Encorajamento
O encorajamento é uma das vocações mais lindas do cristão. A Bíblia transborda de palavras de ânimo: não temas, levanta-te, Eu sou contigo. Deus nos encoraja para encorajarmos outros.
Não temas
Deus diz repetidamente: não temas, Eu sou contigo. Ele fortalece, sustenta e caminha ao nosso lado em cada desafio.
Nuko ntutinye kuko ndi kumwe nawe;
ntuhagarike umutima, ndi Imana yawe.
Nzogukomeza, nzogutabara,
nzokuzigamisha ukuboko kwanje kw’i buryo.
Niwaca mu mazi menshi,
nzoba ndi kumwe nawe;
niwaca mu nzuzi,
ntizizokurengera.
Niwaca mu muriro,
ntuzosha,
imbeya ntizizogutongora.
Kuko uri uw’agaciro, ukaba umwubahwa mu nyonga zanje;
kandi kubera ko nagukunze,
nzotanga abantu ku bwawe,
n’amahanga ku bw’ubuzima bwawe.
Ntutinye kuko ndi kumwe nawe;
nzokoranya abana bawe ndabakuye mu buseruko,
ndabegeranye bavuye mu burengero.
Ntutinye, kuko ntuzosubira guteterwa.
Kandi ntutinye kumaramara,
kuko isoni ntizizokwongera kukwica.
Ahubwo uzokwibagira ibimaramare vyo mu buto bwawe,
n’agakengerwe ko mu bupfakazi bwawe ntuzokibuka.
"Nihishuriye abatariko baranandondera;
mbonwa n’abatariko baranabaza ivyanje.
Ihanga ritigeze ryambaza izina ryanje
naribwiye nti: ‘Ndi hano, ndi hano!’
ariko abizigiye Uhoraho
bazokwama bongerwa inkomezi.
Bazoguruka mu kirere nk’abagurukisha amababa y’inkona,
bazokwiruka ntibaruhe,
bazogenda ntibacike intege.
Nca numva ijwi ry’Imana ribaza riti: "Ni nde notuma? Ni nde yogenda mu gishingo cacu?"
Nanje nca ndishura nti: "Ndi hano ntuma!"
None si jewe ndakwibaririye nti: Komera ushire ubwoba? Ntutinye, ntucike intege, kuko jewe Uhoraho Imana yawe nzojana nawe aho uzoja hose."
None si jewe ndakwibaririye nti: Komera ushire ubwoba? Ntutinye, ntucike intege, kuko jewe Uhoraho Imana yawe nzojana nawe aho uzoja hose."
Maze abantu bose bishura bati: "Guheba Uhoraho tugakorera izindi mana ntibikatubeko! Uhoraho Imana yacu ni we yatwikuriye muri Egiputa twe na ba sogokuru bacu, mu gihugu c’ubuja, akorera ibitangaza n’ibimenyetso mu maso yacu. Yaturinze urugendo rwose atuzigamira mu mahanga yose twaciyemwo.
Mushikame, mushire ubwoba. Ntimuzotinye ngo mucike intege kubera ayo mahanga, kuko Uhoraho Imana yanyu azojana namwe. Ntazobaheba, ntazobata."
Uhoraho wenyene azogendera imbere yanyu. Ntazobata, ntazobaheba. Ntutinye kandi ntucike intege."
Deus está conosco
Se Deus é por nós, quem será contra nós? Tudo posso naquele que me fortalece. Ele nos encoraja pela sua presença.
Mbega none tuvuge iki? Nimba Imana iri mu ruhande rwacu, ni nde yodutsinda?
kuko Mpwemu mwahawe atari uwo kubagira abagurano ngo mwongere gutinya; ahubwo mwakiriye Mpwemu abagira abana b’Imana. Uwo ni we atuma dusemerera, tukabwira Imana tuti: "Aba, Data."
Dukwiye gufasha bagenzi bacu gukora ibibereye mu ntumbero yo kubafasha gukura mu kwizera.
Imana, yo iduha kwihangana ikadutera intege, ibahe guhuza umutima n’inama nk’uko bibereye abakurikira Kristo Yesu,
Nipfuza kubagendera kugira ngo dusangire ingabire ziva kuri Mpwemu, zibakomeze mu Mwami. Ico ngomba ni ukubonana namwe kugira ngo ndabatere intege mu kwizera, maze nanje nterwe intege n’ukwizera kwanyu.
