Egoísmo
O egoísmo é o oposto do amor cristão. Jesus nos ensinou a negar a nós mesmos, tomar a cruz e segui-lo. A vida cristã é vida de entrega, serviço e generosidade.
Negar-se a si mesmo
Se alguém quer vir após mim, negue-se a si mesmo. O caminho de Cristo é o caminho da auto-entrega e do serviço.
Gukurikira Yesu
Nuko Yesu ahamagara abantu benshi bari ngaho hamwe n’abigishwa, ababwira ati: "Uwushaka kuba umwigishwa wanje wese, ategerezwa kwiheba, akikorera umusaraba wiwe akankurikira.
Irya kabiri ni iri: ‘Ukunde mugenzawe nk’uko wikunda.’ Nta bwirizwa ryoza riruta ayo."
si jewe nkiriho; ariko ni Kristo ariho muri jewe. Nkiri muri uwu mubiri, mbayeho mu kwizera Umwana w’Imana yankunze akitanga ku bwanje.
Ntihakagire ico mukora musunitswe n’ukwikunda canke n’ukwishira hejuru, ariko mu kwicisha bugufi, mushire abandi imbere.
Ariko mbona ko ubuzima bwanje atari ikintu c’agaciro kanini, ico nshaka ni kunonosora urugendo rwanje, no gusozera neza igikorwa Umwami Yesu yampaye co kubwira abantu Ubutumwa Bwiza bw’ubuntu bw’Imana.
Viver para os outros
Ninguém busque o próprio interesse, mas o do próximo. O amor não busca os seus próprios interesses.
Ntihakagire uwurondera ineza yiwe gusa, ariko twiteho no kugirira abandi neza.
Urukundo rurihangana, rugira neza, ntirugira ishari, ntirwihayagiza, kandi ntirwishira hejuru. Ntiruteza isoni abandi, ntirurondera inyungu zarwo, ntirutwarwa n’ishavu, kandi ntirubika ikibi.
Ntimwihende! Nimba muri mwebwe hari uwibaza ko ari umunyabwenge afatiye ku rugero rw’ubwenge bwo mw’isi, yari akwiye kuba ikijuju kugira ngo ashobore kuba umunyabwenge w’ukuri,
Dukwiye gufasha bagenzi bacu gukora ibibereye mu ntumbero yo kubafasha gukura mu kwizera.
Uwutanga aratunga,
kandi uwuhembura abandi na we azohemburwa.
Igipfu ntikinezerererwa ugutahura,
kinezerezwa n’ukugaragaza ivyiyumviro vyaco.
Hindukiriza umutima wanje ku vyo wihanikirije
ndawukure ku vy’inyungu mbi.
Kuko aho ishari n’ukwikunda vyiganziye, ni naho hari umuvurungano n’ibikorwa bibi vyose.