Publicidade

Esperar no Senhor

Por Bíblia Online

Esperar no Senhor é ato de fé e confiança. A Bíblia promete que os que esperam em Deus renovam as forças, recebem direção e experimentam a fidelidade divina no tempo certo.

Renovar as forças

Os que esperam no Senhor renovam as forças. Sobem como águias, correm e não se cansam, caminham e não se fatigam.

ariko abizigiye Uhoraho

bazokwama bongerwa inkomezi.

Bazoguruka mu kirere nk’abagurukisha amababa y’inkona,

bazokwiruka ntibaruhe,

bazogenda ntibacike intege.

Ariko Uhoraho aripfuza kubagirira imbabazi;

ku bw’ivyo azohaguruka kugira ngo abereke impuhwe,

kuko Uhoraho ari Imana y’ukugororoka.

Hahiriwe abamwiteze.

Urorere Uhoraho;

ukomere ureme mu mutima

kandi urorere Uhoraho.

Ico nizigiye ntakekeranya ni iki:

Nzobona ukugira neza kwUhoraho

nkiri mw’isi y’abazima.

Urorere Uhoraho;

ukomere ureme mu mutima

kandi urorere Uhoraho.

Uhoraho ni we muco wanje n’agakiza kanje;

none notinya nde?

Uhoraho ni igihome kinkingira;

none ni nde yontera ubwoba?

Abanyakibi nibantera

ngo bamire miyonzwa,

abansi banje n’abangwanya

ni bo bazotsitara batembe.

Naho ingabo zontera,

umutima wanje worema;

naho intambara yokwaduka intumbereye,

naho nyene norema.

Ico nsaba Uhoraho ni kimwe,

kandi ni co conyene ndondera:

ni ukuba mu Ngoro yUhoraho

imisi yose yo kubaho kwanje,

ngo nihweze ubwiza bwUhoraho,

ndamurondera mu rusengero rwiwe.

Kuko ku musi w’amagorwa

azonzigama amahoro mu Ngoro yiwe;

azompisha mu bwihisho bwo mw’ihema ryiwe

anshire hejuru ku rutare.

Maze umutwe wanje uzoshirwa hejuru

nsumbe abansi banje bankikije;

nzomushikanira ikimazi mw’ihema ryiwe ryera n’akamo k’umunezero;

nzoririmba ncurarangire Uhoraho.

Uhoraho, unyumve ninakwambaza;

ungirire imbabazi unyishure.

Umutima wanje ukuvugako uti: "Rondera mu nyonga hiwe!"

Mu nyonga hawe ndaharondera, ewe Uhoraho.

Ntumpishe mu nyonga hawe,

ntuhebe umusavyi wawe kubera uburake;

wamye uri umutabazi wanje,

ntunte canke ngo umpebe,

ewe Mana Mukiza wanje.

Naho data na mama bonta,

Uhoraho azonyitorera.

Nyigisha inzira yawe, ewe Uhoraho;

undongorere mu nzira igororotse

kubera abansi bankikije.

Ntundeke ngo ngwe mu vyo bipfuza,

kuko ivyabona vy’ibinyoma vyampagurukiye,

bavuga ivy’iterabwoba no kungirira nabi.

Ico nizigiye ntakekeranya ni iki:

Nzobona ukugira neza kwUhoraho

nkiri mw’isi y’abazima.

Urorere Uhoraho;

ukomere ureme mu mutima

kandi urorere Uhoraho.

Espera paciente

Esperei com paciência no Senhor e Ele se inclinou para mim. Confie nele e descanse — Ele agirá no tempo certo.

Narorereye Uhoraho nihanganye;

na we arahindukira yumva ugutakamba kwanje.

Yankuye mu cobo c’ukwihebura,

ankura mu vyondo binyika;

ashinga ibirenge vyanje ku rutare

ampa aho guhagarara hakomeye.

Yashize indirimbo nsha mu kanwa kanje,

indirimbo y’ishimwe ry’Imana yacu.

Benshi bazobibona bubahe Uhoraho

maze bamwizigire.

Hahiriwe umuntu

yizigira Uhoraho,

ntashire amaso ku bibone,

canke ku bahindukirira ibigirwamana.

Uhoraho Mana yanje,

ibitangaza wakoze ni vyinshi,

ivyo waduteguriye.

Nta cogereranywa nawe;

novuga ibikorwa vyawe,

vyoba vyinshi cane sinobimara.

Ibimazi n’amashikanwa si vyo washatse;

ariko wuguruye amatwi yanje;

ibimazi bituriwe n’ibimazi vy’ivyaha ntivyaguhimbaye.

Nuko ndavuga nti: "Ndi hano, ndaje; ni ko vyanditswe kuri jewe,

mu muzingo w’igitabu,

ndipfuza gukora ivyo ugomba, Mana yanje;

ivyagezwe vyawe biri mu mutima wanje."

Ndamamaza ibikorwa vyawe vyo kugororoka mw’ikoraniro rinini;

sincereza, ewe Uhoraho,

nk’uko ubizi.

Sinyegeza ukugororoka kwawe mu mutima wanje;

ndavuga ukwizigirwa kwawe n’ugutabara kwawe.

Sinshira mu gisimbo urukundo rwawe n’ukwizigirwa kwawe

ngo ndabihishe mw’ikoraniro rinini.

Ntunkureko imbabazi zawe, ewe Uhoraho;

urukundo rwawe n’ubwizigirwa kwawe vyame binzigama.

Kuko ivyago bitagira igitigiri binkikije;

ivyaha vyanje biramfashe, nanje nta vyo mbona.

