Morte
A morte é a realidade que todos enfrentam, mas para o cristão ela não é o fim. A Bíblia ensina que Cristo venceu a morte e nos dá a esperança da ressurreição e da vida eterna.
Cristo venceu a morte
Onde está, ó morte, o teu aguilhão? Cristo destruiu o poder da morte e nos deu a vitória pela ressurreição.
"Wa rupfu we, intsinzi yawe iri hehe?
Wa rupfu we, uruboyi rwawe ruri he?"
Kuko icaha ni uruboyi ruzana urupfu, kandi ubushobozi bw’icaha buri mu vyagezwe. Ariko Imana ishimwe, kuko iduha intsinzi muri Yesu Kristo.
Umwansi azosangangurwa ubwa nyuma ni rupfu.
Nk’uko urupfu rwazanywe n’umuntu, n’ukuzuka kw’abapfuye na kwo kwazanywe n’umuntu.
Nk’uko muri Adamu bose bapfuye, muri Kristo bose bazogirwa bazima.
Iri jambo ni iryo kwizera:
"Nitwapfana na we,
tuzobana bazima na we.
Barahiriwe kandi ni abera abazoba muri iryo zuka rya mbere. Urupfu rwa kabiri nta bubasha ruzobagirako, ariko bazoba abaherezi b’Imana na Kristo, kandi bazoganzanya na we imyaka igihumbi.
A esperança da vida eterna
Jesus disse: 'Eu sou a ressurreição e a vida.' Quem crê nele não está morto, mas apenas adormecido — e um dia despertará para a glória.
Yesu aramubwira ati: "Ni jewe kuzuka n’ubugingo. Uwunyizera wese, naho yopfa, azobaho. Umuntu wese aba muri jewe kandi akanyizera ntazokwigera apfa. Ivyo uravyizera ga Marita?"
Yesu aramubwira ati: "Ni jewe kuzuka n’ubugingo. Uwunyizera wese, naho yopfa, azobaho. Umuntu wese aba muri jewe kandi akanyizera ntazokwigera apfa. Ivyo uravyizera ga Marita?"
Intama zanje zumva ijwi ryanje; ndazizi na zo zirankurikira. Nanje ndaziha ubugingo budashira, kandi ntizizokwigera zipfa rubi. Nta n’umwe ashobora kuzinkura mu kuboko.
Kuko Imana yakunze abari kw’isi cane, bituma itanga Umwana wayo w’ikinege, kugira ngo uwumwizera wese ntazoranduke, ahubwo aronke ubugingo budashira.
Ivyo kuzuka kw’abapfuye
Bene Data, turashaka ko mumenya ibizoba ku bapfuye bizeye, kugira ngo ntimwicwe n’umubabaro nk’abadafise ivyizigiro. Uko twizera ko Yesu yapfuye hanyuma akazuka, ni ko twizera ko Imana imugarukanye azoza azananye n’abasinziriye bari muri we.
Kuko, Umwami wacu ubwiwe azomanuka avuye mw’ijuru, azotegeka n’ijwi rirenga, hamwe n’akamo k’umumarayika mukuru n’uguhamagara kw’inzamba y’Imana, maze abapfiriye muri Kristo bazoca bazuka ubwa mbere. Hanyuma, natwe abazoba bakiriho, tuzoca tuduganwa mu bicu, dusanganire Umwami mu kirere. Ni ho tuzoca tubana n’Umwami ibihe bitazoshira.
Não temas a morte
Não temas os que matam o corpo. Para o cristão, viver é Cristo e morrer é lucro. O vale da sombra da morte não assusta quem caminha com o Pastor.
Ntimugatinye abashobora kwica umubiri ariko badashobora kwica ubugingo. Ahubwo, mutinye Imana, kuko yo ishobora guhonya ubugingo n’umubiri, ikabita muri Gehinomu.
Kuko uwugomba gukiza ubugingo bwiwe azobubura, ariko uwubuheba ku bwanje azoburokora.
Kuko kuri jewe, kubaho ni ku bwa Kristo, kandi gupfa ni vyo vyiza kurusha.
Numva vyose binkwega: gupfa nkigira kubana na Kristo, ni vyo birushirije kuba vyiza kuri jewe, ariko ku bwanyu, iciza ni uko nobandanya kubaho mu mubiri.
Ariko twebwe iwacu ni mw’ijuru, ni ho twiteze ko Umukiza azozanana, ni Umwami Yesu Kristo. Azofata uwu mubiri wacu w’intege nke kandi upfa, akawuhindure umubiri w’ubwiza usa n’uwiwe, muri bwa bushobozi afise bumushoboza gushira vyose musi y’inganji yiwe.
Mbere naho noca mu mwonga w’umwijima w’urupfu,
sinzogira ikibi ntinya,
kuko uri kumwe nanje;
inkoni yawe n’ubuhiri bwawe
ni vyo binkingira bikampumuriza.
Mbere naho noca mu mwonga w’umwijima w’urupfu,
sinzogira ikibi ntinya,
kuko uri kumwe nanje;
inkoni yawe n’ubuhiri bwawe
ni vyo binkingira bikampumuriza.
