Pular para o conteúdo
Publicidade

Nascer de novo

Por Bíblia Online

Nascer de novo é a porta de entrada para a vida em Deus. Jesus ensinou que sem o novo nascimento espiritual, ninguém pode ver nem entrar no Reino de Deus.

A necessidade do novo nascimento

Jesus declarou a Nicodemos: 'Aquele que não nascer de novo não pode ver o Reino de Deus.' O novo nascimento é pelo Espírito.

Yesu aramwishura ati: "Ndakubwire ukuri, nta muntu n’umwe ashobora kubona Ubwami bw’Imana, atavutse ubwa kabiri."

Yesu aramwishura ati: "Ndakubwire ukuri, nta muntu n’umwe ashobora kubona Ubwami bw’Imana, atavutse ubwa kabiri."

Nikodemu aramubaza ati: "Mbega umuntu ashaje yoshobora kuvuka ubwa kabiri gute? Yoshobora gusubira mu nda ya nyina, akongera akavuka?"

Yesu aramwishura ati: "Ndakubwire ukuri, nta muntu n’umwe ashobora kwinjira mu Bwami bw’Imana atavyawe n’amazi na Mpwemu. Umubiri uvyara umubiri, ariko Mpwemu avyara impwemu. Ntutangazwe n’uko ndakubwiye nti: Utegerezwa kuvuka ubwa kabiri. Umuyaga uhuhutira aho ushaka, wewe ukumva uhuhuta gusa, ariko ntushobora kumenya iyo uzanana canke iyo uja. Uko ni ko bimera no ku wuvyawe na Mpwemu."

Yesu aramwishura ati: "Ndakubwire ukuri, nta muntu n’umwe ashobora kwinjira mu Bwami bw’Imana atavyawe n’amazi na Mpwemu. Umubiri uvyara umubiri, ariko Mpwemu avyara impwemu. Ntutangazwe n’uko ndakubwiye nti: Utegerezwa kuvuka ubwa kabiri.

Ndababwire ukuri, umuntu wese atakira Ubwami bw’Imana nk’umwana muto ntazokwigera abwinjiramwo."

Kuba mukuru mu Bwami bw’ijuru

Muri ico gihe, abigishwa begera Yesu baramubaza bati: "Mbega ni nde mukuru mu Bwami bw’ijuru?"

Yesu aca ahamagara umwana mutoya, amuhagarika hagati yabo. Hanyuma ababwira ati: "Ndababwire ukuri, mudahindutse ngo mumere nk’abana bato, ntimuzokwigera mwinjira mu Bwami bw’ijuru. Kandi umuntu wese yicisha bugufi nk’aka kana ni we mukuru mu Bwami bw’ijuru.

Nova criação em Cristo

Quem está em Cristo é nova criação. Morremos e ressuscitamos com Ele para viver em novidade de vida, livres do velho homem.

Kuko uwuri muri Kristo Yesu aba abaye icaremwe gishasha, ivya kera biba biheze, ibishasha biba bishitse.

Ivyo bivuga ko twapfuye hanyuma tugahambanwa na we mu kubatizwa, kugira ngo, nk’uko yazuwe mu bapfuye n’ubushobozi bw’ubwiza bwa Data, abe ari ko natwe tubaho mu bugingo bushasha.

Kandi nimba twagizwe umwe na Kristo mu rupfu rwiwe, natwe tuzozurwa nk’uko na we yazuwe. Turazi neza ko kamere muntu ka kera, gakunda icaha kabambanywe na Kristo, kugira ngo inkomezi z’icaha zishire mu mibiri yacu, ntituze dusubire kuba abagurano b’icaha. Kuko iyo umuntu apfuye aba atandukanye no gukora ivyaha.

Ivyo bivuga ko twapfuye hanyuma tugahambanwa na we mu kubatizwa, kugira ngo, nk’uko yazuwe mu bapfuye n’ubushobozi bw’ubwiza bwa Data, abe ari ko natwe tubaho mu bugingo bushasha.

