Publicidade

Obediência

Por Bíblia Online

A obediência a Deus é a resposta natural do amor. Jesus disse: 'Se me amais, guardareis os meus mandamentos.' A obediência abre portas de bênção e nos aproxima do coração de Deus.

Obedecer é melhor que sacrificar

Deus deseja obediência acima de rituais. O sacrifício sem submissão ao Senhor é vazio de significado espiritual.

Ariko Samweli aramwishura ati:

"Mbega Uhoraho ahimbarwa n’amashikanwa atongozwa umuriro n’ibimazi

kuruta kumwumvira no gukora ico yategetse?

Nyumviriza! Kwumvira Uhoraho biruta ibimazi, kandi

kwumvira ico yavuze biruta amapfizi y’intama anuze.

Petero n’izindi ntumwa barishura bati: "Dutegerezwa kwubaha Imana kuruta abantu!

Ivyo twebwe turabishingira intahe, kandi na Mpwemu Yera arabishingira intahe, uwo Imana yahaye abamwumvira."

N’aho yari Umwana w’Imana yize kwumvira biciye mu mubabaro yaciyemwo. Amaze kuba uwutunganye rwose, yahindutse isoko ry’agakiza kadashira ku bamwumvira bose.

Obedecer aos mandamentos de Cristo

Jesus vinculou amor a obediência. Quem ama a Deus guarda seus mandamentos, e seus mandamentos não são pesados.

Yesu asezerana kurungika Mpwemu Yera

Nimwaba munkunda, nimushire mu ngiro amabwirizwa yanje.

Yesu aramwishura ati: "Uwunkunda azoshira mu ngiro inyigisho zanje. Data azomukunda, kandi twe na Data tuzoza tubane na we.

Kuko gukunda Imana ni ukwitondera amabwirizwa yayo, kandi amabwirizwa yayo ntaremereye,

Bakundwa, iyo imitima yacu itaducira urubanza, turashobora kwegera Imana tudatinya. Kandi ico tuyisavye cose irakiduha, kuko twitondera amabwirizwa yayo, tugakora ibiyihimbara.

Kwubaka ku rutare

Ni kuki mumpamagara ngo: Mwami, Mwami,ariko ntimukore ivyo ndababwira?

Yongera kubabwirira bose hamwe ati: "Uwugomba kunkurikira, ni yihebe, yikorere umusaraba wiwe ku musi ku musi, ankurikire.

Obedecer e praticar a Palavra

Sejam praticantes da Palavra. Quem ouve e pratica é como o homem sábio que construiu sobre a rocha firme — inabalável.

Kandi iryo Jambo ntimupfe kuryumviriza gusa, mwihenda. Ahubwo mukore ico ribabwira.

Kandi iryo Jambo ntimupfe kuryumviriza gusa, mwihenda. Ahubwo mukore ico ribabwira.

Nuko, mwicishe bugufi imbere y’Imana. Mugwanye wa mubi, na we azobahunga.

Amajambo ari muri iki Gitabu c’Ivyagezwe ntaze yigere ava mu kanwa kawe. Uze wame uyiyumvirako ku murango no mw’ijoro, kugira ngo uzoshobore kwumvira ivyanditsemwo vyose. Ni ho uzoshobora kwama uja imbere, ugashika ku ntumbero mu vyo uzokora vyose.

Amajambo ari muri iki Gitabu c’Ivyagezwe ntaze yigere ava mu kanwa kawe. Uze wame uyiyumvirako ku murango no mw’ijoro, kugira ngo uzoshobore kwumvira ivyanditsemwo vyose. Ni ho uzoshobora kwama uja imbere, ugashika ku ntumbero mu vyo uzokora vyose.

Kwirinda ubusambanyi

Mwana wanje, wumve ivyo so agutegeka,

kandi ntiwanke ivyo nyoko akwigisha.

Uwemera gutozwa indero ari mu nzira ijana mu buzima,

ariko uwanka guhanurwa ahubisha abandi.

Bênçãos da obediência

A obediência abre caminho de bênçãos e prosperidade. Deus promete vida, saúde e vitória aos que andam em seus caminhos.

Imihezagiro ku bumvira

Nimwubaha Uhoraho Imana yanyu, n’imitima yanyu yose, mugakurikiza amabwirizwa yiwe ndabahaye uwu musi, Uhoraho Imana yanyu azobashira hejuru y’ayandi mahanga yose.

Ese imitima yabo yokwama yicisha bugufi, bakantinya bakongera bakanyubaha, bakama bakurikiza amabwirizwa yanje, kugira ngo ivyabo bize bigende neza kuri bo no ku ruvyaro rwabo, ibihe vyose.

Muzogume mu nzira Uhoraho Imana yanyu azobereka, ni ho ivyanyu bizogenda neza, mukarambira muri ico gihugu muhawe ngo mucegukire.

