Publicidade

Julgamento

Por Bíblia Online

O julgamento pertence a Deus. A Bíblia adverte contra o juízo precipitado entre irmãos e revela que Cristo é o juiz justo que julgará vivos e mortos com perfeita equidade.

Não julgueis

Jesus disse: não julgueis para que não sejais julgados. Com o juízo com que julgais, sereis julgados.

Ntugacire imanza abandi

Ntimugacire abandi imanza kugira ngo namwe ntimuzozicirwe.

Ntugacire imanza abandi

Ntimugacire abandi imanza kugira ngo namwe ntimuzozicirwe. Kuko uko mucira abandi imanza ni ko namwe muzozicirwa, kandi uko mugerera abandi ari ko namwe muzogererwa.

Ntugacire imanza abandi

Ntimugacire abandi imanza kugira ngo namwe ntimuzozicirwe. Kuko uko mucira abandi imanza ni ko namwe muzozicirwa, kandi uko mugerera abandi ari ko namwe muzogererwa.

Ni kuki ushinga ijisho akatsi kari mu jisho rya mugenzawe ariko ntiwiteho inkingi y’igiti iri mu jisho ryawe? Ni kuki ubwira mugenzawe uti: Reka ndagutosore akatsi kari mu jisho,kandi nawe ugendana inkingi y’igiti mu jisho ryawe? Wa ndyarya we, tangura ukure inkingi y’igiti iri mu jisho ryawe, ni ho uzobona neza akatsi kari mu jisho rya mugenzawe, uheze ugakureyo.

Ni kuki ushinga ijisho akatsi kari mu jisho rya mugenzawe ariko ntiwiteho inkingi y’igiti iri mu jisho ryawe?

Ntimugacire imanza abandi

Ntimugacire imanza abandi, kugira ngo namwe ntimuzozicirwe. Ntimugatsindishe abandi, kugira ngo namwe ntimuzotsindishwe. Mugire imbabazi, ni ho namwe muzozigirirwa.

Ntimugacire imanza abandi

Ntimugacire imanza abandi, kugira ngo namwe ntimuzozicirwe. Ntimugatsindishe abandi, kugira ngo namwe ntimuzotsindishwe. Mugire imbabazi, ni ho namwe muzozigirirwa.

Ntimugacire imanza abandi

Ntimugacire imanza abandi, kugira ngo namwe ntimuzozicirwe. Ntimugatsindishe abandi, kugira ngo namwe ntimuzotsindishwe. Mugire imbabazi, ni ho namwe muzozigirirwa. Mutange, namwe muzohabwa. Ingero nziza, itsindagiye, inyingishe kandi isesekaye ni yo muzogererwa. Kuko ingero mugereramwo abandi ari yo namwe muzogererwamwo."

Julgar com justiça

Quando precisar avaliar, julgue segundo a justa aparência. Não julgue pela carne, mas pelo Espírito e pela verdade.

Nimureke guca imanza mufatiye ku vyo mubona gusa, nimuce imanza zigororotse."

Mwebwe muca imanza nk’abantu, ariko jewe nta n’umwe ncira urubanza. Iyo ndamutse nca urubanza, ruba ari urw’ukuri, kuko simba ndi jenyene, mba ndi kumwe na Data yantumye.

Erega Imana ntiyatumye Umwana wayo kw’isi gucira urubanza abari kw’isi, ahubwo yamutumye kugira ngo ibakize biciye muri we.

Uwizeye Umwana w’Imana ntashobora gutsindwa n’urubanza. Ariko uwutamwizera wese aramaze gutsindwa n’urubanza, kuko atizeye izina ry’Umwana w’ikinege w’Imana.

Uwizeye Umwana w’Imana ntashobora gutsindwa n’urubanza. Ariko uwutamwizera wese aramaze gutsindwa n’urubanza, kuko atizeye izina ry’Umwana w’ikinege w’Imana. Iki ni co kibatsindisha: umuco waje mw’isi, ariko abantu bakunda umwijima kuruta umuco, kuko ibikorwa vyabo ari bibi.

Kandi ico gihe nabwiye abacamanza banyu nti: "Muzokwumvirize imanza zizoba hagati y’abantu banyu, muheze mubacire imanza zigororotse, rwaba urubanza ruri hagati y’Abisirayeli babiri, canke hagati y’Umwisirayeli n’umunyamahanga aba muri mwebwe. Ntimuze muhengame mu guca imanza, muze mwumvirize bose, uworoshe co kimwe n’uwuhambaye. Ntimuze mutinye umuntu n’umwe, kuko urubanza muzoca ruzoba ruciwe n’Imana. Muze munzanire imanza zigoye cane, nanje nzozica."

