Publicidade

Mudança

Por Bíblia Online

A mudança é constante na vida, mas Deus é imutável. A Bíblia nos ensina a abraçar a transformação espiritual enquanto confiamos no Deus que é o mesmo ontem, hoje e sempre.

Deus é imutável

Jesus Cristo é o mesmo ontem, hoje e para sempre. Deus não muda — Ele é a rocha firme em meio às mudanças constantes da vida.

Yesu Kristo ntahinduka: uko yari ari ejo ni ko ari uno musi n’ibihe bidashira.

Ukuva mw’isezerano mu kudatanga ibigiracumi

"Ndi Uhoraho kandi simpindagurika. Ni co gutuma mwebwe urvyaro rwa Yakobo mutararandurwa.

Ingabire yose nziza kandi itunganye iva ku Mana Data, yaremye umuco wose wo mw’ijuru, kandi muri we ntihigera habaho guhindagurika kurya kw’igitutu.

Ijuru n’isi bizokurwaho, ariko amajambo yanje ntazovaho.

Transformação em Cristo

Se alguém está em Cristo, é nova criação. Somos transformados de glória em glória à imagem do Senhor pelo poder do Espírito.

Kuko uwuri muri Kristo Yesu aba abaye icaremwe gishasha, ivya kera biba biheze, ibishasha biba bishitse.

Natwe abakuweko ico gitambara, tugaragaza ubwiza bw’Umwami wacu, kandi tukaba turiko turahindurwa ngo duse na we, tuva mu bwiza tuja mu bundi, na bwo bukaba buva ku Mwami wacu, na we akaba ari Mpwemu.

Ntimukigane inyifato n’imigenzo vy’isi ya kino gihe, ariko mureke Imana ibahindure rwose mu kubaha ukwiyumvira gushasha. Aho ni ho muzoshobora gutahura ivyo Imana ibagombako, kuko ni vyo vyiza, ni vyo biyihimbara kandi ni vyo bitunganye rwose.

Bakundwa, turi abana b’Imana, ariko uko tuzomera Kristo niyagaruka ntikuramenyekana. Ico tuzi ni uko tuzosa na we, kuko tuzomubona uko ari.

Azofata uwu mubiri wacu w’intege nke kandi upfa, akawuhindure umubiri w’ubwiza usa n’uwiwe, muri bwa bushobozi afise bumushoboza gushira vyose musi y’inganji yiwe.

Ariko reka ndababwire ibanga rihambaye: ntituzopfa, ahubwo tuzohindurwa ukundi. Bizoba mu kanya isase, nk’uwukubise urugohe, igihe inzamba izovuga. Niyavuga abazoba barapfuye bazoca bazukira kubaho ibihe vyose. Natwe tuzoba tukiri bazima, tuzoca duhindurwa ukundi.

Arrependimento como mudança

Arrependei-vos, pois, e convertei-vos. O arrependimento é a mudança mais radical — da morte para a vida, do pecado para a graça.

Nimukore ibikorwa vyerekana ko mwihanye,

Haba na mba! Ariko nimutihana namwe muzohona nka bo.

Nuko rero nimwihane, muhindukire, kugira ngo ivyaha vyanyu bihanagurwe, ngo ibihe vy’impemburo bibone ingene biza, bivuye imbere y’Umwami Imana,

Tempos e ciclos

Para tudo há uma estação e um tempo para cada propósito debaixo do céu. Deus faz novas todas as coisas no tempo certo.

Ikintu cose gifise igihe caco

Ikintu cose cashingiwe igihe caco,

hari igihe c’igikorwa cose kibera musi y’ijuru:

Urunganwe ruraza urundi rukagenda,

ariko isi igumaho ibihe vyose.

Izuba riraseruka bwije rikarenga,

hanyuma rikihutira gusubira iyo riserukira.

Umuyaga uhuha uja mu bumanuko,

hanyuma ugahindukirira mu buraruko,

ukagenda uzunguruka,

ukama usubiramwo inzira yawo.

Inzuzi zose zitemba zija mu kiyaga,

ariko ikiyaga nticigera cuzura.

Aho za nzuzi zatanguriye,

ni ho amazi asubira.

Icabayeho kizosubira kubaho,

icakozwe kizokwongera gukorwa;

nta gishasha musi y’izuba.

Hoba hariho na kimwe umuntu yovuga ati:

"Raba, iki ni gishasha"?

Carabayeho, kera muri kahise;

cariho imbere yacu.

Ehe ngiye gukora ikintu gishasha!

Raba kimaze no kugaragara; mbega nta co mubona?

Ngiye guca inzira mu bugaragwa,

ntembeshe inzuzi ahagadutse.

Ica mbere mukwiye kumenya ko mu misi y’iherezo hazoza abacokoranyi, bacokora ukuri kandi bagakurikira ivyipfuzo vyabo bibi. Bazoba bavuga bati: "Ukwo kugarukayasezeranye kuri he? Kuva aho ba sogokuruza bapfiriye, vyose bihora uko vyamye ubwa mbere isi ikiremwa." Ariko biyibagiza ibigirankana ko amajuru yabayeho n’isi ikaremwa ikuwe mu mazi kandi igizwe n’amazi, biremwe n’Ijambo ry’Imana. Mu nyuma, ayo mazi nyene ni yo yarengeye isi y’ico gihe arayihonya. Bivuye muri iryo jambo nyene, amajuru y’ubu n’isi y’ubu bibikiwe kuzotongorwa n’umuriro, birindirijwe uwo musi wo guca imanza no guhonya abatubaha Imana.

Seja o primeiro
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-07-05_12-11-46-