Pular para o conteúdo
Publicidade

Não desista!

Por Bíblia Online

'Não desista!' é o grito do céu para a terra. Deus nos encoraja a perseverar na fé, na oração e na esperança, porque a vitória pertence aos que não se rendem.

Força na fraqueza

Os que esperam no Senhor renovam as forças. Deus não se cansa nem se fatiga — Ele dá poder aos fracos e vigor aos cansados.

Ntimwari mubizi?

Ntimwari bwavyumve?

Uhoraho ni Imana y’ibihe vyose,

ni we muremyi w’isi iyo iva ikagera.

Ntazorambirwa canke ngo adendebukirwe,

ubwenge bwiwe ntibutahurwa n’abantu.

Ni we yongera inkomezi abacitse intege,

akongerereza inguvu abanyantegenke.

Mbere n’imisore iracika intege ikaruha,

abakiri bato baradandabagirana bagatemba,

ariko abizigiye Uhoraho

bazokwama bongerwa inkomezi.

Bazoguruka mu kirere nk’abagurukisha amababa y’inkona,

bazokwiruka ntibaruhe,

bazogenda ntibacike intege.

Yemwe bantu b’i Siyoni, namwe ababa i Yerusalemu, ntimugisubira kurira. Azobagirira imbabazi nimwamuririra. Niyamara kubumva, azoca abishura.

Umukiza wa Isirayeli

Ariko noneho, uku ni ko Uhoraho avuze.

Uwakuremye, ewe Yakobo,

akakubumba, yewe Isirayeli,

aravuze ati: "Ntutinye kuko nakurokoye;

naguhamagaye mw’izina; uri uwanje.

Niwaca mu mazi menshi,

nzoba ndi kumwe nawe;

niwaca mu nzuzi,

ntizizokurengera.

Niwaca mu muriro,

ntuzosha,

imbeya ntizizogutongora.

Kuko ndi Uhoraho Imana yawe,

Uwera wa Isirayeli, Umukiza wawe.

Natanze Egiputa nk’incungu yawe,

Etiyopiya na Seba ndahatanga mu gishingo cawe.

Ndazi ico ari co kuba mu bukene, kandi ndazi kubaho mu musesekara. Narize ibanga ryo kubaho muri vyose, haba mu gahimbo canke mu nzara, haba mu musesekara canke mu bukene. Nshobozwa vyose na Kristo ampa inkomezi.

Ni co gituma tudacika intege, naho imibiri yacu iriko irashira, umuntu wacu w’imbere aguma yiyubura ku musi ku musi. Kuko imibabaro yacu naho ari mito kandi y’akanya gato, ituzanira ubwiza bw’akaburarugero kandi buzokwamaho. None rero ntiduhanga amaso ku biboneka vy’abiki gihe, ariko tuyahanga ku bitaboneka, kuko ibiboneka ari ivy’akanya gato, ariko ibitaboneka bizokwamaho ibihe vyose.

Perseverança na fé

Não perca a confiança, pois ela tem grande recompensa. O justo viverá pela fé, e quem perseverar até o fim será salvo.

Ntimugatakaze ivyizigiro mufise mu Mwami, kuko bifise impera ikomeye.

Muze twumire ku vyizigiro twatura tutanyiganyiga, kuko Imana yasezeranye ni iyo kwizigirwa. Kandi turondere ingene twoterana intege zo gukundana no gukora ibikorwa vyiza. Kandi ntiduhebe gukoranira hamwe, nk’uko bamwe babigira, ahubwo duterane intege, na canecane ubu mubona ko umusi wo kugaruka kwiwe wegereje.

Kandi ata kwizera, ntibishoboka ko umuntu ahimbara Imana. Umuntu wese ashaka kwegera Imana, ategerezwa kwizera ko iriho kandi ko iha impera abayirondera.

Kuko ijambo ry’Imana ni rizima kandi ryuzuye ubushobozi. Rikarishe kurusha inkota y’ubugi bubiri; ririnjira rigashika aho ritandukanya umushaha n’impwemu, n’ingingo n’imisokoro. Rishira ahabona ivyipfuzo n’ivyiyumviro vy’umutima w’umuntu.

