Obediência aos pais
A obediência aos pais é mandamento divino com promessa de vida longa. A Bíblia valoriza a honra filial e ensina os filhos a respeitar e obedecer aos pais com amor.
Honrar pai e mãe
O quinto mandamento ordena honrar pai e mãe. É o primeiro mandamento com promessa: para que vá bem e vivas muito na terra.
Wubahe so na nyoko kugira ngo uzorambire mu gihugu Uhoraho Imana yawe iguhaye.
Wubahe so na nyoko nk’uko Uhoraho yabigutegetse, kugira ngo uzorambire mu gihugu Uhoraho Imana yawe iguhaye, kandi ivyawe bizogende neza.
Kuko Imana yavuze iti: ‘Wubahe so na nyoko,’ yongerako iti: ‘Umuntu wese azovuma se canke nyina aze yicwe.’
Bana, mwumvire abavyeyi banyu kuko muri ab’Umwami, kandi akaba ari vyo bibereye. "Wubahe so na nyoko." Ni co cagezwe ca mbere gifise isezerano: "Niwubahe so na nyoko kugira ngo ivyawe bize bigende neza kandi kugira ngo uze urambire kw’isi."
Ba se, ntimuratse abana banyu; ahubwo mubarerere mu ngeso nziza zo kwubaha Umwami.
Obedecer e respeitar
Filhos, obedecei a vossos pais no Senhor. A obediência filial é expressão de amor e temor a Deus.
Bana, mwubahe abavyeyi banyu muri vyose, kuko ari vyo bihimbara Umwami wacu.
Wirinde uguhamagara kw’umunyavyaha
Mwana wanje, wumvire ico so akubwira,
kandi ntukanke ico nyoko akwigisha.
Bizokubera urugori rw’ubuntu ku mutwe,
n’umugufu ushariza izosi.
Kwirinda ubusambanyi
Mwana wanje, wumve ivyo so agutegeka,
kandi ntiwanke ivyo nyoko akwigisha.
Ubizigame mu mutima wawe ibihe vyose,
uvyambare mw’izosi.
Uri ku rugendo, bizokurongora,
uryamye bizokurarira;
kandi niwavyuka bizokuganiriza.
Kuko ibwirizwa ni itara,
inyigisho ni urumuri,
ukugabisha no gutoza indero na vyo
ni inzira ijana mu buzima.
Impanuro z’umuvyeyi
Bana banje, nimutege amatwi inyigisho z’umuvyeyi;
muzishireko umutima kugira ngo mugire ubwenge.
Ndiko ndabaha inyigisho nyazo;
none rero ntimukanke inyigisho zanje.
Kuko nanje narabaye umwana kuri data,
kandi narakundwa cane na mama nk’umwana w’ikinege.
Data yanyigishije ati: "Ushire amajambo yanje ku mutima,
ugendere mu mabwirizwa yanje,
ni ho uzobona kubaho.
Rondera ubwenge, rondera ugutahura;
ntiwibagire amajambo yanje canke ngo uyavemwo.
Ntugahebe ubwenge kuko ni bwo buzokuzigama;
ahubwo ubukunde kuko ni bwo buzokurinda.
Umwana w’ubwenge yumviriza inyigisho za se,
ariko umwana atagira indero ntiyemera gukosorwa.
Umenyereze umwana guca mu nzira ibereye,
niyakura ntazoyivamwo.
Disciplina e consequências
A vara e a repreensão dão sabedoria. A Bíblia adverte sobre as consequências sérias da rebeldia e desonra aos pais.
Inkoni yo guhana itanga ubwenge,
ariko umwana atarezwe amaramaza nyina.
Umwana asesagura ivya se, akirukana nyina,
yikwegera isoni n’ibimaramare.
Ijisho ry’uwugaya se,
rigakengera nyina ashaje,
rizonokorwa n’ibikona vyo mu biyaya,
riribwe n’ibinyakabaka.
Nihagira uwukubita se canke nyina azokwicwe.
Umuhungu ananiye abavyeyi
Abavyeyi nibagira umwana hanyuma akaba umugarariji ntabubahe n’aho bomuhana, bazomuzane imbere y’abatware kw’irembo ry’igisagara. Bazobwire abatware b’igisagara bati: "Uwu mwana wacu ni intumva kandi ni umugarariji. Ntatwumvira. Yama mu buhumbu n’akaborerwe." Maze abagabo bo muri ico gisagara bose bazomwicishe amabuye. Mutegerezwa gukura ikibi muri mwebwe. Abisirayeli bose bazovyumva batinye.
Uwuvuma se na nyina
itara ryiwe rizozimirizwa mu mwijima w’umuzitanya.
Mwihanganire uku guhabwa indero n’Imana, muzi ko ivyo ibikorera abana bayo bwite. Mwoba mumaze kubona umwana se adahana?
Ariko umupfakazi afise abana n’abuzukuru, bakwiye kubanza kwitwararika uwo muvyeyi, ni ho bazoba bamwishuye ivyo yabakoreye, kandi ivyo birahimbara Imana.