Pular para o conteúdo
Publicidade

Pais e filhos

Por Bíblia Online

A relação entre pais e filhos é uma das mais preciosas na Bíblia. Deus estabeleceu a família como escola de fé, amor e formação de caráter.

Honrar pai e mãe

Honrar os pais é o primeiro mandamento com promessa. Os filhos são chamados a obedecer, respeitar e cuidar de seus pais.

Wubahe so na nyoko kugira ngo uzorambire mu gihugu Uhoraho Imana yawe iguhaye.

Bana, mwumvire abavyeyi banyu kuko muri ab’Umwami, kandi akaba ari vyo bibereye. "Wubahe so na nyoko." Ni co cagezwe ca mbere gifise isezerano: "Niwubahe so na nyoko kugira ngo ivyawe bize bigende neza kandi kugira ngo uze urambire kw’isi."

Bana, mwubahe abavyeyi banyu muri vyose, kuko ari vyo bihimbara Umwami wacu.

Umugani wa 17

Umvira so wawe, we yakuvyaye,

kandi ntugaye nyoko mu myaka yiwe y’ubusaza.

Umwana asesagura ivya se, akirukana nyina,

yikwegera isoni n’ibimaramare.

Uwuvuma se na nyina

itara ryiwe rizozimirizwa mu mwijima w’umuzitanya.

Ariko umupfakazi afise abana n’abuzukuru, bakwiye kubanza kwitwararika uwo muvyeyi, ni ho bazoba bamwishuye ivyo yabakoreye, kandi ivyo birahimbara Imana.

Instruir os filhos

Os pais devem instruir os filhos no caminho certo. A educação começa cedo, com disciplina amorosa e ensino constante da Palavra.

Umenyereze umwana guca mu nzira ibereye,

niyakura ntazoyivamwo.

Aya mabwirizwa ndabahaye uwu musi azokwame mu mitima yanyu. Muzokwame muyigisha abana banyu. Muzohore muyaganirako mwicaye i muhira canke muri ku rugendo, iyo mugiye kuryama n’iyo muvyutse.

Wirinde uguhamagara kw’umunyavyaha

Mwana wanje, wumvire ico so akubwira,

kandi ntukanke ico nyoko akwigisha.

Bizokubera urugori rw’ubuntu ku mutwe,

n’umugufu ushariza izosi.

Ba se, ntimuratse abana banyu; ahubwo mubarerere mu ngeso nziza zo kwubaha Umwami.

Ba se, ntimukabere abana banyu umururazi, vyotuma bacika intege.

Inkoni yo guhana itanga ubwenge,

ariko umwana atarezwe amaramaza nyina.

Uwurinda umwana wiwe inkoni aba amwanka,

ariko uwumukunda amuhana uko bikwiye.

Mwihanganire uku guhabwa indero n’Imana, muzi ko ivyo ibikorera abana bayo bwite. Mwoba mumaze kubona umwana se adahana?

Filhos como bênção

Os filhos são herança do Senhor. A coroa dos velhos são os filhos dos filhos, e a glória dos filhos são seus pais.

Abana ni umugabane uva kUhoraho,

uruvyaro ni impera atanga.

Nk’uko imyampi imera mu kuboko kw’umuhizi

ni ko n’abana bo mu buto bamera.

Hahiriwe umuntu

yujuje umutana wiwe imyampi nk’iyo.

Ntibazomaramara

nibahangana n’abababuranya mu bucamanza.

Abuzukuru ni urugori rw’umusaza,

kandi abavyeyi ni vyo vyirato vy’abana.

Se w’intungane agira umunezero mwinshi,

kandi uwufise umwana w’umunyabwenge aramuhimbarirwa.

Imigani ya Salomo

Umwana w’ubwenge anezereza se,

ariko umwana w’igipfu ababaza nyina.

Ni nde muvyeyi muri mwebwe umwana yosaba ifi akamuha inzoka? Canke amusavye igi akamuha sikoropiyo? Nimba mwebwe mushobora guha ingabire nziza abana banyu kandi muri babi mu mitima, mbega So wo mw’ijuru ntazorushiriza guha Mpwemu Yera abamumusavye?"

Umuntu n’atafasha umuryango wiwe na canecane abo mu nzu yiwe, aba yihakanye ukwizera kw’ukuri, kandi uwo aba ari inyuma y’uwutizera.

Ariko nimba mudashaka gukorera Uhoraho, nimwitorere uwu musi iyindi mana mukorera, zaba imana ba sogokuruza bakorera hakurya y’uruzi Efurate, zaba imana z’Abamori, abo mubereye mu gihugu. Ariko twe n’abo mu nzu yanje, tuzokorera Uhoraho."

Ni co gituma umugabo azosiga se na nyina akabana n’umugore wiwe ubutakivana, maze bakaba umubiri umwe.

Ntihaze hagire umuvyeyi yicwa azira abana biwe, canke abana ngo bicwe bazira abavyeyi babo, umwe wese azozire ivyaha vyiwe.

Seja o primeiro