Publicidade

Morte de Jesus

Por Bíblia Online

A morte de Jesus é o sacrifício supremo do amor de Deus. Na cruz, o Cordeiro de Deus carregou os pecados do mundo, satisfez a justiça divina e abriu o caminho da salvação para todos.

O sacrifício na cruz

Jesus disse: 'Está consumado!' Na cruz, Ele cumpriu toda a lei, pagou o preço do pecado e reconciliou a humanidade com Deus.

Urupfu rwa Yesu

Inyuma y’ivyo, Yesu amenye ko vyose birangiye, kandi kugira ngo Ivyanditswe bishike, aravuga ati: "Ndanyotewe." Hafi yaho hari umubindi urimwo inkarisha, maze abasoda bafata sipongo bayijobeka muri ya nkarisha, bayidugisha ishami rya ezobu ku munwa wa Yesu. Yesu amaze kwumviriza kuri ya nkarisha, aravuga ati: "Birarangiye." Nuko ajondamika umutwe aracikana.

Bahejeje kubamba Yesu, abasoda bafata impuzu ziwe bazigaburamwo kune, umusoda wese atwara umuce, basigaza ikanzu yiwe. Iyo kanzu ntiyagira umubaririro, yari igizwe n’igitambara kimwe kuva hejuru gushika hasi.

Baravugana bati: "Ntidukwiye kuyitabura. Reka tuyipfindire kugira ngo tumenye uwuyegukira."

Ibi vyabaye kugira ngo bishitse Ivyanditswe bivuga ngo:

"Bagabuye impuzu zanje,

bapfindira umutamana wanje."

Ivyo ni vyo abasoda bakoze.

Hafi y’umusaraba wa Yesu, hari hahagaze nyina, nyinabo, Mariya muka Kilopa na Mariya Magadalena. Yesu abonye nyina ahagaze aho, na wa mwigishwa Yesu yakunda amwegereye, abwira nyina ati: "Muvyeyi, ng’uwo umwana wawe," abwira wa mwigishwa ati: "Ng’uwo umuvyeyi wawe." Kuva ico gihe, wa mwigishwa aca ajana Mariya iwe.

Babashikanye ahantu hitwa Nyagihanga, abasoda baca baramubamba, ari kumwe na za nkozi z’ikibi, umwe i buryo uwundi i bubamfu bwiwe. Maze Yesu aravuga ati: "Data, bababarire, kuko ntibazi ico bariko barakora." Maze bagabura impuzu ziwe bakoresheje ubupfindo.

Abantu isinzi bari aho babiraba; abakuru b’Abayuda na bo bamucokora, bavuga bati: "Yakijije abandi, niyikize na we turabe, ko yigira ngo ni Kristo, Uwatoranijwe n’Imana."

N’abasoda baraza baramushinyagurira, bamuha inkarisha kugira ngo anywe, bamubwira bati: "Nimba uri umwami w’Abayuda, niwikize turabe!"

Baca bamanika icandiko hejuru yiwe kivuga ngo:

Uwu ni umwami w’Abayuda.

Umwe muri za nkozi z’ikibi zibambanywe na we aramutuka ati: "Ko uri Kristo, niwikize hanyuma natwe udukize."

Ariko mugenziwe aramukankamira avuga ati: "Mbega wewe ntutinya n’Imana kandi waciriwe urubanza rumwe n’urwiwe? Twebwe twahaniwe ikiri ukuri, kuko turiko twishura ibihwanye n’ivyo twakoze. Ariko uwu we nta kibi na kimwe yakoze."

Aca avuga ati: "Yesu, uranyibuka niwagaruka mu Bwami bwawe."

Yesu aramwishura ati: "Ndakubwire ukuri, uno musi nyene uraza kubana nanje muri paradizo."

Urupfu rwa Yesu

Kuva isaha zitandatu z’umurango, igihugu cose gitwikirwa n’umwijima gushika isaha icenda. Isaha y’icenda ishitse, Yesu arasemerera n’ijwi rirenga ati: "Eloyi, Eloyi, lema sabakitani?" bisobanurwa ngo: "Mana yanje, Mana yanje, ni kuki wampevye?"

Uwo mwanya nyene, igitambara co mu rusengero gitandukanya Ahera n’Ahera Cane gitabukamwo kubiri kuva hejuru gushika hasi. Isi iranyiganyiga, ibitandara birasatagurika, imva ziruguruka kandi imibiri myinshi y’abera irazuka. Bava mu mva, kandi Yesu amaze kuzuka, binjira i Yerusalemu, igisagara cera, babonekera abantu benshi.

Intwazangabo y’Umuroma n’abasoda yari arongoye mu gucunga Yesu, babonye ukunyiganyiga kw’isi hamwe n’ibibaye vyose, bafatwa n’ubwoba bwinshi, bavuga bati: "Ni ivy’ukuri uwu yari Umwana w’Imana!"