Nshobozwa vyose na Kristo ampa inkomezi.
Sinkekeranya ko Imana yatanguje ico gikorwa ciza muri mwebwe izokibandanya gushika ikirangije, ku musi Kristo Yesu azogarukirako.
Kuko uwuri muri Kristo Yesu aba abaye icaremwe gishasha, ivya kera biba biheze, ibishasha biba bishitse.
Ni co gituma tudacika intege, naho imibiri yacu iriko irashira, umuntu wacu w’imbere aguma yiyubura ku musi ku musi.
Kuko imibabaro yacu naho ari mito kandi y’akanya gato, ituzanira ubwiza bw’akaburarugero kandi buzokwamaho.
Ariko twebwe ubwacu tumeze nk’udukono tumeneka turimwo ubwo butunzi buhebuje. Ni co cerekana ko ubushobozi buhambaye bukorera muri twebwe buva ku Mana, atari kuri twebwe. Dushikirwa n’ingorane z’ubwoko bwose, ariko turi bazima. Turakehanirwa ariko ntiducika intege. Turahamwa ariko ntituva ku Mana. Dukubitwa hasi ariko ntidupfa. Mu mibabaro yacu, imibiri yacu isangira urupfu na Yesu kugira ngo ubuzima bwiwe bubonekere mu mibiri yacu. N’aho turi bazima, twama duhakwa kwicwa ku bwa Yesu, kugira ngo ubuzima bwiwe bubonekere mu mibiri yacu ipfa.
Nuko rero kuko tuzi ico ari co kwubaha Umwami, dukora ibishoboka ngo twemeze abantu. Ico turi kiragaragarira Imana, kandi nizera ko namwe kibagaragarira mu mitima yanyu. Ntituriko turondera kwemerwa namwe kandi, ariko dushaka kubaha akaryo ngo mwirate ku bwacu, kugira ngo muronke ico mwishura abishimira ibikorwa bihambaye bigaragarira amaso y’abantu ariko bitari mu mitima yabo. Nimba tuboneka nk’ibijuju, ni ukugira ngo duheshe Imana icubahiro. Ariko nimba tuboneka nk’abanyabwenge, ni ku neza yanyu. Kuko urukundo rwa Kristo ruratugobera. Kandi kubera tuzi ko Kristo yapfiriye bose, twese twarapfuye kuri kamere muntu kacu ka kera. Kandi yapfiriye bose kugira ngo ntihagire uwubaho yinezereza ariko abeho anezereza uwamupfiriye akanamuzukira.
Ni co gituma uhereye ubu ata we tuciyumvirako twisunze ubwenge bw’abantu. Naho kera Kristo twamwiyumvira twisunze ubwenge bw’abantu, ubu si ko bikiri. Kuko uwuri muri Kristo Yesu aba abaye icaremwe gishasha, ivya kera biba biheze, ibishasha biba bishitse. Kandi ivyo vyose biva ku Mana yo yaduhaye kwuzura na yo biciye muri Kristo, ica iduha n’igikorwa c’umwuzuzo. Kuko Imana yiyujuje n’isi muri Kristo itabaharuyeko ivyaha vyabo. Natwe yaduhaye ico gikorwa gihambaye co kuvuga ubutumwa bw’umwuzuzo. None rero turi ivyariho vya Kristo, Imana iriko ibingingira muri twebwe. Natwe turabinginga mu gishingo ca Kristo ngo mwuzure n’Imana. Imana yahinduye icaha uwutigeze acumura, ku neza yacu, kugira ngo muri we ducike ukugororoka kw’Imana.
Kuko iyo umuntu atanga n’umutima ubikunze, ico atanze cemerwa n’Imana uko nyene, ntimutegeka gutanga ico adafise.
Nihashimwe Imana, Se w’Umwami wacu Yesu Kristo, Data w’impuhwe n’ukwirura kwose, we aduha ukwirurwa mu bihe vy’imibabaro kugira ngo natwe twiruze abandi ukwirurwa twahawe n’Imana.
Ânimo nas lutas
No mundo tereis aflições, mas tende bom ânimo — Eu venci o mundo. O Senhor é refúgio seguro em toda tribulação.
Ibi ndabibabwiye kugira ngo mugire amahoro muri jewe. Muri iyi si muzohagirira amarushwa menshi, ariko nimuhumure jewe naranesheje isi."
