y’ibindi; hanyuma abamukurikiye bose bazozuka niyagaruka. Inyuma y’aho hazoca haza umuhero wa vyose, aho azotanga Ubwami akabushikiriza Imana Data, amaze gusangangura ububasha bwose, ubutware bwose n’ubushobozi bwose. Kuko ategerezwa kuganza gushitsa ashize abansi biwe musi y’ibirenge vyiwe.

"Inganji n’igitinyiro ni ivy’Imana,

kandi ni yo itanga amategeko ahasumba amajuru.

Seja o primeiro
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-07-05_19-25-13-