Pular para o conteúdo
Publicidade

A paixão de Cristo

Por Bíblia Online

A paixão de Cristo é o ato de amor supremo da história. Jesus sofreu voluntariamente a cruz, carregando os pecados da humanidade para nos dar vida eterna.

O caminho da cruz

Jesus sabia o que o aguardava. Mesmo em agonia, submeteu-se à vontade do Pai e caminhou resolutamente para o Calvário.

Yesu avuga ivyerekeye urupfu rwiwe

Kuva ico gihe, Yesu atangura kubwira abigishwa biwe ko ategerezwa kuja i Yerusalemu, akababazwa mu buryo bwinshi n’abakuru b’idini, n’abaherezi bakurubakuru, n’abigisha b’ivyagezwe, kandi ko azokwicwa hanyuma akazuka ku musi ugira gatatu.

Arababwira ati: "Umutima wanje wuzuye agahinda gashobora kunyica. Nimube muragumye ngaha mubane maso nanje."

Kandi amaze kuboneka mw’ishusho y’umuntu,

yicisha bugufi,

aragamburuka gushika no ku rupfu,

mbere urupfu rwo ku musaraba.

Abo bana hari ikintu basangiye: bose ni abantu. Yesu na we ubwiwe yahindutse umuntu nka bo kugira ngo, biciye mu rupfu rwiwe, amare inkomezi uwari afise ububasha bw’urupfu, ari we Satani. Ubu ni bwo buryo bwonyene yari gushobora kubohora abantu bari babayeho ubuzima bwabo bwose nk’abagurano kubera gutinya urupfu.

O sacrifício voluntário

Ninguém tirou a vida de Jesus — Ele a deu voluntariamente. Ele veio para servir e dar a sua vida em resgate por muitos.

Igituma Data ankunda ni uko ntanga ubuzima bwanje kugira ngo nzosubire kubwakira. Nta muntu n’umwe ashobora kubunyaka, ndabutanga ari uko ndabishatse. Mfise ubushobozi bwo kubutanga n’ubwo kubwakira gushasha. Iki ni co Data yantegetse gukora."

Kuko n’Umwana w’Umuntu ntiyazanywe no gukorerwa, ahubwo yazanywe no gukorera abandi no gutanga ubuzima bwiwe ngo bube incungu ya benshi."

Abaherezi bakurubakuru n’abagize inama nkuru y’idini ry’Abayuda, bagerageza kurondera ibirego vyotuma Yesu acirwa urubanza rwo gupfa, ariko ntibaronka na kimwe.

Ariko, Imana yo yatweretse urukundo rwayo rwinshi mu gutuma Kristo kudupfira kandi tukiri abanyavyaha.

Kuko, Imana yabahamagariye gukora ivyiza, mbere no mu gihe ivyo bishobora kubashikana mu mibabaro, nk’uko Kristo na we yababajwe ku bwanyu. Ni we citegererezo canyu kandi mutegerezwa kumwigana.

"Ntiyigeze acumura na rimwe,

kandi ntiyigeze abesha umuntu n’umwe."

Abamututse ntiyabihora, canke ngo ahige kwihora abamuteje imibabaro. Ivyo yabirekeye Imana yoyo ica imanza ziroranye. Ku musaraba, Kristo ubwiwe yishizeko ivyaha vyacu, kugira ngo kamere muntu kacu ko gukunda icaha gapfe, tubeho dukunda gukora ivyo kugororoka. Mu bikomere vyiwe ni ho dukura gukira ingwara.

Yarasuzugurwa, agakumirwa n’abantu,

yari umunyamibabaro, yari azi kubabazwa ico ari co.

Yari ameze nk’umuntu abandi batagomba kuraba,

yarakengerewe, natwe nta gaciro twamuhaye.

Ariko ni ukuri imibabaro yacu ni yo yishizeko,

imibabaro yacu ni yo yikoreye.

Ariko twibajije ko yahanywe n’Imana,

ko yakubiswe na yo, kandi akababazwa.

Ariko ivyaha vyacu ni vyo yacumitiwe,

yajanjaguriwe ibigabitanyo vyacu;

igihano kiduhesha amahoro cabaye kuri we,

kandi ibikomere vyiwe ni vyo bidukiza.

Seja o primeiro