Ibi ndabibabwiye kugira ngo mugire amahoro muri jewe. Muri iyi si muzohagirira amarushwa menshi, ariko nimuhumure jewe naranesheje isi."
Amahoro yanje ndayabasigaranye, kandi amahoro yanje ndayabahaye. Jewe singaba nk’uko isi igaba. Ni co gituma mudakwiye guhagarika imitima canke ngo mugire ubwoba.
Amahoro yanje ndayabasigaranye, kandi amahoro yanje ndayabahaye. Jewe singaba nk’uko isi igaba. Ni co gituma mudakwiye guhagarika imitima canke ngo mugire ubwoba.
Nta bwoba buba mu rukundo. Urukundo nyakuri rwirukana ubwoba bwose, kuko ubwoba buterwa no gutinya igihano. Umuntu atinya ntaba azi urukundo rushitse.
Promessas de conforto
Vinde a mim os cansados e sobrecarregados. Lança sobre Ele tuas ansiedades, pois Ele cuida de ti.
Nimuze kuri jewe mwese abarushe n’abaremerewe n’imitwaro, ndabaruhura.
Ntimugatinye abashobora kwica umubiri ariko badashobora kwica ubugingo. Ahubwo, mutinye Imana, kuko yo ishobora guhonya ubugingo n’umubiri, ikabita muri Gehinomu.
Uremeke imitwaro yawe Uhoraho
na we azogushigikira;
ntazokwigera areka
umugororotsi ngo anyiganyizwe.
Mbere naho noca mu mwonga w’umwijima w’urupfu,
sinzogira ikibi ntinya,
kuko uri kumwe nanje;
inkoni yawe n’ubuhiri bwawe
ni vyo binkingira bikampumuriza.
Mbere naho noca mu mwonga w’umwijima w’urupfu,
sinzogira ikibi ntinya,
kuko uri kumwe nanje;
inkoni yawe n’ubuhiri bwawe
ni vyo binkingira bikampumuriza.
Uhoraho ni we muco wanje n’agakiza kanje;
none notinya nde?
Uhoraho ni igihome kinkingira;
none ni nde yontera ubwoba?
Urorere Uhoraho;
ukomere ureme mu mutima
kandi urorere Uhoraho.
Nimukomere mureme mu mitima,
yemwe mwese abizigira Uhoraho.
Nzokwigisha ndakwereke inzira ukwiye kujana;
nzokugira inama ndaguhozeko ijisho ryanje.
Imana ni yo buhungiro bwacu n’inkomezi
ni umufasha atabura guseruka mu magorwa.
Ni co gituma tutazotinya, naho isi yonyiganyiga
n’imisozi ikagwa mw’ibenga ry’ikiyaga,
naho amazi yaco yosuriranya akuzura ifuro
agatera n’imisozi kunyiganyiga.
Igihe cose ngize ubwoba, ni wewe nizigira.
Nshimira Imana ivyo yasezeranye.
Imana ni yo nizigira singire ubwoba.
Mbe abantu buntu bongira iki?
Ukugira neza kw’Uhoraho Imana yacu kube kuri twebwe
ukomeze igikorwa c’intoke zacu;
egome, komeza igikorwa c’intoke zacu.
Ndunamurira amaso yanje ku misozi;
ugutabarwa kwanje kuva hehe?
Ugutabarwa kwanje kuva k’Uhoraho,
Umuremyi w’ijuru n’isi.
Amaso yanje ndayahanga Uhoraho imisi yose.
Ko ari i buryo bwanje, sinzonyiganyizwa.
Uhoraho abera ubuhungiro impahazwa,
ni igihome co guhungiramwo mu gihe c’ivyago.
Abazi izina ryawe bazokwizigira,
kuko wewe, Uhoraho, ntiwigeze uheba abakurondera.
Muyikorere ingorane zanyu zose kuko irabitayeho.
Ni co gituma mukwiye kunezerwa, kuko naho ubu mutegerezwa kwihanganira imibabaro y’uburyo bwinshi ariko y’akanya gato, mu nyuma hari umunezero mwinshi.
None ni nde azobagirira nabi mu gihe mufise ishaka ryo gukora ivyiza? Ariko naho mwobabazwa muhorwa gukora ivyiza, Imana izobibahezagirira. "Ntimugatinye abantu kandi ntimugahagarike imitima yanyu."
Encorajar uns aos outros
Encorajai-vos mutuamente e edificai-vos uns aos outros. Não desanimemos — a bondade do Senhor é nova a cada manhã.