Ariko ivyaha vyacu ni vyo yacumitiwe,

yajanjaguriwe ibigabitanyo vyacu;

igihano kiduhesha amahoro cabaye kuri we,

kandi ibikomere vyiwe ni vyo bidukiza.

Twese twari tumeze nk’intama zizimiye,

umwe wese akajana inzira yiwe;

maze Uhoraho amushirako

ibigabitanyo vyacu twese.

Yarahahajwe, arababazwa,

ariko ntiyakuyeko umunwa;

amera kurya kw’umwagazi w’intama ujanwa kubagwa,

atekereza nk’intama imbere y’uwuyimwa ubwoya,

ntiyigera akurako umunwa.

Imbwa zirankikije,

akarwi k’inkozi z’ibibi kantaye hagati.

Batoboye ibiganza vyanje n’ibirenge vyanje.

Amagufa yanje yose yanamye hejuru,

abansi banje na bo bihera ijisho.

Bagabuye impuzu zanje

bapfindira umutamana wanje.

Abambona bose baritwengera;

barantuka bakazunguza imitwe.

"Baravuga bati: Yizigiye Uhoraho,

Uhoraho namukize.

Namutabare,

ko amunezerererwa.’ "

O amor que se entrega

Ninguém tem maior amor do que aquele que dá a vida pelos amigos. Deus prova seu amor em que Cristo morreu por nós quando ainda éramos pecadores.

Nta rukundo ruruta gutanga ubugingo bwawe ku bwa bagenzawe.

Kuko Imana yakunze abari kw’isi cane, bituma itanga Umwana wayo w’ikinege, kugira ngo uwumwizera wese ntazoranduke, ahubwo aronke ubugingo budashira.

Kuko nimba Imana yaduhaye kwuzura na yo biciye mu rupfu rw’Umwana wayo tukiri abansi bayo, ntidukekeranya ko, ubu tumaze kwuzura na yo, tuzokizwa n’ubugingo bwiwe.

Iki ni co kitwereka urukundo ico ari co: Yesu Kristo yatanze ubuzima bwiwe ku bwacu. Natwe dukwiye gutanga ubuzima bwacu ku bwa bene Data bandi.

Kuko Kristo ubwiwe yitanze nk’ikimazi kugira ngo duharirwe ivyaha vyacu, kandi si ivyacu gusa, ahubwo ni ivy’abari mw’isi bose.

Kandi amaze kuboneka mw’ishusho y’umuntu,

yicisha bugufi,

aragamburuka gushika no ku rupfu,

mbere urupfu rwo ku musaraba.

Morte e ressurreição

Jesus morreu e ressuscitou, e a morte não mais tem domínio sobre Ele. Pelo batismo, participamos de sua morte e ressurreição.

Turabizi neza ko Kristo yazutse mu bapfuye, kandi ntazosubira gupfa. Urupfu nta bubasha rukimufiseko. Igihe yapfa, yapfuye rimwe rizima kugira ngo amare icaha ubushobozi. Ariko noneho ko ariho, ariho kugira ngo aheshe icubahiro Imana.

Mbega ntimuzi yuko twebwe ababatirijwe kuba umwe na Kristo Yesu, twafatanijwe na we no mu rupfu rwiwe? Ivyo bivuga ko twapfuye hanyuma tugahambanwa na we mu kubatizwa, kugira ngo, nk’uko yazuwe mu bapfuye n’ubushobozi bw’ubwiza bwa Data, abe ari ko natwe tubaho mu bugingo bushasha.

Kandi nk’uko umuntu wese ategerezwa gupfa rimwe maze inyuma yaho hakaza urubanza, ni ko na Kristo na we yatanzwe nk’ikimazi rimwe gusa kugira ngo akureho ivyaha vya benshi. Azogaruka irya kabiri atazanywe n’ivyaha, ariko aje gukiza abamwiteze bose.

Yemwe Bisirayeli, Yesu w’i Nazareti yari umuntu yashingiwe intahe n’Imana mu bitangaza, utwumiza n’ibimenyetso Imana yamukoresheje muri mwebwe, nk’uko ubwanyu mubizi. Uwo Yesu yatanzwe mu maboko yanyu ku bw’umugambi Imana yari yatareguye kuva kera, maze namwe mufashijwe n’abanyakibi n’abanyamahanga, mumwica mumubamvye ku musaraba. Ariko Imana yaramuzuye mu bapfuye, imukura mu vyara vy’urupfu, kuko bitashoboka ko urupfu rumugumya.

Jewe ndi umwungere mwiza. Umwungere mwiza yitangira intama ziwe.

Kuko igihe cose muzorya uwu mukate mukanywera no kuri iki gikombe, muzoba muriko muramenyekanisha urupfu rwanje gushika aho nzogarukira.

Seja o primeiro
Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-29_22-07-56-