Ouvir
Ouvir é uma disciplina espiritual essencial. A Bíblia exorta: 'Quem tem ouvidos, ouça.' A fé vem pelo ouvir, e ouvir é mais que escutar — é obedecer e agir.
A fé vem pelo ouvir
Sem ouvir a Palavra, não há fé. A pregação do evangelho gera fé nos corações de quem ouve com disposição e humildade.
Mu vy’ukuri ukwizera kuzanwa no kwumva Ubutumwa Bwiza, ari ryo jambo rya Kristo.
Mu vy’ukuri ukwizera kuzanwa no kwumva Ubutumwa Bwiza, ari ryo jambo rya Kristo.
None abantu bokwambaza bate uwo batarizera? Kandi bomwizera bate batarumva ivyiwe? Canke bokwumva ivyiwe bate ata wubibabwiye?
Uwufise amatwi niyumve!"
Ivyo bishitsa kuri bo ivyo Yesaya yavugishijwe, aho yavuga ati:
‘Kwumva muzokwama mwumva, ariko ntimuzokwigera mutahura;
kuraba muzokwama muraba ariko ntimuzokwigera mubona.
Kuko imitima y’ubu bwoko ikomantaye;
amatwi yabo ntashobora kwumva,
kandi amaso yabo barayahumiriza.
Ahandi ho bobonesheje amaso yabo,
bakumvisha amatwi yabo,
bagatahurisha imitima yabo,
maze bagahindukira nanje nkabakiza.’
Ouvir e obedecer
Não basta ouvir — é preciso praticar. Quem ouve a Palavra e a pratica é como o homem sábio que edificou sobre a rocha.
Kandi iryo Jambo ntimupfe kuryumviriza gusa, mwihenda. Ahubwo mukore ico ribabwira.
Kandi iryo Jambo ntimupfe kuryumviriza gusa, mwihenda. Ahubwo mukore ico ribabwira.
Bene Data bakundwa, mumenye iki: umuntu wese yihute kwumva, yitonde mu kuvuga, atebe kuraka,
Bene Data bakundwa, mumenye iki: umuntu wese yihute kwumva, yitonde mu kuvuga, atebe kuraka, kuko ukuraka kw’umuntu kutamushikana ku bugororotsi Imana ishaka.
Nuko rero umuntu wese yumva amajambo yanje akayashira mu ngiro ameze nk’umwubatsi w’ubwenge yubatse inzu yiwe ku rutare.
Nuko rero umuntu wese yumva amajambo yanje akayashira mu ngiro ameze nk’umwubatsi w’ubwenge yubatse inzu yiwe ku rutare. Imvura yaraguye, inzuzi ziruzura, igihuhusi kirahuhuta, vyose vyisuka kuri nya nzu, yamara ntiyasenyuka kuko umushinge wayo wari umase ku rutare. Ariko umuntu wese yumva aya majambo yanje hanyuma ntayashire mu ngiro ameze nk’umwubatsi w’ubwenge buke yubatse inzu yiwe ku musenyi. Imvura yaraguye, inzuzi ziruzura, igihuhusi kirahuhuta, vyose vyisuka kuri nya nzu, hanyuma irasenyuka kandi isenyuka ryayo ryabaye irikomeye."
Yesu aramwishura ati: "Handitswe ngo: ‘Umuntu ntabeshwaho n’ivyokurya gusa, ariko atungwa n’ijambo ryose rivuye mu kanwa k’Imana.’"
Yesu aramwishura ati: "Ahubwo hahiriwe abumva ijambo ry’Imana bakarishira mu ngiro."
Yesu aramwishura ati: "Ahubwo hahiriwe abumva ijambo ry’Imana bakarishira mu ngiro."
Ivyo mwigishijwe canke mwanyumvanye, canke ivyo mwambonyeko, mubishire mu ngiro. Imana y’amahoro izobana namwe.
Deus ouve nossas orações
O Senhor ouve os que clamam a Ele de coração sincero. Ele inclina os ouvidos para as nossas súplicas e responde com fidelidade.
Nkunda Uhoraho, kuko yumvise ijwi ryanje;
yumvise ugutakamba kwanje.
Kuko yanteze ugutwi,
nzomwambaza igihe cose nzoba nkiriho.
Mu mubabaro wanje nambaje Uhoraho;
natakambiye Imana yanje ngo intabare.
Iri mu Ngoro yayo yumvise ijwi ryanje;
ugutakamba kwanje kwashitse imbere yayo, mu matwi yayo.
Inyonga z’Uhoraho ziri ku bagororotsi,
kandi amatwi yiwe ayabangira ugutakamba kwabo;
Mu gitondo wumve ijwi ryanje;
mu gitondo nzana imbere yawe ivyo ngusaba
nkarindira niteze inyishu yawe.
Umpe kwumva umunezero n’agahimbare;
amagufa wavunaguye anezerwe.
Igitondo nikinzanire ijambo ry’urukundo rwawe rudashira,
kuko nakwizigiye.
Nyereka inzira nkwiye kujana,
kuko ubugingo bwanje ari wewe nabujeje.
Kandi ico tuzi tudakekeranya ni uko iyo tuyisavye ico ari co cose gihuye n’ugushaka kwayo itwumva.
Kandi uko tuzi ko itwumva iyo dusenze, ni ko tuzi kandi ko iduha ico tuyisavye.
Maze, muzonyambaza muze munsenge, nanje nzobumva.
‘Mpamagara nanje ndakwitaba ndakubwire ibihambaye kandi bidaserangurwa utazi.’
