Fim do mundo
A Bíblia fala sobre o fim do mundo como evento certo e definitivo. Céus e terra passarão, mas as palavras de Jesus jamais passarão. A questão não é se, mas quando.
Os céus passarão
Os céus e a terra passarão, mas as palavras de Jesus permanecerão para sempre. O mundo presente é temporário.
Ijuru n’isi bizokurwaho, ariko amajambo yanje ntazovaho.
Ubwo nyene, inyuma y’ivyo vyago vyo muri iyo misi,
‘izuba rizocura umwijima,
n’ukwezi ntikuzosubira kubonesha,
inyenyeri zizokoragurika ziva kw’ijuru,
n’ivy’inkomezi biri mu kirere bizonyiganyizwa.’
Ariko ku bijanye n’umusi canke isaha, baba abamarayika bo mw’ijuru canke Umwana ubwiwe, nta n’umwe abizi uretse Data wenyene.
Ariko ku bijanye n’umusi canke isaha, baba abamarayika bo mw’ijuru, canke Umwana ubwiwe, nta n’umwe abizi uretse Data wenyene.
O dia do Senhor
O dia do Senhor virá como ladrão. Os céus passarão com grande estrondo, e os elementos se dissolverão no fogo.
Ariko umusi Umwami wacu azogarukirako uzoshika nk’igisuma. Amajuru azozimangana mu kwasana guhambaye cane; ibiri mu kirere bizotongorwa n’umuriro, kandi isi n’ibiri muri yo vyose bizocirwa urubanza.
Bivuye muri iryo jambo nyene, amajuru y’ubu n’isi y’ubu bibikiwe kuzotongorwa n’umuriro, birindirijwe uwo musi wo guca imanza no guhonya abatubaha Imana.
None ko ivyo vyose bizosamburwa nk’uko, mukwiye kumera mute? Mukwiye kwubaha Imana mu ngeso zanyu mu kurindira uwo musi w’Imana no gukora ibishoboka ngo ushike vuba. Uwo musi uzotuma amajuru asamburwa n’umuriro, kandi ibiri muri yo bitongorwe n’ikibengebenge gikomeye c’umuriro.
Bene Data, ku vyerekeye imisi n’ibihe ivyo bizoshikirako, ntitwari dukwiye no kurinda kubibandikira, kuko musanzwe muzi neza ko umusi Umwami wacu azogarukirako uzoshika nk’igisuma mw’ijoro. Igihe abantu bazoba bavuga bati: "Ni amahoro, nta nkomanzi," ni ho ugutikizwa kuzobashikako giturumbuka, kurya umugore yibungenze afatwa n’ibise, kandi nta wuzorokoka.
Ariko mweho bene Data, kuko mutari mu mwijima, uwo musi ntuzobashikako giturumbuka nk’igisuma. Mwese muri abana b’umuco n’abana b’umurango. Ntituri ab’ijoro, kandi ntituri ab’umwijima.
Ariko mweho bene Data, kuko mutari mu mwijima, uwo musi ntuzobashikako giturumbuka nk’igisuma. Mwese muri abana b’umuco n’abana b’umurango. Ntituri ab’ijoro, kandi ntituri ab’umwijima. Ni co gituma tudakwiye kwifata nk’abandi basinziriye. Twame turi maso, twirinde akaborerwe. Kuko abaryama baryama mw’ijoro, kandi n’ababorerwa baborerwa mw’ijoro. Ariko ko turi ab’umurango, muze tugendane ubwenge, twambaye ukwizera n’urukundo nk’icuma gikingira igikiriza, n’ivyizigiro vy’agakiza nk’inkofero y’icuma. Kuko Imana itadushiriyeho kuzorakirwa na yo, ariko yadushiriyeho kuronka agakiza mu Mwami wacu Yesu Kristo.
Destruição e renovação
O Dia do Senhor trará juízo sobre os ímpios, mas também novos céus e nova terra onde habita a justiça.
