Pular para o conteúdo
Publicidade

Lei

Por Bíblia Online

A lei de Deus é expressão do seu caráter e amor. Do Sinai ao Sermão do Monte, a lei orienta, protege e revela o padrão santo de Deus para a vida humana.

O propósito da lei

A lei de Deus revela o pecado e nos conduz a Cristo. Pela lei é que temos consciência do que é justo e do que é errado.

Ni co gituma ata muntu n’umwe azokwemerwa n’Imana ko agororotse, abihawe no kwubahiriza ivyagezwe. Igikorwa c’ivyagezwe ni ukutwerekana ko turi abanyavyaha.

Abagurano bo kugororoka

None, ko ubuntu bw’Imana bwatubohoye tukaba tutakiganzwa n’ivyagezwe, bisigura ko dushobora kubandanya dukora ivyaha? Ntibikabe!

Umwidegemvyo w’abizera

Muvuga muti: "Vyose turavyemerewe," yamara si vyose bigira ikimazi. Muvuga muti: "Vyose turavyemerewe," yamara si vyose vyubaka.

Ivyagezwe vyose bikoraniye muri iri bwirizwa rimwe rivuga ngo: "Ukunde mugenzawe nk’uko wikunda wewe nyene."

Ariko ivyamwa vya Mpwemu Yera ni ibi: urukundo, umunezero, amahoro, ukwihangana, ingeso nziza, kugira neza, ubwizigirwa, ubugwaneza, n’ukwirinda. Ibi nta cagezwe kibibuza.

Mwikoreranire imitwaro, ni ho muzoba mushikije icagezwe ca Kristo.

Amar e obedecer

O maior mandamento é amar a Deus e ao próximo. Toda a lei se resume nestes dois mandamentos, que são o fundamento de tudo.

Irya kabiri ni iri: Ukunde mugenzawe nk’uko wikunda. Nta bwirizwa ryoza riruta ayo."

Ibwirizwa ryanje ni iri: Nimukundane nk’uko nabakunze.

Nuko rero, ivyo mugomba ko abantu babagirira, abe ari vyo mubagirira namwe, kuko ivyo ari vyo Ivyagezwe n’ivyanditswe n’abavugishwa n’Imana vyigisha.

Dukundane

Ntihagire umwenda mugirira umuntu n’umwe, kiretse uwo gukundana, kuko uwukunda abandi, aba ashikije ivyagezwe.

Kandi ibwirizwa yaduhaye ni iri: umuntu akunda Imana ategerezwa gukunda bene Data.

Bakundwa, iyo imitima yacu itaducira urubanza, turashobora kwegera Imana tudatinya. Kandi ico tuyisavye cose irakiduha, kuko twitondera amabwirizwa yayo, tugakora ibiyihimbara.

Bênçãos da obediência à lei

Se andardes nos meus mandamentos, vivereis. A obediência à lei de Deus traz vida, paz e prosperidade espiritual.

Imihezagiro ku bumvira

Nimwubaha Uhoraho Imana yanyu, n’imitima yanyu yose, mugakurikiza amabwirizwa yiwe ndabahaye uwu musi, Uhoraho Imana yanyu azobashira hejuru y’ayandi mahanga yose.

Uwu musi ndabahaye ibwirizwa ryo gukunda Uhoraho Imana yanyu, kugendera mu nzira zayo, no kuzigama amabwirizwa, amategeko n’ivyagezwe vyiwe; ni ho muzobaho, mukagwira, Uhoraho Imana yanyu akabahezagirira mu gihugu mugiye kwinjira ngo mucegukire.

Bongera kubwirwa gutinya Uhoraho no kumwumvira

None rero Bisirayeli, mbega ico Uhoraho Imana yanyu abagombako si ukumwubaha no kugendera mu nzira ziwe zose, mukamukunda, mukamukorera n’imitima yanyu yose, n’imishaha yanyu yose, no gukurikiza amabwirizwa n’amategeko yUhoraho ndabahaye uwu musi, ku bw’ineza yanyu?

Aya mabwirizwa ndabahaye uwu musi azokwame mu mitima yanyu. Muzokwame muyigisha abana banyu. Muzohore muyaganirako mwicaye i muhira canke muri ku rugendo, iyo mugiye kuryama n’iyo muvyutse.

Amajambo ari muri iki Gitabu c’Ivyagezwe ntaze yigere ava mu kanwa kawe. Uze wame uyiyumvirako ku murango no mw’ijoro, kugira ngo uzoshobore kwumvira ivyanditsemwo vyose. Ni ho uzoshobora kwama uja imbere, ugashika ku ntumbero mu vyo uzokora vyose.

Ariko muzokwame mwiyubara, mukurikize amabwirizwa n’ivyagezwe Mose umusavyi wUhoraho yabahaye: Mukunde Uhoraho Imana yanyu, mugendere mu nzira ziwe, mushitse amabwirizwa yiwe, mwumire kuri we, kandi mumukorere n’imitima yanyu yose, n’imishaha yanyu yose."

Nzokuronderana umutima wanje wose;

ntuze undeke ngo mve mu mabwirizwa yawe.

Nahisemwo inzira z’ukwizigirwa;

umutima wanje nawushize ku vyagezwe vyawe.

Ariko uhereye ibihe vyose ukageza ibihe vyose

urukundo rwUhoraho ruri ku bamwubaha,

kandi ukugororoka kwiwe kuri ku ruvyaro rw’abana babo;

ku bitondera isezerano ryiwe

bakibuka kwitondera ivyo yashinze.

Lei e graça

A lei veio para nos guiar; a graça veio para nos salvar. Em Cristo, cumprimos a lei pelo amor — o fruto do Espírito não tem lei contra si.

Ba se, ntimuratse abana banyu; ahubwo mubarerere mu ngeso nziza zo kwubaha Umwami.

Yewe muntu, yarakweretse iciza ico ari co.

Mbega hari ikindi Uhoraho akugombako?

Ni ugukora ibigororotse, gukunda imbabazi,

no kugendana n’Imana yawe wicishije bugufi.

Ariko nimureke imanza zibereye zitembe nk’uruzi,

ukugororoka kumere nk’umugezi udakama!

Twirinde gusenga ibigirwamana

Ntimukifatanye n’abatizera, kuko ubugororotsi n’ubukozi bw’ikibi nta ho bihurira, kandi umuco n’umwijima nta co bisangiye.

Seja o primeiro