A nova jerusalém
A Nova Jerusalém é a cidade de Deus que desce do céu, morada eterna dos redimidos. Nela não haverá mar, morte, choro nem dor — Deus habitará com seu povo para sempre.
A cidade celestial
João viu a santa cidade, a Nova Jerusalém, descendo do céu como noiva adornada para o esposo. Ali Deus morará com seu povo.
Nca mbona n’Igisagara Cera, Yerusalemu nshasha, yururuka ivuye mw’ijuru ku Mana, uteguwe nk’umugeni yambitswe neza, ateguriwe umugabo wiwe. Nca numva ijwi rirenga rivuye kuri ya ntebe y’inganji, rivuga riti: "Ehe raba inzu y’Imana iri mu bantu, kandi izobana na bo. Bazoba abantu bayo, kandi Imana ubwayo izobana na bo, ibe Imana yabo. Izobahanagura amosozi yose ku maso yabo. Nta rupfu canke kugandara, nta kurira canke kubabara bizoba bikiriho, kuko ivya kera bizoba bikuweho."
Aca anjana ndi muri mpwemu, andugana ku musozi munini kandi muremure, aca anyereka igisagara cera, Yerusalemu, cururuka kiva mw’ijuru ku Mana. Ico gisagara cakayangana ubwiza bw’Imana kandi imishwarara yaco yari imeze nk’iy’akabuye k’igiciro kitwa yasipi, kibonerana nk’ikiyo. Cari kizitijwe uruhome runini mu bwaguke kandi rurerure, rufise amarembo cumi n’abiri arinzwe n’abamarayika cumi na babiri. Kandi amazina y’imiryango cumi n’ibiri ya Isirayeli yari yanditse kuri ayo marembo. Mu buseruko hari amarembo atatu, mu buraruko atatu, mu bumanuko atatu, no mu burengero atatu nyene. Uruzitiro rw’ico gisagara rwari rwubakiye ku mabuye cumi n’abiri y’urufatiro, ari zo ntumwa z’Umwagazi w’intama.
Nta rusengero nabonye muri ico gisagara, kuko Umwami Imana Mushoboravyose n’Umwagazi w’intama ari bo rusengero rwaho. Muri ico gisagara nta zuba canke ukwezi bikenewe vyo kuhamurikira, kuko ubwiza bw’Imana buhamurikira, kandi Umwagazi w’intama akaba ari we tara ryaho.
Maze wa mumarayika aca anyereka rwa ruzi rw’amazi y’ubugingo, rubonerana nk’ikiyo, rutemba ruva ku ntebe y’inganji y’Imana n’iy’Umwagazi w’Intama, rukamanuka ruca hagati muri rya barabara rinini ryo mu gisagara. Ku mpande zompi z’urwo ruzi hari igiti c’ubugingo, cama cumi na kabiri mu mwaka, kikama uko ukwezi gutashe. Kandi amababi yaco ni umuti wo gukiza amahanga. Nta muvumo uzobayo, kuko intebe y’inganji y’Imana n’iy’Umwagazi w’intama zizoba ziri muri ico gisagara, kandi abakozi bayo bazoyisenga. Bazobona mu nyonga hayo, kandi izina ryayo rizokwandikwa mu ruhanga rwabo. Nta joro rizobayo kandi nta muco w’itara canke w’izuba bazokenera, kuko Umwami Imana azobamurikira. Kandi bazoganza ibihe vyose.
A pátria celestial
Os patriarcas aguardavam uma cidade que tem fundamentos, cujo arquiteto e construtor é Deus. Nosso lar eterno está além desta vida.
Ariko bariko barondera igihugu kiruta ibindi, igihugu co mw’ijuru. Ni co gituma Imana idaterwa n’isoni no kwitwa Imana yabo, kuko yabateguriye igisagara.
Ariko mwebwe mwegereye Umusozi Siyoni, igisagara c’Imana nzima, Yerusalemu co mw’ijuru, aho abamarayika ibihumbi n’ibihumbi bama bakoraniye mu munezero. Mwegereye ikoraniro ry’abana b’imfura b’Imana banditswe mw’ijuru. Mwegereye Imana ubwayo, umucamanza w’abantu bose. Mwegereye impwemu z’abagororotsi bari mw’ijuru, bamaze gutunganywa rwose. Mwegereye Yesu, umuhuza w’isezerano rishasha riri hagati y’Imana n’abantu, kandi mwegereye amaraso aduhumanura, avuga ivyiza kurusha aya Abeli.
Ariko uwundi mugore, ari we Sara, agereranywa na Yerusalemu wo mw’ijuru. Ni umugore yidegemvya, kandi ni we mama atuvyara.
"Ntimuhagarike imitima yanyu, mwizere Imana kandi nanje munyizere. Mu rugo kwa Data hari amazu menshi, kandi ngiye kubategurira aho kuba. Iyo bitaba biri uko, nari kubibabwira. Ninaheza kubategurira aho kuba, nzogaruka kubatora, kugira ngo mubane nanje aho nzoba ndi.
A glória da Nova Jerusalém
Deus habitará no meio do seu povo. Sua presença será a luz da cidade, e o rio da vida fluirá do trono de Deus e do Cordeiro.
Hari uruzi rufise amazi ahimbara igisagara c’Imana,
ahera aho Iyisumbavyose iba.
Inkikuro y’ico gisagara izobe ingero z’igice c’ukuboko ibihumbi icumi n’umunani.
Kandi kuva ico gihe, izina ry’ico gisagara rizobe iri: Uhoraho ni ho ari."
Shira akamo hejuru unezerwe, Mukobwa w’i Siyoni. Kuko ndiko ndaza, kandi nzoba hagati muri wewe," ni ko Uhoraho avuze. "Amahanga menshi azokwifatanya n’Uhoraho kuri uwo musi kandi azohinduka abantu banje. Nzoba muri mwebwe namwe muzomenya ko Uhoraho Mushoboravyose ari we yabantumyeko. Uhoraho azoronka i Buyuda nk’umugabane wiwe mu gihugu cejejwe kandi azosubira gutoranya Yerusalemu.
Ehe ndaza vuba. Wumire ku co ufise kugira ngo ntihagire uwugutwara impera yawe. Uwuzonesha nzomugira inkingi mu rusengero rw’Imana yanje, kandi ntazokwigera ahava. Nzomwandikako izina ry’Imana yanje, hamwe n’iry’igisagara c’Imana yanje, ni co Yerusalemu nshasha, imanuka iva mw’ijuru ku Mana yanje; kandi nzomwandikako izina ryanje rishasha.
Kandi nihagira ico agabanije ku majambo y’ubuvugishwa ari muri uwu muzingo w’igitabu, Imana izomwaka umugabane wiwe ku giti c’ubugingo no mu Gisagara Cera vyavuzwe muri iki gitabu.