Ntihazogire uwo mubeshera. Ntimuzocire urwo gupfa uwutaco azira canke imvugakuri, kuko ata na rimwe nemera ko uwutagira icaha atsindwa.

O tribunal de Cristo

Todos compareceremos diante do tribunal de Cristo para prestar contas. Cada um dará conta de si mesmo a Deus.

Kuko twese tuzohagarara imbere y’intebe y’imanza ya Kristo, kugira ngo umwe wese ahabwe impera y’ivyo yakoze akiri muri uwu mubiri, biba vyiza canke bibi.

None wewe ni kuki ucira imanza mwene Data wundi? Canke ni kuki umukengera? Wibuke ko twese tuzohagarara imbere y’intebe y’imanza y’Imana. Ivyanditswe Vyera bivuga biti:

" Ndahiye ukubaho kwanje, ni ko Uhoraho avuze,

amavi yose azompfukamira;

n’indimi zose zizokwatura ko ndi Imana.’ "

Nuko rero, umuntu wese muri twebwe azokwisigura imbere y’Imana ku bijanye n’ubuzima bwiwe kw’isi.

Twirinde rero guciranira imanza. Ahubwo, twigire inama yo kutagira ikintu na kimwe dukora cotsitaza canke kikagwisha mu caha mwene Data wundi.

Twirinde rero guciranira imanza. Ahubwo, twigire inama yo kutagira ikintu na kimwe dukora cotsitaza canke kikagwisha mu caha mwene Data wundi.

Uri nde wewe ucira imanza umukozi w’uwundi muntu? Akoze neza canke nabi, ivyo biraba shebuja. Kandi noneho azokora neza kuko Umwami Imana afise ubushobozi bwo kumukomeza.

Uwushobora kurya indya zose, ntakwiye gukengera uwutarya zose, kandi uwutarya indya zose, ntakwiye gukengera uwurya zose, kuko na we nyene Imana yaramwakiriye.

Urubanza rugororotse rw’Imana

None rero, wewe ushobora kwibaza ko wocira imanza abameze batyo, ariko na wewe umeze nka bo nta co wokwireguza. Kuko nimba ucira imanza abandi kandi ukora nk’ivyo bakora, na wewe uba wiciriye urubanza.

Urubanza rugororotse rw’Imana

None rero, wewe ushobora kwibaza ko wocira imanza abameze batyo, ariko na wewe umeze nka bo nta co wokwireguza. Kuko nimba ucira imanza abandi kandi ukora nk’ivyo bakora, na wewe uba wiciriye urubanza. Twese turazi yuko urubanza Imana icira abakora nk’ivyo ari urw’ukuri. None wewe ucira imanza abandi, kandi ukora nk’ivyo bakora, wibaza ko uzokira urubanza rw’Imana?

Abacumura badafise ivyagezwe vya Mose bazohona ivyo vyagezwe bitarinze kurabwa, kandi abacumura bari musi y’ivyagezwe bazocirwa urubanza n’ivyo vyagezwe.

Nuko rero, ubu ni bwo Butumwa Bwiza mvuga: umusi uraje, aho Imana izocira imanza ivyo abantu bagize amabanga yabo, ibicishije kuri Yesu Kristo.

Ubuzima buronkerwa muri Mpwemu

Ubu rero, abari muri Kristo Yesu nta rubanza rukibatsinda. Kuko icagezwe ca Mpwemu atanga ubugingo carambohoye biciye muri Kristo Yesu, kinkurako icagezwe c’icaha n’icurupfu.

Kuko impembo y’icaha ni urupfu, ariko ingabire Imana itanga ku buntu ni ubugingo budashira duheshwa no kwizera Kristo Yesu, Umwami wacu.

Deus é o juiz

O Senhor julgará o mundo com justiça. O juízo de Deus é verdadeiro e justo — Ele conhece todos os segredos do coração humano.

Uhoraho aganje ibihe bidashira;

yashinze intebe yiwe y’ubwami ngo ace imanza.

Uhoraho aganje ibihe bidashira;

yashinze intebe yiwe y’ubwami ngo ace imanza.

Aganza isi mu bugororotsi

kandi acira imanza amoko mu kuri.

Kuko Imana izoshira mu rubanza igikorwa cose,

harimwo n’ibintu bihishijwe vyose,

ari bibi canke ari vyiza.

