Pular para o conteúdo
Publicidade

Mãe

Por Bíblia Online

A mãe é honrada na Bíblia como pilar da família. Seu amor incondicional, sua sabedoria e sua dedicação são celebrados como reflexo do próprio amor de Deus por seus filhos.

O amor de mãe

Pode uma mãe esquecer-se do filho do seu ventre? Ainda que ela se esquecesse, Deus nunca nos abandona. O amor materno reflete o divino.

Nk’uko umuvyeyi ahumuriza umwana wiwe,

ni ko nanje nzobahumuriza,

namwe muzohumuririzwa i Yerusalemu.

Abana ni umugabane uva kUhoraho,

uruvyaro ni impera atanga.

Hahiriwe uwubaha Uhoraho wese,

akagenda mu nzira ziwe.

Uzorya ivyo ubutame bwawe bwamye;

imigisha n’amahirwe bizoba ivyawe.

Urukundo rurihangana, rugira neza, ntirugira ishari, ntirwihayagiza, kandi ntirwishira hejuru. Ntiruteza isoni abandi, ntirurondera inyungu zarwo, ntirutwarwa n’ishavu, kandi ntirubika ikibi. Urukundo ntirunezerererwa ikibi, ariko runezererwa ukuri. Urukundo ntirucika intege, ntirutakaza ukwizera, ntirutakaza ivyizigiro, rukomeza kwihanganira ibihe uko bije kwose.

Sabedoria e instrução

A mãe sábia instrui os filhos nos caminhos de Deus. Seu ensino é lei que guia e sua disciplina é expressão de amor verdadeiro.

Wirinde uguhamagara kw’umunyavyaha

Mwana wanje, wumvire ico so akubwira,

kandi ntukanke ico nyoko akwigisha.

Bizokubera urugori rw’ubuntu ku mutwe,

n’umugufu ushariza izosi.

Umenyereze umwana guca mu nzira ibereye,

niyakura ntazoyivamwo.

Uwurinda umwana wiwe inkoni aba amwanka,

ariko uwumukunda amuhana uko bikwiye.

Umwana w’ubwenge atera umunezero se wiwe,

ariko igipfu co gikengera nyina.

Ariko mubibere maso, kandi mwiyubare ntimuzokwibagire ivyo amaso yanyu yabonye, canke ngo mubireke bive mu mitima yanyu ubuzima bwanyu bwose. Muzovyigishe abana banyu n’abuzukuru banyu.

Honrar a mãe

Honra teu pai e tua mãe. A mulher virtuosa é digna de louvor — seus filhos se levantam e a chamam bem-aventurada.

Wubahe so na nyoko kugira ngo uzorambire mu gihugu Uhoraho Imana yawe iguhaye.

Bana, mwumvire abavyeyi banyu kuko muri ab’Umwami, kandi akaba ari vyo bibereye. "Wubahe so na nyoko." Ni co cagezwe ca mbere gifise isezerano: "Niwubahe so na nyoko kugira ngo ivyawe bize bigende neza kandi kugira ngo uze urambire kw’isi."

Umugore w’imico myiza yova hehe?

Asumba utubuye tw’agaciro.

Yambaye inkomezi n’icubahiro

ategekanya kazoza mu munezero.

Avugana ubwenge,

kandi impanuro z’ubwizigirwa ziri mu kanwa kiwe.

Yitaho ibikorwa vy’umugabo wiwe,

kandi ntarya ivyo atabiriye akuya.

Abana biwe bose baramushimagiza,

umugabo wiwe akamushima avuga ati:

"Hari abagore benshi bakora ivyiza,

ariko bose urabaruta."

Kugira uburanga gusa birahenda, kandi ubwiza bwo ku rukoba nta co bumaze.

Ariko umugore yubaha Uhoraho azoshimwa.

Seja o primeiro

Este artigo te tocou? Faça uma oração!

+581 estão orando agora.

Junte-se à corrente de oração.