None rero, namwe nimufate ko mwapfuye, ko icaha kitakibafiseko ubushobozi, kandi ko muriho muri ab’Imana muri Kristo Yesu.

si jewe nkiriho; ariko ni Kristo ariho muri jewe. Nkiri muri uwu mubiri, mbayeho mu kwizera Umwana w’Imana yankunze akitanga ku bwanje.

Ku bijanye n’ingeso zanyu za kera, mwarigishijwe kwiyambura kamere k’icaha ari we muntu wanyu wa kera, abozwa n’ivyipfuzo vyiwe vy’uruhendo; ngo mugirwe bashasha na Mpwemu mu vyiyumviro vyanyu no mu myifato; hanyuma mwambare umuntu mushasha, yaremwe ngo ase n’Imana mu bugororotsi bw’ukuri no mu kwezwa.

Ntimukabeshane kuko mwiyambuye wa muntu wa kera n’ibikorwa vyiwe, mukambara umuntu mushasha. Uwo na we yama ahinduka mu gutahura, akama arondera gusa n’Umuremyi wiwe. Aha ntihaba hakiri Umugiriki canke Umuyuda, uwakebwe canke uwutakebwe, uwateye imbere canke uwutaratera imbere, umugurano canke uwidegemvya, ariko ni Kristo ari vyose kandi ari muri bose.

Filhos de Deus

Nascemos de novo pela Palavra viva de Deus. Quem crê em Jesus recebe o direito de se tornar filho de Deus, nascido do Espírito.

Ariko abamwakiriye bose, bakizera izina ryiwe, yabahaye uburenganzira bwo guhinduka abana b’Imana. Abo ntibavyawe mu buryo busanzwe, biciye mu kwipfuza kw’umubiri canke mu gushaka kw’umugabo; ahubwo bavyawe n’Imana.

Imana ishimirwe ivyizigiro bizima

Amashimwe yose abe ay’Imana Se w’Umwami wacu Yesu Kristo, kuko ku bw’imbabazi zayo nyinshi, yaduhaye kuvuka ubwa kabiri, mu kuzura Yesu Kristo mu bapfuye. Ubu dufise ivyizigiro bizima vyo kuzoronka umugabane udashobora guhera, kwononekara canke gusaza. Uwo mugabane uzigamiwe mw’ijuru ku bwanyu.

Ubu mwaravutse ubwa kabiri, ntimwavukiye ubuzima bw’akanya gato. Ubuzima bwanyu bushasha ni ubw’ibihe bidashira kuko buva ku mbuto itabora, ari ryo jambo rizima ry’Imana rihoraho.

Mumere nk’abana bato b’inzoya, mwipfuze kandi murondere kunywa amata y’impwemu atavanze, kugira ngo abakuze mu gakiza, nimba vy’ukuri mumaze kwumviriza mukamenya ukugira neza kw’Umwami wacu.

Nimurabe urukundo Data yadukunze kugeza aho atwita abana biwe! Kandi koko turi bo! Igituma ab’isi batazi ko turi abana n’Imana ni uko batayimenye. Bakundwa, turi abana b’Imana, ariko uko tuzomera Kristo niyagaruka ntikuramenyekana. Ico tuzi ni uko tuzosa na we, kuko tuzomubona uko ari.

Maze igihe gikwiye kigeze, Imana irungika Umwana wayo, avyagwa n’umugore, avukira mu vyagezwe, kugira ngo acungure abaganzwa n’ivyagezwe, yongere atugire abana biwe bwite.

Nzobaha umutima umwe, ndabashiremwo impwemu nsha. Nzobakuramwo umutima w’ibuye ndabahe umutima w’inyama. Bazokurikiza amabwirizwa yanje, bagendere mu vyagezwe vyanje. Bazoba abantu banje, nanje nzoba Imana yabo.

Ariko kubera urukundo rwinshi Imana, yo mutunzi w’imbabazi, yadukunze, yatugiranye bazima na Kristo igihe twari tugipfuye twishwe n’ibicumuro vyacu. Ubuntu bw’Imana ni bwo bwabakijije.

Seja o primeiro