Ni vyinshi nk’umushatsi wo ku mutwe wanje,

n’umutima wanje ucitse intege.

Uhoraho we, emera kunkiza;

Uhoraho, tebuka untabare.

Abagomba kunyica

nibamaramare bakorwe n’isoni;

abipfuza ko nohona bose

nibasubizwe inyuma bateterewe.

Turindiriye Uhoraho twihanganye;

kuko ari umutabazi wacu n’inkinzo yacu.

Imitima yacu inezererwa muri we,

kuko twizigiye izina ryiwe ryera.

Urukundo rwawe rudashira rubane natwe, ewe Uhoraho,

kuko ari wewe twizigiye.

Niteze Uhoraho, ubugingo bwanje bwose buramwiteze

kandi ivyizigiro vyanje biri kw’ijambo ryiwe.

Niteze Imana

kurusha uko abararirizi barindira ko buca,

kurusha uko abararirizi barorera ko buca.

Ego cane, mutima wanje, ruhukira mu Mana;

ivyizigiro vyanje biva kuri yo.

Wizigire Uhoraho

ugume mu nzira yiwe.

Azogushira hejuru uragwe igihugu,

abanyakibi bazohona ubiraba.

Confiança e perseverança

Confie no Senhor de todo o coração. Sede pacientes na tribulação — o Senhor é fiel e cumprirá todas as suas promessas.

Wizigire Uhoraho n’umutima wawe wose,

ntiwishimire ugutahura kwawe.

Wame urondera ugushaka kwiwe mu vyo ukora vyose,

na we azogorora inzira zawe.

Ikigeretseko, n’iyo duciye mu mibabaro, turanezerwa kuko tuzi yuko ivyo bituma tumenyerezwa kwihangana. Ukwo kwihangana gutuma tugwiza inkomezi zo mu mutima, izo na zo zikaduha kugumana ivyizigiro.

Turanabasengera ngo mukomezwe n’ubushobozi bwose bw’ubwiza bwiwe, kugira ngo mushobore kwihanganira vyose no kurindirana umunezero,

Ukwihanganira imibabaro

Nuko rero bene Data, mwihangane gushika aho Umwami wacu azozira. Raba ingene umurimyi arindira ko umurima wiwe wera ivyimburwa kandi arorera yihanganye imvura y’agatasi n’iyimpeshi. Namwe nimwihangane kandi muhagarare mushikamye, kuko ukuza k’Umwami kuri hafi.

Nk’uko mubizi, abashoboye kwihangana tubita abahirwe. Mwarumvise ukwihangana kwa Yobu kandi mwarabonye ivyo Umwami Imana yamuhaye mu nyuma. Umwami Imana yuzuye impuhwe n’ikigongwe.

Ubu rero ko mwiyejeje mu kwumvira ukuri, bigatuma mugiriranira urukundo ruva ku mutima vy’ukuri, nimukundane cane nk’abavukana kandi n’imitima yanyu yose. Ubu mwaravutse ubwa kabiri, ntimwavukiye ubuzima bw’akanya gato. Ubuzima bwanyu bushasha ni ubw’ibihe bidashira kuko buva ku mbuto itabora, ari ryo jambo rizima ry’Imana rihoraho. Nk’uko Ivyanditswe bivuga ngo:

"Abantu bose bameze nk’ivyatsi;

kandi ubwiza bwabo bwose

bumeze nk’amashurwe yo ku misozi;

ivyatsi biruma, amashurwe agahungurukira hasi,

ariko ijambo ry’Uhoraho

ryo rihoraho ibihe vyose."

Kandi iryo jambo ni bwo Butumwa Bwiza mwabwiwe.

Imana ntitebeje gushitsa isezerano ryayo, nk’uko bamwe biyumvira ko iritebeje. Yihanganira mwebwe, kuko idashaka ko hari n’umwe aranduka, ariko ishaka ko bose bashika ku kwihana.

Umugani w’inkumi cumi

Yesu abandanya avuga ati: "Ico gihe Ubwami bw’ijuru buzoba bugereranywa n’inkumi cumi zateguye amatara yazo ngo zije gusanganira umukwe. Batanu muri bo bari abanyabwenge buke abandi batanu bari abanyabwenge. Abo batanu b’abanyabwengebuke batwaye amatara yabo, ariko ntibajana amavuta. Bamwe batanu b’abanyabwenge bobo batwaye amatara yabo, hamwe n’ayandi mavuta mu macupa. Umukwe agitevye, bose bararambirwa, batangura gusinzira.

Ijoro ryitereye, humvikana ijwi risemerera ngo: Ng’uwo umukwe araje nimumusanganire.

Za nkumi zose ziravyuka zitunganya amatara yazo. Ba banyabwengebuke babwira abanyabwenge bati: Nimuduhe ku mavuta yanyu kuko amatara yacu agira azime.

Na bo barabishura bati: Ntibishoboka kuko twohava tudakwirwa twese, ahubwo nimugende ku bayagurisha mwigurire.

Maze bagiye kugura ayo mavuta, umukwe aca arashika, abari biteguye binjirana na we mu musi mukuru w’ubukwe, hanyuma umuryango urugarwa.

Mu nyuma, za nkumi z’abanyabwenge buke zigarutse, zihagarara hanze, zirahamagara ziti: Nyakwubahwa, nyakwubahwa twugururire!

Na we arabishura ati: Ndababwire ukuri, sindabazi!

Nuko rero mube maso, kuko mutazi umusi n’isaha.

Seja o primeiro
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-07-05_19-25-13-