Pular para o conteúdo
Publicidade

Família de Deus

Por Bíblia Online

A família de Deus transcende laços de sangue. Em Cristo, somos adotados como filhos, irmãos uns dos outros e membros de uma família eterna — a Igreja.

Adotados por Deus

Recebemos o espírito de adoção pelo qual clamamos: Abba, Pai! Se filhos, também herdeiros — herdeiros de Deus e co-herdeiros com Cristo.

kuko Mpwemu mwahawe atari uwo kubagira abagurano ngo mwongere gutinya; ahubwo mwakiriye Mpwemu abagira abana b’Imana. Uwo ni we atuma dusemerera, tukabwira Imana tuti: "Aba, Data." Kuko Mpwemu ubwiwe avugana n’impwemu yacu akatwemeza ko turi abana b’Imana. Kandi ko turi abana, turi n’abaragwa: turi abaragwa b’Imana, abaraganwa na Kristo. Ariko nimba dushaka gusangira na we ubwiza bwiwe, dutegerezwa gusangira n’umubabaro wiwe na wo.

Maze igihe gikwiye kigeze, Imana irungika Umwana wayo, avyagwa n’umugore, avukira mu vyagezwe, kugira ngo acungure abaganzwa n’ivyagezwe, yongere atugire abana biwe bwite. Kandi kubera turi abana bayo, Imana yarungitse Mpwemu w’Umwana wayo mu mitima yacu. Ni we Mpwemu atuma dusemerera tuvuga tuti: "Aba, Data." Nuko rero ntimukiri abagurano, ariko muri abana b’Imana bwite. Kandi ko muri abana b’Imana bwite, Imana yabagize abaragwa.

Mwese muri abana b’Imana kubera kwizera Kristo Yesu, kuko ababatijwe muri Kristo mwese mwambaye Kristo. Nta Muyuda canke Umugiriki, nta mugurano canke uwidegemvya, nta mugore canke umugabo, mwese muri umwe muri Kristo Yesu.

yari yaramaze gufata ingingo yo kutugira abana bayo biciye kuri Yesu Kristo. Ibi ni vyo yashaka kandi vyarayinezereye. Ni co gituma duhimbaza Imana kubera ubwiza bw’ubuntu bwayo yatugiriye biciye mu Mwana wayo ikunda.

Pawulo asengera Abanyefeso

Ni co gituma mpfukama imbere ya Data, uwo imiryango yose yo mw’ijuru n’iyo mw’isi ikomokako.

Ariko abamwakiriye bose, bakizera izina ryiwe, yabahaye uburenganzira bwo guhinduka abana b’Imana. Abo ntibavyawe mu buryo busanzwe, biciye mu kwipfuza kw’umubiri canke mu gushaka kw’umugabo; ahubwo bavyawe n’Imana.

A comunidade de fé

Não abandonem a congregação. Somos um corpo em Cristo, membros uns dos outros, chamados a amar e a servir.

Kandi ntiduhebe gukoranira hamwe, nk’uko bamwe babigira, ahubwo duterane intege, na canecane ubu mubona ko umusi wo kugaruka kwiwe wegereje.

Mwihanganire uku guhabwa indero n’Imana, muzi ko ivyo ibikorera abana bayo bwite. Mwoba mumaze kubona umwana se adahana? Nimba Imana itabahana, nk’uko ibikorera abana bayo bose, ivyo bisigura ko muri ibivyarwa, mutari abana bayo vy’ukuri. Nimba ba data bo kw’isi baraduhana tukabubaha, dukwiye kurushiriza kugamburukira Data w’impwemu, kugira ngo tubeho. Ba data baduhanye igihe gito, nk’uko biyumvira ko bikenewe. Ariko Imana ibikora ku neza yacu, kugira ngo dusangire na yo ukwera.

ni ko no mu mubiri wa Kristo bimeze: turi ibihimba vyinshi bigize umubiri umwe, kandi kuri wo, twese tuba dufatanye.

Iyo hagize igihimba kimwe kigwara, ibindi vyose bigwarana na co. Kandi iyo igihimba kimwe cubashwe, ibindi vyose binezeranwa na co.

Kubera ivyo rero, mwebwe ntimukiri Abanyamahanga na ba kavantara, ariko muri abasangiye ubwenegihugu n’abera b’Imana kandi muri abo mu nzu yayo. Mwubatswe kw’itanguriro rigizwe n’intumwa n’abavugishwa, Kristo Yesu akaba ari we buye rigumya imfuruka. Muri we turafatanijwe neza kugira ngo tube urusengero rwejejwe rw’Umwami Imana. Kandi muri we namwe muriko murubakwa mufatanywa ngo mube Ingoro aho Imana iba biciye muri Mpwemu wayo.

Quem é minha família?

Jesus disse: quem faz a vontade de Deus, esse é meu irmão e irmã. A família de Deus inclui todos os que creem.

Arababaza ati: "Mama ni nde kandi bene mama ni ba nde?"

Nuko yihweza abari bamukikije, avuga ati: "Aba ni bo mama kandi ni bo bene mama. Uwukora ivyo Imana ishaka wese ni we mwene mama kandi ni we mama."

Kandi umugurano ntafise ikibanza gihoraho mu muryango, ariko umwana yama ari uwo mu muryago wiwe.

Yesu arababwira ati: "Iyo Imana ija kuba ari yo So, mwari kunkunda, kuko naje hano ntumwe na yo. Sinaje nirungitse, ni Imana yantumye.

Ivyerekeye Abapfakazi, Abageze mu zabukuru n’Abaja

Ntugakankamire umutama, ariko umuhanure umwubashe nk’aho ari so. Abakiri bato ubafate nk’abo muvukana, abatamakazi ubafate nk’abavyeyi bawe, abagore bakiri bato ubafate nka bashiki bawe, kandi ubikore mu kwera kwose.

Nimurabe urukundo Data yadukunze kugeza aho atwita abana biwe! Kandi koko turi bo! Igituma ab’isi batazi ko turi abana n’Imana ni uko batayimenye. Bakundwa, turi abana b’Imana, ariko uko tuzomera Kristo niyagaruka ntikuramenyekana. Ico tuzi ni uko tuzosa na we, kuko tuzomubona uko ari.

None rero, uko akaryo kose kabonetse, tugirire neza bose, na canecane abo mu nzu y’abizera.

Seja o primeiro