Gentileza
A gentileza é fruto do Espírito e marca do cristão maduro. Palavras suaves, gestos de bondade e amor ao próximo — a Bíblia nos chama a tratar todos com graça e compaixão.
Seja gentil
A vossa gentileza seja conhecida de todos. A palavra branda desvia a ira, e a boa conduta atrai os que estão distantes.
Ubugwaneza bwanyu bumenywe n’abantu bose, kuko Umwami wacu ari hafi.
Inyishu yiyoroheje ihwamika uburake,
ariko ijambo ribi rivyura ishavu.
Amajambo meza ameze nk’ikimamara c’ubuki,
aryohera umutima, akavura amagufa.
Mugire ubwenge ku kuntu mubana n’abantu bo hanze; kandi mukoreshe neza akaryo kose muhawe. Ibiyago vyanyu bibe vyuzuyemwo ubuntu, birunzwe umunyu, kugira ngo mumenye uko mwishura umuntu wese.
Nuko rero nk’abatoranijwe n’Imana, bera kandi bakundwa cane, mwambare umutima w’ikigongwe, ubugwaneza, guca bugufi, ubwitonzi no kwihangana.
Gentileza como fruto
O fruto do Espírito inclui bondade e amabilidade. Amem uns aos outros com afeição fraternal e tratem bem a todos.
Ariko ivyamwa vya Mpwemu Yera ni ibi: urukundo, umunezero, amahoro, ukwihangana, ingeso nziza, kugira neza, ubwizigirwa, ubugwaneza, n’ukwirinda. Ibi nta cagezwe kibibuza.
None rero, uko akaryo kose kabonetse, tugirire neza bose, na canecane abo mu nzu y’abizera.
Tubandanye gukundana nk’abavukana. Ntimwibagire kwakirana urukundo ingenzi, kuko bamwe mu babikoze bakiriye abamarayika batabizi.
Twirinde rero guciranira imanza. Ahubwo, twigire inama yo kutagira ikintu na kimwe dukora cotsitaza canke kikagwisha mu caha mwene Data wundi.
Ntuze ugirire urwanko mu mutima wawe abo mu bwoko bwanyu. Ariko uze wihanize mugenzawe ariko arakora ikibi kugira ngo ntuhave usangira na we icaha ciwe.
Ntuze wihore canke ngo ugumanire inzigo uwo mu bwoko bwanyu, ariko uze ukunde mugenzawe nk’uko wikunda. Ndi Uhoraho.
"Uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze: ‘Nimuce imanza zibereye; mugire imbabazi mubabarane. Ntimucinyize umupfakazi n’impfuvyi, inyambukira canke umukene. Ntimugire inama yo kugirira abandi nabi.’
Ndababwire ukuri, umuntu wese yakira intumwa yanje aba anyakiriye; kandi uwunyakiriye aba yakiriye uwantumye."