Ehe, ukuboko kw’Uhoraho ntikwabaye kugufi ngo kunanirwe kubakiza,
kandi n’amatwi yiwe ntazivye ku buryo adashobora kubumva.
Ouvir a voz de Deus
Jesus disse: 'As minhas ovelhas ouvem a minha voz.' Deus fala através da Palavra, do Espírito e das circunstâncias — cabe a nós ouvir.
Intama zanje zumva ijwi ryanje; ndazizi na zo zirankurikira.
Ndababwire ukuri, umuntu wese yumva ijambo ryanje, akizera uwantumye, afise ubugingo budashira. Kandi uwo ntazotsindwa n’urubanza, ahubwo aramaze kuva mu rupfu aja mu bugingo. Ndababwire ukuri, igihe kiraje kandi kirashitse, aho abapfuye bazokwumva ijwi ry’Umwana w’Imana kandi abazoryumva bazogira ubugingo.
Ehe mpagaze ku muryango ndiko ndadodora. Uwumva ijwi ryanje akugurura umuryango, ndinjira iwe dusangire.
Ehe mpagaze ku muryango ndiko ndadodora. Uwumva ijwi ryanje akugurura umuryango, ndinjira iwe dusangire.
Uhoraho Imana yanyu ni we wenyene wo gukurikira, kandi ni we wo gutinywa bifatanije no kwubahwa. Mukurikize amabwirizwa yiwe, mwongere mumwubahe, mumukorere, mwongere mumwumireko.
Ngomba kandi kwongera kubabaza, mbega Imana yabahaye Mpwemu Yera yongera ikorera ibitangaza muri mwebwe kubera mwitondera ivyagezwe? Canke ni kubera mwizeye ivyo mwumvise?
Sabedoria no ouvir
Seja pronto para ouvir e tardio para falar. A sabedoria começa com a disposição de ouvir instrução e aceitar correção.
Gushoka wishura utabanje kwumviriza
ni ubupfu, biramaramaza.
Uwumvira impanuro aratunganirwa,
kandi hahiriwe uwushira ivyizigiro vyiwe k’Uhoraho.
Mwana wanje, wumve ivyo so agutegeka,
kandi ntiwanke ivyo nyoko akwigisha.
Uwemera gutozwa indero ari mu nzira ijana mu buzima,
ariko uwanka guhanurwa ahubisha abandi.
Uwanka kwumva ivyagezwe,
amasengesho yiwe aba igisesema.
Ni vyiza kwumviriza igikangiro c’umunyabwenge
kuruta kwumviriza indirimbo z’ibipfu.
Ibintu vyose biraruhisha,
kurusha uko umuntu yobivuga.
Ijisho ntirihaga kuraba,
n’ugutwi ntiguhaga kwumva.
Nimwashishikara kuba abansi banje mukanka kunyumvira, nzogwiza ivyago vyanyu incuro indwi ndabahora ivyaha vyanyu.
Nimutanyumvira ngo mushire imitima yanyu ku kwubaha izina ryanje, nzobarungikira umuvumo, mvume n’imigisha mwahawe. Mbere naramaze no kuyivuma, kuko mutashize imitima yanyu ku kwubaha izina ryanje," ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze.
Ariko ninagutuma, nzokwugurura akanwa kawe, ushobore kubabwira uti: ‘Uku ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze.’ Abazoshaka kukwumviriza uzobareke bakwumviririze, abazokwanka uzobareke, kuko ari abagarariji.
Imisi iraje," ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze,
"aho nzorungika inzara mu gihugu;
ntizoba ari inzara y’ivyokurya canke inyota y’amazi,
ariko izoba ari inzara yo kwumva amajambo y’Uhoraho.
Nko mu gicugu hagati, Pawulo na Silasi bariko barasenga bongera baririmba indirimbo zo gutazira Imana, izindi mbohe zarabumva.
Yosuwa abwira Abisirayeli ati: "Egera hino mwumvirize amajambo y’Uhoraho Imana yanyu.
Ivyo mwavugiye ahatabona bizokwumvikanira ahabona, kandi ivyo mwongoreraniye mu vyumba abantu bazobivugira hejuru ku mazu basemerera.
Mwene So niyagucumurako, ugende umwihereranye muri babiri umwereke icaha yagukoreye. Niyakwumviriza akemera kwihana, uzoba wiyujuje na mwene So.
Mwene So niyagucumurako, ugende umwihereranye muri babiri umwereke icaha yagukoreye. Niyakwumviriza akemera kwihana, uzoba wiyujuje na mwene So. Ariko, niyanka kukwumviriza, urondere abandi bene So, ari umwe canke babiri, kugira ngo ukore nk’uko ivyagezwe biri, aho bivuga ngo: ‘urubanza rwose ruze rucibwe habanje kwumvirizwa ivyabona bibiri canke bitatu.’ Na bo nyene yanse kubumviriza, ubibwire ishengero; kandi yanse kwumvira ishengero, umufate co kimwe n’uwutizera Imana canke umutozakori yiba.
Maze Yetiro aranezerwa cane yumvise ivyiza Uhoraho yakoreye Abisirayeli akabakiza Abanyegiputa.
Imipfunda y’urupfu yaransugereje;
imikuba y’ukurandura yarandengeye.
Iminyororo y’i kuzimu yaranyizingiriyeko;
imitego y’urupfu yarantangiriye.
Mu mubabaro wanje nambaje Uhoraho;
nambaje Imana yanje.
Iri mu ngoro yayo yumvise ijwi ryanje;
ugutakamba kwanje gushika mu matwi yayo.