Ndiko ndaraba,

mbona intebe z’inganji zishirwa mu bibanza vyazo,

hanyuma mbona uwusa n’Umukurambere, araje aricara.

Impuzu ziwe, zarera derere,

umushatsi wiwe ugasa n’ubwoya bw’intama bwera;

Intebe yiwe yari igizwe n’imbeya z’umuriro,

iteretswe ku mapine yaka urubeya.

Kandi uruzi rw’umuriro rwatemba

ruva imbere yiwe.

Abantu ibihumbi n’ibihumbi bari ngaho bamukorera;

kandi ibihumbi cumi incuro ibihumbi cumi bari bahagaze ngaho bamushengereye.

Urubanza ruratangura;

hanyuma ibitabu birazingururwa.

Nca mbona abapfuye, abakuru n’abato, bahagaze imbere ya ya ntebe, maze ibitabu birazingururwa. Ikindi gitabu kirugururwa, ni co gitabu c’ubugingo. Abapfuye bacirwa imanza z’ivyo bakoze nk’uko vyari vyanditse muri ico gitabu.

Nca mbona abapfuye, abakuru n’abato, bahagaze imbere ya ya ntebe, maze ibitabu birazingururwa. Ikindi gitabu kirugururwa, ni co gitabu c’ubugingo. Abapfuye bacirwa imanza z’ivyo bakoze nk’uko vyari vyanditse muri ico gitabu. Ikiyaga kigarukana abapfuye bari muri co, urupfu na kuzimu bigarukana abari muri vyo, umwe wese acirwa urubanza ruhwanye n’ivyo yakoze.

Discernimento e graça

Temos um advogado junto ao Pai — Jesus Cristo. Não há condenação para os que estão em Cristo. Prove os espíritos.

Bana banje nkunda, ndabandikiye ibi kugira ngo ntimukore icaha. Ariko bishitse umuntu agacumura, turafise uwutuburanira imbere ya Data: ni Yesu Kristo Umugororotsi.

Impwemu y’Imana n’impwemu ya Antikristo

Bakundwa, ntimukizere abantu bose bavuga ko bavugishwa. Ariko mubageze kugira ngo murabe ko impwemu ibakoresha iva ku Mana. Kuko hari abavugishwa b’ibinyoma benshi bakwiragiye mw’isi.

Ni co gituma mudakwiye guca urubanza igihe co guca imanza kitaragera; nimurindire gushika Umwami Yesu agarutse. Ni we azonyegurura ivyanyegejwe mu mwijima, yongere ashire ahabona ivyiyumviro vyo mu mitima y’abantu. Aho ni ho umuntu wese azohabwa n’Imana ishimwe rimukwiye.

Ukuburana hagati y’abizera

Iyo umwe muri mwebwe agize ico apfa na mwene Data wundi, ni kuki amwitwarira mu batubaha Imana ngo babe ari bo babacira urubanza, aho kwitura abizera ngo babatature? Mbega ntimuzi ko abizera ari bo bazocira imanza isi? None nimba muzocira imanza isi, mwonanirwa no gutatura amatati asanzwe? Mbega ntimuzi ko muzocira imanza n’abamarayika? Ni co gituma mwari mukwiye gutatura amatati asanzwe yo muri buno buzima. None iyo hadutse amatati yo muri ubu buzima, ni kuki muja kuronderera abacamanza mu bantu batanemewe mw’ishengero? Ibi ndabivuze kugira ngo ndabamaramaze. Birashoboka ko muri mwebwe habura n’umwe afise ubwenge, ashoboye gutatura amatati ari hagati mu bizera?

Mbega ntimuzi ko abizera ari bo bazocira imanza isi? None nimba muzocira imanza isi, mwonanirwa no gutatura amatati asanzwe? Mbega ntimuzi ko muzocira imanza n’abamarayika? Ni co gituma mwari mukwiye gutatura amatati asanzwe yo muri buno buzima.

Ntoza indero umubiri wanje, nkawugira umuja wanje, kugira ngo maze kuvuga Ubutumwa Bwiza sinsange narushijwe mw’ihiganwa, nkabura impera.

Nagwanye intambara nziza, ndarangije urugendo, nazigamye ukwizera. Ubu ndindiriye urugori rwo kugororoka, urwo Umwami Imana, we mucamanza agororotse, azompa kuri urya musi. Kandi ntazoruha jewe jenyene, azoruha n’abarindiranye igishika uguhishurwa kwiwe.