Dukore ivyiza tudacika intege, kuko igihe gikwiye kigeze tuzokwimbura, nitutava ku gikorwa.

Ehe ndaza vuba. Wumire ku co ufise kugira ngo ntihagire uwugutwara impera yawe.

Ni co gituma abera b’Imana, bubaha amabwirizwa yayo bakaguma mu kwizera Yesu, bakwiye kwihangana cane.

Hahiriwe umuntu yihanganira ibimugerageza, kuko inyuma y’ukugeragezwa, niyarama azohabwa urugori rw’ubugingo Imana yasezeraniye abayikunda.

Deus é refúgio

O Senhor é nosso refúgio e fortaleza. Ele ouve nossas orações, nos consola nas tribulações e transforma choro em dança.

Imana ni yo buhungiro bwacu n’inkomezi

ni umufasha atabura guseruka mu magorwa.

Uremeke imitwaro yawe Uhoraho

na we azogushigikira;

ntazokwigera areka

umugororotsi ngo anyiganyizwe.

Uhoraho abera ubuhungiro impahazwa,

ni igihome co guhungiramwo mu gihe c’ivyago.

Abazi izina ryawe bazokwizigira,

kuko wewe, Uhoraho, ntiwigeze uheba abakurondera.

Ababiba barira

bazokwimbura baririmba.

Abasohoka barira,

bajanye imbuto kubiba,

bazogarukana indirimbo z’umunezero,

bikoreye ivyimburwa.

Nimukomere mureme mu mitima,

yemwe mwese abizigira Uhoraho.

Ijambo ryawe ni itara rimurikira ibirenge vyanje,

ni umuco umurikira mu nzira yanje.

Uhoraho aba hafi y’abamwambaza bose,

abamwambaza mu kuri bose.

Ashitsa ivyo abamwubaha bipfuza;

yumva ugutakamba kwabo maze akabakiza.

Vitória em Cristo

Jesus venceu o mundo e nos dá vitória. Para Deus nada é impossível, e Ele faz infinitamente mais do que pedimos ou pensamos.

Ibi ndabibabwiye kugira ngo mugire amahoro muri jewe. Muri iyi si muzohagirira amarushwa menshi, ariko nimuhumure jewe naranesheje isi."

Kuva ico gihe benshi mu bigishwa biwe baca baragenda ntibasubira kumukurikira.

Yesu ahindukirira bamwe cumi na babiri arababaza ati: "Mbega namwe murashaka kwigira?"

Simoni Petero aramwishura ati: "Mwami, twokuvako tugakurikira nde? Erega ni wewe ufise amajambo atanga ubugingo budashira! Twebwe twarakwizeye turatahura ko uri Uwera w’Imana."

Sinzobasiga nk’impfuvyi; nzoza aho muri.

Gusaba n’umwete

Musabe muzohabwa, murondere muzoronka, mudodore muzokwugururirwa. Kuko uwusaba wese arahabwa, uwurondera araronka, n’uwudodora arugururirwa.

Nimuze kuri jewe mwese abarushe n’abaremerewe n’imitwaro, ndabaruhura. Mwakire umutwaro wanje hanyuma munyigireko kuko ndi umugwaneza kandi nicishije bugufi mu mutima, namwe muzoronka uburuhukiro bw’imitima yanyu. Kuko umutwaro wanje urahwahutse kandi ivyo ndabikoreza ntibiremereye."

Yesu arabitegereza, hanyuma ababwira ati: "Ku bantu ntibishoboka, ariko ku Mana vyose birashoboka."

kuko ata jambo Imana ivuze ribura ububasha."

Esperança e transformação

O Senhor completa a boa obra que começou em nós. Ele faz novas todas as coisas e dá esperança para o futuro.

Sinkekeranya ko Imana yatanguje ico gikorwa ciza muri mwebwe izokibandanya gushika ikirangije, ku musi Kristo Yesu azogarukirako.

Kuko uwuri muri Kristo Yesu aba abaye icaremwe gishasha, ivya kera biba biheze, ibishasha biba bishitse.

