Guardar o coração
Guardar o coração é o mandamento mais urgente de Provérbios. Sobre tudo o que se deve guardar, guarda o teu coração, porque dele procedem as fontes da vida.
Sobre tudo, guarda o coração
O coração é a nascente de tudo — pensamentos, desejos, decisões. Guardá-lo é proteger toda a vida espiritual e emocional.
Urinde umutima wawe kuruta ibindi vyose,
kuko muri wo ari ho hari isoko y’ubugingo.
Mwana wanje, numpe umutima wawe,
kandi amaso yawe uyagumize ku nzira zanje.
Mwana wanje, ntuze wibagire ivyo nakwigishije,
ahubwo uzigame amabwirizwa yanje mu mutima wawe.
Ivyo niwabikora, bizokwongera imyaka yo kubaho,
kandi ubuzima bwawe buzororanirwa.
Umuntu mwiza akura ivyiza mu bubiko bwiza bw’umutima wiwe, umubi na we agakura ibibi mu bubiko bubi bw’umutima wiwe. Kuko ivyuzuye mu mutima ni vyo akanwa kavuga.
Coração puro e renovado
Cria em mim um coração puro, ó Deus. Os puros de coração verão a Deus — e o Espírito renova nosso interior.
Ureme muri jewe umutima utunganye, ewe Mana,
umpe umutima ushikamye.
Hahiriwe abafise imitima itanduye,
kuko bazobona Imana.
Nsesa, ewe Mana, umenye umutima wanje;
ungeze umenye ivyiyumviro vyanje.
Raba ko hoba hari inzira y’icaha iri muri jewe,
kugira ngo undongorere mu nzira y’ibihe bidashira.
Nunsese, ewe Uhoraho, nungeze,
suzuma umutima wanje n’ivyiyumviro vyanje;
Kuko namye nitwararika urukundo rwawe rudashira
kandi nagenda nisunga ubwizigirwa bwawe.
Naho worondera mu mutima wanje,
naho wonsesa mw’ijoro ukangeza,
uzosanga ata kibi nateguye gukora;
n’akanwa kanje katagabitanije.
Ku bijanye n’ibikorwa vy’abantu,
ku bw’ijambo ryo mu kanwa kawe,
naririnze inzira z’abahohotera abandi.
Intambuko zanje zagumye mu nzira zawe;
ibirenge vyanje ntivyatirimutse.
Umutima wanje urashikamye, ewe Mana,
umutima wanje urashikamye;
nzoririmba ncurarange.
Guardar com a Palavra
Não vos conformeis com este mundo. A Palavra de Deus guardada no coração nos protege do pecado e nos direciona.
Ntimukigane inyifato n’imigenzo vy’isi ya kino gihe, ariko mureke Imana ibahindure rwose mu kubaha ukwiyumvira gushasha. Aho ni ho muzoshobora gutahura ivyo Imana ibagombako, kuko ni vyo vyiza, ni vyo biyihimbara kandi ni vyo bitunganye rwose.
Amajambo ari muri iki Gitabu c’Ivyagezwe ntaze yigere ava mu kanwa kawe. Uze wame uyiyumvirako ku murango no mw’ijoro, kugira ngo uzoshobore kwumvira ivyanditsemwo vyose. Ni ho uzoshobora kwama uja imbere, ugashika ku ntumbero mu vyo uzokora vyose.
Nzokuronderana umutima wanje wose;
ntuze undeke ngo mve mu mabwirizwa yawe.
Nabitse ijambo ryawe mu mutima wanje
kugira ngo sindagucumureko.
Ukundishe Uhoraho Imana yawe umutima wawe wose, umushaha wawe wose, n’inkomezi zawe zose. Aya mabwirizwa ndabahaye uwu musi azokwame mu mitima yanyu.
arababwira ati: "Mushire ku muzirikanyi amajambo yose ndababwiriye ku mugaragaro uwu musi, kugira ngo muzotegeke abana banyu gukurikiza neza amajambo y’ibi Vyagezwe.
Vigilância e paz
A paz de Deus guarda nossos corações em Cristo Jesus. Chegai-vos a Deus, purificai os corações — e Ele estará convosco.
Ntimukiganyire ku kintu na kimwe, ariko ivyo mukeneye vyose mubimenyeshe Imana mu gusenga no mu kwinginga, bifatanije no gukenguruka. Maze amahoro y’Imana arengeye ugutahura kw’abantu azoca aza, azigamire imitima yanyu n’ubwenge bwanyu muri Kristo Yesu.
Mwegere Imana na yo izobegera. Yemwe banyavyaha, nimukarabe; namwe abatiyeguriye Imana mu mitima, nimwiyeze.
Namwe nimwihangane kandi muhagarare mushikamye, kuko ukuza k’Umwami kuri hafi.
None rero ko mwazuranywe na Kristo, mushire imitima yanyu ku biri mw’ijuru, aho Kristo yicaye mu kibanza c’iteka i buryo bw’Imana.