Pular para o conteúdo
Publicidade

Ouvir a voz de Deus

Por Bíblia Online

Ouvir a voz de Deus é o privilégio supremo do cristão. Ele fala por sua Palavra, pelo Espírito e em circunstâncias — e as ovelhas reconhecem a voz do bom Pastor.

As ovelhas ouvem a voz do Pastor

Jesus disse: minhas ovelhas ouvem minha voz, eu as conheço e elas me seguem. A relação com Deus é íntima e pessoal.

Intama zanje zumva ijwi ryanje; ndazizi na zo zirankurikira.

Abavugishwa n’Imana banditse bati: Bose bazokwigishwa n’Imana. Ni co gituma umuntu wese yumvirije Data akakira inyigisho ziwe, aza aho ndi.

Uwuva ku Mana wese yakira amajambo y’Imana. Mwebwe ntimuyakira kuko mutari ab’Imana."

Ndababwire ukuri, umuntu wese yumva ijambo ryanje, akizera uwantumye, afise ubugingo budashira. Kandi uwo ntazotsindwa n’urubanza, ahubwo aramaze kuva mu rupfu aja mu bugingo. Ndababwire ukuri, igihe kiraje kandi kirashitse, aho abapfuye bazokwumva ijwi ry’Umwana w’Imana kandi abazoryumva bazogira ubugingo.

Jambo yigize umuntu

Mu ntango ya vyose, Jambo yariho. Uwo Jambo yari kumwe n’Imana, kandi yari Imana.

Jambo yahindutse umuntu abana natwe, yuzuye ubuntu n’ukuri. Natwe twariboneye ubwiza bwiwe; ni ubwiza bw’Umwana w’ikinege, aje ava kuri Data, yuzuye ubuntu n’ukuri.

Deus fala pela Palavra

Toda Escritura é inspirada por Deus. A Bíblia é a voz confiável de Deus registrada para nos guiar em toda verdade.

Ivyanditswe vyose vyahumetswe n’Imana kandi bifise akamaro ko kwigisha ukuri, kwiyamiriza ibibi, gukebura no gutoza indero nziza mu bugororotsi, kugira ngo umuntu w’Imana atunganywe rwose, agire ibikwiye ku bw’igikorwa ciza cose.

Ikirengeye vyose, mumenye ko ata buvugishwa bwo mu Vyanditswe Vyera bushobora gusigurwa nk’uko umuntu yigombeye, kuko ubuvugishwa butava mu gushaka kw’umuntu, ahubwo abavugishwa bavuga ibivuye ku Mana, barongowe na Mpwemu Yera.

Mu vy’ukuri ukwizera kuzanwa no kwumva Ubutumwa Bwiza, ari ryo jambo rya Kristo.

Umwubatsi w’ubwenge n’uwikijuju

Nuko rero umuntu wese yumva amajambo yanje akayashira mu ngiro ameze nk’umwubatsi w’ubwenge yubatse inzu yiwe ku rutare. Imvura yaraguye, inzuzi ziruzura, igihuhusi kirahuhuta, vyose vyisuka kuri nya nzu, yamara ntiyasenyuka kuko umushinge wayo wari umase ku rutare.

Yesu aramwishura ati: "Ahubwo hahiriwe abumva ijambo ry’Imana bakarishira mu ngiro."

Buscar e ouvir

Deus promete: 'Clama a mim, e te responderei.' Quando buscamos sinceramente sua voz, encontramos direção e revelação.

Mpamagara nanje ndakwitaba ndakubwire ibihambaye kandi bidaserangurwa utazi.

Naho mwohengamira i buryo canke i bubamfu, amatwi yanyu azokwumva ijwi ryiwe inyuma yanyu, ribabwira riti: "Inzira ni iyi, nibe ari yo mucamwo."

Barambarira bati: "Uhoraho Imana yacu yatweretse ubwiza bwiwe n’ubukuru bwiwe, kandi twiyumviye ijwi ryayo ivugira mu muriro. Uwu musi twiboneye ko Imana ishobora kuvugana n’umuntu kandi akabaho.

Ijwi ryUhoraho ryumvikanira ku mazi menshi;

Imana y’ubwiza iraturagaye,

Imana ituragariye ku mazi menshi y’inkomezi.

Ijwi ryUhoraho riri n’inkomezi;

ijwi ryUhoraho riri n’icubahiro.

Ijwi ryUhoraho rivunagura amasederi;

Uhoraho ahindura ubunywenywe amasederi y’i Libani.

Nambaza Uhoraho,

na we akanyishura ari ku musozi wiwe wera.

Seja o primeiro