Ni co gituma umuntu wese atazokurikiza ayo mabwirizwa naho ryoba ritoya ryo muri yo kandi akigisha abandi kutayakurikiza azoba uwa nyuma mu Bwami bw’ijuru. Ariko uwo wese azoyakurikiza akigisha n’abandi kuyakurikiza azoba mukuru mu Bwami bw’ijuru.

None bene Data nkunda, mushikame ntihagire ikibanyiganyiza. Mwiyegurire imisi yose gukorera Umwami wacu kuko muzi neza ko ibikorwa vyanyu atari impfagusa mu Mwami.

Nk’uko umuntu umwe yanse kwumvira Imana bigatuma abantu benshi bahinduka abanyavyaha, ni ko no kwumvira Imana kw’uwundi muntu umwe nyene, kuzotuma benshi bahinduka abagororotsi.

Ivyagezwe vyatanzwe kugira ngo ibicumuro bigwire. Ariko uko abantu barushirije gukora ivyaha, ni ko n’ubuntu bw’Imana butangaje bwarushirije kugwira.

Submissão e consagração

Apresentar o corpo como sacrifício vivo é o culto racional. A obediência se expressa em submissão, serviço e consagração total a Deus.

Ibimazi bifise ubugingo

None rero bene Data, kubera izo mbabazi nyinshi Imana yatugiriye, ndabinginga ngo mushikanire Imana imibiri yanyu nk’ibimazi bifise ubugingo, vyejejwe kandi biyihimbara. Uko ni ko kuyisenga kwanyu kwoyihimbara.

Ntimukigane inyifato n’imigenzo vy’isi ya kino gihe, ariko mureke Imana ibahindure rwose mu kubaha ukwiyumvira gushasha. Aho ni ho muzoshobora gutahura ivyo Imana ibagombako, kuko ni vyo vyiza, ni vyo biyihimbara kandi ni vyo bitunganye rwose.

Ntimukabe abanebwe, ahubwo mwamane umwete mu mitima yanyu wo gukorera Umwami Imana.

Abarongorwa na Mpwemu w’Imana bose ni bo bana b’Imana;

Kwubaha abategetsi

Umuntu wese akwiye kwubaha abategetsi, kuko ata butegetsi na bumwe bubaho Imana itabushizeho. Ubutegetsi buriho bwashizweho n’Imana.

Kwubaha abategetsi

Umuntu wese akwiye kwubaha abategetsi, kuko ata butegetsi na bumwe bubaho Imana itabushizeho. Ubutegetsi buriho bwashizweho n’Imana. Ni co gituma, umuntu wese agarariza ubutegetsi, aba agararije urutonde rw’Imana, kandi uwukoze ivyo aba yikwegeye gutsindwa n’urubanza.

Maze, Imana ibishatse, nzoheza nze iwanyu nuzuye umunezero, gutyo nduhurwe no kubana namwe.

kandi indimi zose zize zature ko Yesu Kristo ari Umwami,

kugira ngo biheshe Imana Data icubahiro.

Mubeho mwumvira Imana nk’abana bagamburuka. Ntimugasubire kubaho muhaza ivyipfuzo bibi vyabaganza mu gihe mwari mu butamenya.

Aramwishura ati: " Ukundishe Uhoraho Imana yawe umutima wawe wose, umushaha wawe wose, inkomezi zawe zose n’ubwenge bwawe bwose; kandi, Ukunde mugenzawe nk’uko wikunda."

Mukunde abansi banyu

Ariko ndababwire mwebwe munyumva: mukunde abansi banyu, mugirire neza ababanka. Muhezagire ababavuma, musengere ababagirira nabi.

Uze ushire umutima ku vyo Uhoraho Imana yawe yihanikiriza, ugendere mu nzira ziwe. Uze witondere amategeko n’amabwirizwa yiwe, ivyo yashinze n’ivyo yategetse nk’uko vyanditswe mu Vyagezwe vya Mose. Ivyo bizotuma ivyo ukora vyose bikugendera neza aho uzoja hose.

uko bumvise ijwi ryanje, baranyumvira;

abanyamahanga baranyunamira.

Si mwebwe mwantoranije, ni jewe nabatoranije. Nabashizeho kugira ngo mugende mwame ivyamwa, kandi ivyamwa bihoraho, kugira ngo ico muzosaba Data cose mw’izina ryanje azokibahe.

Nimutanyumvira ngo mushire imitima yanyu ku kwubaha izina ryanje, nzobarungikira umuvumo, mvume n’imigisha mwahawe. Mbere naramaze no kuyivuma, kuko mutashize imitima yanyu ku kwubaha izina ryanje," ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze.

Seja o primeiro
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-07-05_19-25-13-