Ivyo vyerekana ko Imana izi gukiza abayubaha ikabakura mu marushwa yabo, ariko kandi igashobora no kurindiriza abatayubaha kugeza ku musi w’imanza, aho izobahanira.

Bene Data nkunda, ntimuvuge abandi nabi. Iyo mutanguye kuvugana nabi canke mugaciranira imanza, muba muvuze nabi ivyagezwe n’Imana, kandi muba mubiciriye urubanza. Igihe muciriye urubanza ivyagezwe, aho kuvyumvira, muba mubaye abacamanza bavyo. Imana yonyene ni yo yatanze ivyagezwe kandi ni yo ibicira urubanza. Ni yo yonyene ishobora gukiza no guhonya. Ariko wewe uri nde aho ucira urubanza mugenzawe?

Ikirengeye vyose, bene Data, ntimukarahire ijuru canke isi canke ikindi kintu ic’ari co cose. Ico mukwiye kuvuga gusa ni: "Ego" canke "Oya," ikirenze ivyo ni ico kubatsindisha.

Kuko uwitondera ivyagezwe vyose ariko agatsitara kuri kimwe acirirwa urubanza nk’uwabicumuyeko vyose. Kuko Imana yavuze ngo: "Ntugasambane" ni na yo yavuze ngo: "Ntukice." Rero naho utosambana ariko ukica, uzoba warenze ku vyagezwe.

Mu mvugo no mu ngiro, mukore nk’abazocirwa urubanza n’ivyagezwe bitanga umwidegemvyo,

Umwidegemvyo ku mabwirizwa y’abantu

Nuko rero ntimwemere ko hagira umuntu n’umwe abacira urubanza ku vyo murya canke munywa, canke ku misi mikuru y’idini, iy’ukwezi guserutse canke umusi w’Isabato.

Umwidegemvyo ku mabwirizwa y’abantu

Nuko rero ntimwemere ko hagira umuntu n’umwe abacira urubanza ku vyo murya canke munywa, canke ku misi mikuru y’idini, iy’ukwezi guserutse canke umusi w’Isabato. Ivyo vyari igitutu c’ivyari bigiye kuzoza; ariko ishusho y’ukuri yari umubiri wa Kristo ubwiwe.

Kandi muzobona ubudasa hagati y’abagororotsi n’abanyakibi, no hagati y’abakorera Imana n’abatayikorera," ni ko Uhoraho avuze.

Ariko nta kigwanisho cacuriwe kukugwanya kizogira ico kikugira,

kandi uzotsinda uwo wese azoguhagurukira ngo akuburanye.

Uwo ni wo mugabane w’abasavyi bUhoraho,

kandi ni kwo kugororoka kwabo kuva kuri jewe,"

ni ko Uhoraho avuze.

Umutima wanje uragushaka mw’ijoro,

mu gitondo impwemu yanje ikakurondera.

Iyo urubanza rwawe ruje kw’isi,

ababa kw’isi baca bigiraho ukugororoka.

Ukwubakana kwubahirizwe na bose, kandi ntihakagire icanduza uburiri bw’abubakanye; kuko Imana izocira urubanza abagendera mu bushakanyi no mu busambanyi.

Umuntu yama yibwira ko ingeso ziwe ari nziza,

ariko Uhoraho ni we asesa imitima.

Gukora ibigororotse n’ibibereye

ni vyo vyemerwa nUhoraho gusumba ibimazi.

Ariko ndababwira ko ku musi w’imanza, umuntu wese azobazwa ijambo ryose ritagira ikimazi yavuze.

Uwizera wese akabatizwa azokizwa, ariko uwutizera azocirwa urubanza.

Ewe muntu ukiri muto, nezererwa ubwo buto bwawe,

kandi ukore ibinezereza umutima wawe mu misi y’ubuto bwawe.

Ukurikire inzira z’umutima wawe,

n’ibintu vyose amaso yawe akwereka,

ariko umenye ko muri ivyo vyose,

Imana izokurengutsa mu rubanza.

Nk’uko Data afise ubugingo muri we, ni ko yahaye Umwana kugira ubwo bugingo muri we. Kandi yamuhaye ububasha bwo guca imanza kuko ari Umwana w’Umuntu.

Ntimugacire imanza abandi

Ntimugacire imanza abandi, kugira ngo namwe ntimuzozicirwe. Ntimugatsindishe abandi, kugira ngo namwe ntimuzotsindishwe. Mugire imbabazi, ni ho namwe muzozigirirwa.

Seja o primeiro
Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-29_22-07-56-