Ijuru rishasha n’isi nshasha

Hanyuma nca mbona ijuru rishasha n’isi nshasha, kuko ijuru rya mbere n’isi ya mbere vyari vyakuweho, kandi nta n’ikiyaga cari kikihari. Nca mbona n’Igisagara Cera, Yerusalemu nshasha, yururuka ivuye mw’ijuru ku Mana, uteguwe nk’umugeni yambitswe neza, ateguriwe umugabo wiwe. Nca numva ijwi rirenga rivuye kuri ya ntebe y’inganji, rivuga riti: "Ehe raba inzu y’Imana iri mu bantu, kandi izobana na bo. Bazoba abantu bayo, kandi Imana ubwayo izobana na bo, ibe Imana yabo. Izobahanagura amosozi yose ku maso yabo. Nta rupfu canke kugandara, nta kurira canke kubabara bizoba bikiriho, kuko ivya kera bizoba bikuweho."

Uhoraho ni mwiza,

ni ubuhungiro mu gihe c’amagorwa,

kandi yitaho abamuhungirako.

Kuko nzi imigambi ndabafitiye," ni ko Uhoraho avuze, "ni imigambi yo kubateza imbere, si iyo kubagirira nabi, ni imigambi yo kubaha ivyizigiro muri kazoza.

Ariko mweho, nimukomere ntimwihebure, kuko igikorwa canyu kizoronka ingero."

Permanecendo firme

Persevere na oração, firme-se na Palavra e fortaleça-se na graça de Cristo. A fé vem pelo ouvir, e o ouvir pela Palavra de Deus.

Ntimukabe abanebwe, ahubwo mwamane umwete mu mitima yanyu wo gukorera Umwami Imana. Ivyizigiro vyanyu bitume mugumana umunezero. Mwihanganire imibabaro kandi mushishikare gusenga.

Ivyizigiro vyanyu bitume mugumana umunezero. Mwihanganire imibabaro kandi mushishikare gusenga.

Abo nkunda, ntimukihore uwubagiriye nabi, ariko mubirekere uburake bw’Imana, kuko handitswe ngo: "Uguhora ni ukwanje, ni jewe nzokwishura umuntu ibikwiranye n’ivyo yakoze."

Mu vy’ukuri ukwizera kuzanwa no kwumva Ubutumwa Bwiza, ari ryo jambo rya Kristo.

Turazi ko muri vyose Imana ikora ishakira ineza abayikunda, abo yahamagaye nk’uko biri mu mugambi wayo.

Ivyanditswe vyose vyahumetswe n’Imana kandi bifise akamaro ko kwigisha ukuri, kwiyamiriza ibibi, gukebura no gutoza indero nziza mu bugororotsi, kugira ngo umuntu w’Imana atunganywe rwose, agire ibikwiye ku bw’igikorwa ciza cose.

Wame ufatira akarorero ku nyigisho z’ukuri wanyumvanye, uhagarare mu kwizera, no mu rukundo dufise muri Kristo Yesu. Uzigame ingabire nziza wabikijwe, ufashijwe n’ububasha bwa Mpwemu Yera aba muri twebwe.

Umwami wacu Yesu Kristo we nyene, hamwe n’Imana Data wa twese batweretse urukundo ruhebuje, kandi ku bw’ubuntu baduha ukuremeshwa kw’ibihe bidashira n’ivyizigiro vyiza. Babaremeshe mu mitima yanyu bongere babahe inkomezi zo kwama mukora ivyiza mu bikorwa no mu majambo muvuga.

Imana ni iyo kwizigirwa kandi iragororotse. Iyo twatuye ivyaha vyacu, irabiduharira ikatweza ibibi vyose.

Kandi ico tuzi tudakekeranya ni uko iyo tuyisavye ico ari co cose gihuye n’ugushaka kwayo itwumva. Kandi uko tuzi ko itwumva iyo dusenze, ni ko tuzi kandi ko iduha ico tuyisavye.

Urukundo ntirucika intege, ntirutakaza ukwizera, ntirutakaza ivyizigiro, rukomeza kwihanganira ibihe uko bije kwose.

Seja o primeiro