None rero muremeshanye mwongere mukomezanye, nk’uko musanzwe muriko murabikora.
None rero muremeshanye mwongere mukomezanye, nk’uko musanzwe muriko murabikora.
Kandi turondere ingene twoterana intege zo gukundana no gukora ibikorwa vyiza. Kandi ntiduhebe gukoranira hamwe, nk’uko bamwe babigira, ahubwo duterane intege, na canecane ubu mubona ko umusi wo kugaruka kwiwe wegereje.
Ntimugakunde amahera mu kubaho kwanyu, ahubwo mubumbwe n’ivyo mufise. Kuko Imana yavuze iti:
"Sinzokwigera ndaguta;
sinzokwigera ndaguheba."
Ni co gituma tuvuga ata bwoba tuti:
"Uhoraho ni we mutabazi wanje; sinzotinya.
None abantu buntu bongira iki?"
None bene Data nkunda, mushikame ntihagire ikibanyiganyiza. Mwiyegurire imisi yose gukorera Umwami wacu kuko muzi neza ko ibikorwa vyanyu atari impfagusa mu Mwami.
Mube maso, mushikame mu kwizera, mube abagabo, mugire umwete, mugire umutima rugabo.
Mube maso, mushikame mu kwizera, mube abagabo, mugire umwete, mugire umutima rugabo.
Kuko Imana itaduhaye Mpwemu w’ubwoba, ariko yaduhaye Mpwemu w’ububasha, w’urukundo kandi wo kuganza ingeso zacu.
Dawidi arongera abwira Salomo umwana wiwe ati: "Shikama ushire amanga, ukore ico gikorwa. Ntutinye canke ngo wihebure, kuko Uhoraho Imana, ari yo Mana yanje, iri kumwe nawe. Ntizoguta kandi ntizoguhemukira gushika aho igikorwa co kwubaka Ingoro y’Uhoraho kizoherera.
Uhoraho Imana yawe ari kumwe nawe,
ni umuhizi mu ntambara, ashoboye gukiza.
Azogira umunezero mwinshi ku bwawe,
mu rukundo rwiwe, ntazokwongera kugukankamira,
ariko, azokunezererwa akoresheje indirimbo.
Kuko nzi imigambi ndabafitiye," ni ko Uhoraho avuze, "ni imigambi yo kubateza imbere, si iyo kubagirira nabi, ni imigambi yo kubaha ivyizigiro muri kazoza.
Ico umuntu akora kimuzanira inyungu,
ariko amajambo yonyene azana amapfa.
Arababwira ati: "Nimunkurikire, nzobagira abarovyi b’abantu." Ubwo nyene baca basiga ngaho insenga zabo, baramukurikira.
Deus chama pelo nome
Ao longo da Bíblia, Deus chamou seus servos pelo nome — Abraão, Moisés, Samuel, Paulo — encorajando cada um pessoalmente.
Mw’ijoro, Imana ivugana na we mu nzozi iti: "Yakobo! Yakobo!"
Aritaba ati: "Sabwe!"
Maze muri iyo ndoto umumarayika w’Imana arampamagara ati: ‘Yakobo.’ Nanje nditaba nti: ‘Sabwe.’
Ariko umumarayika w’Uhoraho amuhamagara ari mw’ijuru ati: "Aburahamu! Aburahamu!"
Na we ati: "Sabwe!"
Uhoraho abonye Mose agiye kwegera ngo arabe, Imana ica iramuhamagara iri muri ca gisaka, iti: "Mose! Mose!" Mose na we ati: "Sabwe!"
Ariko Eli aramuhamagara amubwira ati: "Samweli mwana wanje."
Samweli arishura ati: "Sabwe!"
I Damasiko hariho umwigishwa wa Yesu yitwa Ananiya. Maze Umwami Yesu aramwiyereka mu nzozi, aramuhamagara ati: "Ananiya!"
Na we arishura ati: "Sabwe Mwami!"
Mariya aramwishura ati: "Jewe ndi umusavyikazi w’Umwami Imana, nibimbere nk’uko ubivuze." Maze uwo mumarayika aca amusiga aho aragenda.
Mbega utunyoni dutanu ntitugurwa ubusa bw’amahera? Ariko Imana ntiyibagira na kamwe muri two. Mbere n’imishatsi yo ku mitwe yanyu yaraharuwe yose. Nuko rero ntimutinye, kuko musumvya agaciro utunyoni twinshi.