Sermos imitadores de Cristo
Ser imitador de Cristo é o chamado supremo do cristão. Paulo exortou: 'Sede meus imitadores, como eu sou de Cristo.' Fomos criados à imagem de Deus para refletir seu caráter.
Imitar a Cristo
Sede imitadores de Deus como filhos amados. Cristo se esvaziou e se humilhou — esse é o padrão que devemos seguir.
Nuko rero mwigane Imana, kuko muri abana bayo ikunda cane,
Mu migenderanire yanyu, mugire inyifato nk’iyo Kristo Yesu yari afise:
We, naho yari Imana,
ntiyigeze abona ko kungana n’Imana ari ikintu co kwumirako.
Ahubwo, yiyambuye ubumana bwiwe,
yambara ishusho y’umugurano,
acika uwusa n’abantu.
Kandi amaze kuboneka mw’ishusho y’umuntu,
yicisha bugufi,
aragamburuka gushika no ku rupfu,
mbere urupfu rwo ku musaraba.
Munyigane nk’uko nanje nigana Kristo.
Mwaratwiganye mwongera mwigana Umwami, kuko mwakiriye Ubutumwa n’umunezero uva kuri Mpwemu Yera, naho mwari mu mibabaro myinshi.
Criados à imagem de Deus
Deus nos criou à sua imagem e semelhança. Adorar em espírito e verdade é viver refletindo o caráter do Criador.
Nuko Imana iravuga iti: "Tureme abantu mw’ishusho yacu, base natwe, baheze baganze amafi yo mu mazi, inyoni zo mu kirere, ibikoko vyose vy’ibitungano, ivyo mw’ishamba hamwe n’ibikoko bigenda vyikwega hasi vyose."
Imana ni impwemu, kandi abayisenga bakwiye kuyisenga mu Mpwemu no mu kuri."