Nimba turiho, tubayeho kugira ngo duheshe icubahiro Umwami Imana. Kandi nimba dupfuye, dupfa kugira ngo duheshe icubahiro Umwami Imana. Nuko rero turiho canke dupfuye, tuguma turi ab’Umwami Imana.
A eternidade nos aguarda
Deus enxugará toda lágrima. A morte será o último inimigo destruído. Para os salvos, a morte é a porta de entrada na presença eterna de Deus.
Nca numva ijwi rirenga rivuye kuri ya ntebe y’inganji, rivuga riti: "Ehe raba inzu y’Imana iri mu bantu, kandi izobana na bo. Bazoba abantu bayo, kandi Imana ubwayo izobana na bo, ibe Imana yabo. Izobahanagura amosozi yose ku maso yabo. Nta rupfu canke kugandara, nta kurira canke kubabara bizoba bikiriho, kuko ivya kera bizoba bikuweho."
Izobahanagura amosozi yose ku maso yabo. Nta rupfu canke kugandara, nta kurira canke kubabara bizoba bikiriho, kuko ivya kera bizoba bikuweho."
Kandi nk’uko umuntu wese ategerezwa gupfa rimwe maze inyuma yaho hakaza urubanza,
Kandi ndizera neza ntakekeranya ko ata kintu na kimwe codutandukanya n’urukundo rw’Imana. Nta rupfu canke ubugingo, nta bamarayika canke abatware, nta biriho canke ibizoza, nta bushobozi na bumwe, bwaba ubwo mw’ijuru canke ubwo kw’isi, nta na kimwe mu vyaremwe vyose codutandukanya n’urukundo rw’Imana rwahishuriwe muri Kristo Yesu, Umwami wacu.
Gupfira umugororotsi bisanzwe bigoye; naho womenga birumvikana ko hatobura uwemera gupfira umuntu w’intungane. Ariko, Imana yo yatweretse urukundo rwayo rwinshi mu gutuma Kristo kudupfira kandi tukiri abanyavyaha.
Ni ivy’ukuri ko kubera igicumuro c’umuntu umwe, urupfu rwashitse ku bantu bose. Ariko, biciye ku wundi muntu umwe nyene, ari we Yesu Kristo, Imana yahaye abana b’abantu ivyiza birengeje: yabagiriye ubuntu butagira akagero ibemera ko bagororotse kandi yemera ko bazoganzanya na Kristo.
Kuko impembo y’icaha ni urupfu, ariko ingabire Imana itanga ku buntu ni ubugingo budashira duheshwa no kwizera Kristo Yesu, Umwami wacu.
A morte na perspectiva bíblica
Há tempo de nascer e tempo de morrer. A morte é realidade humana, mas Deus é Senhor tanto dos vivos quanto dos mortos.
Ubwenge
Kuvugwa neza bifise agaciro kuruta imibavu imota neza,
kandi umusi wo gupfa uruta umusi wo kuvuka.
Abagendera mu kugororoka
bashikira mu mahoro,
bararuhuka basinziriye itiro ry’urupfu.
Abantu bahora bagendera mu mwijima
babonye umuco mwinshi.
Ababa mu gihugu c’umwijima w’umuzitanya
bakiwe n’umuco mwinshi.
Ariko ntiwemerewe kurya ku giti kimenyekanisha iciza n’ikibi, kuko umusi wakiriyeko uzopfa nta kabuza."
Ni nde azobaho ntabone urupfu,
canke ni nde azokira ntaje mu mva?
Mbega Mpwemu wawe nomuhungira hehe?
Noja he ngo mpunge mu nyonga hawe?
Noja mw’ijuru, ni ho uri;
nokwubaka uburiri bwanje i bwina, ni yo uri.
Nshira ku mutima wawe nk’ikidodo,
nk’ikidodo ku kuboko kwawe;
kuko urukundo rukomeye nk’urupfu,
ishari ryarwo rigakomera nk’i kuzimu.
Ruturira nk’umuriro waka,
nk’urubeya rukomeye.
Ehe ndi mu kwitaba Imana nk’uko bigendera abandi bose. Murazi n’imitima yanyu yose n’imishaha yanyu yose ko ata ciza na kimwe Uhoraho Imana yanyu yasezeranye kitashitse. Ivyo yasezeranye vyose yarabishikije, nta na kimwe cavuyemwo.
Sinezerezwa n’urupfu rw’umuntu n’umwe, ni jewe Uhoraho Nyeninganji ndabivuze. Nimwihane, mubone kubaho!
Yesu aca arasemerera n’ijwi rirenga ati: "Data, mu biganza vyawe ni ho nshize impwemu yanje." Ahejeje kuvuga ivyo, aracikana.
Ariko arababarizwa i kuzimu, yunamura amaso abona Aburahamu ari kure cane, na Lazaro ari mu gikiriza ciwe. Wa mutunzi arasemerera ati: ‘Data Aburahamu, ngirira ikigongwe, urungike Lazaro, akoze isonga ry’urutoke rwiwe mu mazi, ampfuvye ku rurimi kuko ndiko ndababarizwa cane muri uno muriro.’
Ivyo vyipfuzo bimaze gutwara inda, bivyara icaha. Icaha na co kimaze gukura, kikavyara urupfu.