Publicidade

Mente

Por Bíblia Online

A mente é campo de batalha espiritual. A Bíblia nos chama a renovar o entendimento, pensar com sabedoria e buscar a mente de Cristo em todas as áreas da vida.

Amar a Deus com a mente

O maior mandamento inclui amar a Deus com toda a mente. A vida intelectual deve ser consagrada ao Senhor.

Yesu aramwishura ati: " Ukundishe Uhoraho Imana yawe umutima wawe wose, n’umushasha wawe wose n’ubwenge bwawe bwose.

Ubwenge bwanyu mubushire ku biri mw’ijuru, ntimubushire ku biri mw’isi.

Nuko mwirinde cane uko mubaho, ntimwigenze nk’imburabwenge, ahubwo mwigenze nk’abanyabwenge. Akaryo kose muronse mugakoreshe neza, kuko imisi ari mibi.

Uko bikwiye kumera mu mubiri wa Kristo

Nisunze ubuntu nahawe n’Imana, ndahanuye umuntu wese muri mwebwe ngo ntiyifate uko atari mu kwiyumvira ko ari uwuhambaye, ariko yicishe bugufi mu kwifata uko ari, yisunze urugero rwo kwizera Imana yamuhaye.

Sabedoria e discernimento

A sabedoria é melhor que rubis. Quem a encontra, encontra a vida. A mente sábia discerne, planeja e previne erros.

Hahiriwe umuntu yironkeye ubwenge,

akironkera ugutahura.

Uwiga ubwenge aba akunda ubugingo bwiwe,

kandi uwukunda ugutahura azororanirwa.

Nk’uko icuma gikarisha ikindi cuma;

ni ko umuntu akarishanya na mugenziwe.

Igipfu gikengera impanuro z’umuvyeyi,

ariko uwemera guhanurwa ni umunyabwenge.

N’igipfu iyo cinumiye ciyumvirwa ko ari umunyabwenge,

kandi iyo kigumije ururimi bavuga ko gifise ugutahura.

Umunyamakenga yama abona icago kitaramushikira akacikinga,

ariko igipfu gipfa kugenda, hanyuma kikisanga mu kaga.

Construir sobre a rocha

Quem ouve as palavras de Jesus e as pratica é como o sábio que edificou sobre a rocha firme e inabalável.

Umwubatsi w’ubwenge n’uwikijuju

Nuko rero umuntu wese yumva amajambo yanje akayashira mu ngiro ameze nk’umwubatsi w’ubwenge yubatse inzu yiwe ku rutare.

Ubwenge bw’uburyo bubiri

Muri mwebwe ni nde ari umunyabwenge kandi atahura? Navyerekane mu ngeso nziza ziwe, no mu bikorwa vyiwe birangwa no guca bugufi kuva ku bwenge bw’ukuri.

Kuko nahisemwo kutagira ikindi mvuga igihe nari kumwe namwe, atari Yesu Kristo wenyene, umwe yabambwa ku musaraba.

Kuva isi iremwa, ivyerekeye Imana bitabonwa n’aya maso: ubushobozi bwayo buhoraho, n’ubumana bwayo, biraboneka neza vyerekanywe n’ivyo yaremye. Ni co gituma ata muntu n’umwe afise ico yokwireguza.

Kuko kugira ubwenge bwinshi bizanana n’umubabaro mwinshi;

kandi uko umuntu yongereza ubumenyi ni ko yongereza imibabaro.

Seja o primeiro
Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-28_14-13-17-