Umusi uhambaye w’Uhoraho uri hafi,
uri hafi kandi uje wihuta.
Amarira yo ku musi w’Uhoraho azoba ateye agahinda,
aho n’umuhizi mu ntambara azoboroga.
Uwo musi uzoba ari umusi w’uburake,
umusi w’amarira n’imibabaro,
umusi w’ivyago no guhona,
umusi w’umwijima w’umuzitanya,
umusi w’igipfungu n’ukwiraburanirwa,
umusi w’inzamba n’akaruru k’intambara,
yo kugwanya ibisagara bizitiriwe
n’iminara yo mu mfuruka zavyo.
Nzoteza ivyago amahanga,
agende arajuragirika kurya kw’impumyi,
kuko bacumuye k’Uhoraho.
Amaraso yabo azoseswa hasi nk’amazi,
n’imibiri yabo ibore nk’umwavu.
Ifeza zabo canke inzahabu zabo
nta na kimwe kizoshobora kubakiza,
ku musi w’uburake bw’Uhoraho."
Mu kururumba kw’ishari ryiwe
isi yose iyo iva ikagera, izotongorwa n’umuriro,
kuko azoshiraho iherezo mu buryo bwihuta
ry’abantu bose bari kw’isi.
Ehe raba umusi w’Uhoraho urashitse,
umusi w’uburake bw’inkazi buteye ubwoba.
Azotikiza igihugu gicike ubugaragwa,
abanyavyaha bashirane na co.
Yuguruye ica gatandatu, haba nyamugigima. Izuba rica ricura umwijima, risa n’igunira rikozwe mu bwoya bw’impene, ukwezi gutukura nk’amaraso, inyenyeri zo kw’ijuru zikoragurikira kw’isi nk’ivyamwa vy’insukoni bikoroka biva ku giti kinyiganyijwe n’umuyaga w’igihuhusi.
Ca gisato, ari co kiyoka ca kera citwa Umubi canke Satani, uwuzimiza isi yose, gikororerwa kw’isi n’abamarayika baco bose.
Hazoba ibimenyetso ku zuba, ku kwezi no ku nyenyeri. Kw’isi na ho, amahanga azogira ubwoba abure uko agira, kubera ukubomborana kw’amazi yo mu biyaga hamwe n’imipfunda. Imitima y’abantu izohagarara bishwe n’ubwoba, babonye ibigira bishike kw’isi, kuko ivy’inkomezi biri mu kirere bizonyiganyizwa.
Nuko rero mwame maso, musenge kugira ngo muze muronke inkomezi zibashoboza kurengana ivyo vyose, no kugira ngo muze mushobore guhagarara imbere y’Umwana w’Umuntu."
Hanyuma nca mbona ijuru rishasha n’isi nshasha, kuko ijuru rya mbere n’isi ya mbere vyari vyakuweho, kandi nta n’ikiyaga cari kikihari. Nca mbona n’Igisagara Cera, Yerusalemu nshasha, yururuka ivuye mw’ijuru ku Mana, uteguwe nk’umugeni yambitswe neza, ateguriwe umugabo wiwe. Nca numva ijwi rirenga rivuye kuri ya ntebe y’inganji, rivuga riti: "Ehe raba inzu y’Imana iri mu bantu, kandi izobana na bo. Bazoba abantu bayo, kandi Imana ubwayo izobana na bo, ibe Imana yabo. Izobahanagura amosozi yose ku maso yabo. Nta rupfu canke kugandara, nta kurira canke kubabara bizoba bikiriho, kuko ivya kera bizoba bikuweho."
Uwari yicaye ku ntebe y’inganji aravuga ati: "Ehe vyose ndabihinduye bishasha!" Aca ambwira ati: "Andika ibi mvuze, kuko aya majambo ni ayo kwizigirwa kandi ni ay’ukuri."