Pular para o conteúdo
Publicidade

Pão

Por Bíblia Online

O pão é símbolo central na Bíblia: do maná no deserto ao pão da vida — Jesus. A Escritura usa o pão para ensinar sobre provisão divina, comunhão e dependência espiritual.

O maná do céu

Deus alimentou Israel no deserto com pão do céu. O maná era diário, fiel e suficiente — retrato da provisão constante de Deus.

Uhoraho abarira Mose ati: "Numvise ukwidodomba kw’Abisirayeli. Babwire uti: Ku mugoroba w’ijoro, muraja kurya inyama, ejo mu gitondo na ho muzorya imikate muhage. Ni ho muzomenya ko ndi Uhoraho Imana yanyu.’ "

Kuri uwo mugoroba haza inkware, zuzura aho bacumbitse hose. Mu gatondo na ho haza urume rwinshi rukikuza aho bari bacumbitse. Rwa rume ruheze, hasigara utuntu tumeze nk’utuvunguka tw’imikate twinshi kandi twuzuye hasi. Abisirayeli babibonye barabazanya bati: "Mbega ibi ni ibiki?" Kuko batigeze bamenya ivyo ari vyo.

Mose arababwira ati: "Uwo ni umukate Uhoraho yabahaye ngo murye."

Abisirayeli bita uwo mukate manu. Uwo mukate wera nk’utubuto tw’igiterwa citwa koriyanderi ugasosa nk’uwurimwo ubuki.

Ariko na ho nyene yategetse ikirere

yugurura imiryango yo mw’ijuru;

agwisha manu nk’imvura abantu bararya,

yabahaye imikate ivuye mw’ijuru.

Abana b’abantu bariye imfungurwa z’abamarayika;

yabarungikiye ivyokurya vyose bashobora kurya.

Atuma ivyatsi bikura kubera amasho,

n’ibiterwa birimwe n’abantu,

kugira ngo isi bayikuremwo ivyokurya:

umuvinyu unezereza imitima y’abantu,

amavuta atuma abantu bakayangana mu maso,

n’umutsima ubaha inkomezi.

O pão da vida

Jesus declarou: 'Eu sou o pão da vida.' Quem vem a Ele nunca terá fome, e quem nele crê jamais terá sede. Ele é o sustento eterno.

Yesu arababwira ati: "Ndababwire ukuri, Mose si we yabahaye imikate ivuye mw’ijuru, ariko Data ni we yayibahaye, kandi ni we abaha umukate w’ukuri uvuye mw’ijuru. Kuko umukate w’Imana ni uwumanuka uvuye mw’ijuru ugaha isi ubugingo."

Baramubwira bati: "Nyakwubahwa, turagusavye wame uduha uwo mukate imisi yose."

Yesu arabishura ati: "Ni jewe mukate w’ubugingo. Uwuza aho ndi ntazosubira gusonza, kandi uwunyizera ntazosubira kunyoterwa.

Ni jewe mukate w’ubugingo. Ba sogokuruza banyu baririye manu mu bugaragwa, yamara barapfuye. Ariko hano hari umukate uva mw’ijuru, kandi uwuwurya ntazopfa. Ni jewe mukate w’ubugingo wamanutse uva mw’ijuru. Umuntu wese arya uwo mukate azobaho ibihe bidashira. Uwo mukate ni umubiri wanje nzotanga kugira ngo isi igire ubugingo."

Yabacishije bugufi mu kubareka ngo musonze, hanyuma ibagaburira manu, iyo mutari bwigere mumenya, yaba mwebwe canke ba sogokuruza banyu, kugira ngo ibigishe ko umuntu adatungwa n’indya gusa, ariko ko ashobora gutungwa n’ijambo ryose rivuye mu kanwa kUhoraho.

Yesu aramwishura ati: "Handitswe ngo: Umuntu ntabeshwaho n’ivyokurya gusa, ariko atungwa n’ijambo ryose rivuye mu kanwa k’Imana."

Partilha e comunhão

O partir do pão une o corpo de Cristo. Na Ceia, na generosidade e na partilha, expressamos a comunhão com Deus e uns com os outros.

Aca afata n’umukate, awushimira Imana, arawumanyura, arawubahereza avuga ati: "Iki ni ikimenyetso c’umubiri wanje utanzwe ku bwanyu; muzohore mubikora mu kunyibuka."

Kuko igihe cose muzorya uwu mukate mukanywera no kuri iki gikombe, muzoba muriko muramenyekanisha urupfu rwanje gushika aho nzogarukira.

Iyo tunywera ku gikombe Imana yahezagiye, mbega ntituba dusangiye ku maraso ya Kristo? Iyo tumanyura umukate, ntituba dusangiye ku mubiri wa Kristo? Iyo dusangiye ku mukate umwe tuba tubaye umubiri umwe n’aho turi benshi.

Mukwiye gusenga muvuga muti:

Data wa twese uri mw’ijuru,

izina ryawe niryubahwe,

Ubwami bwawe buze,

ivyo ugomba bibe

mw’isi nk’uko biba mw’ijuru.

Uduhe ivyokurya bidukwiye uwu musi,

Uwutanga arahezagirwa,

kuko asangira ivyiwe n’umukene.

Yesu arabishura ati: "Nimubagaburire mwebwe nyene."

Na bo baramubwira bati: "Mbega twokura hehe idenariyo amajana abiri zo kugura ivyokurya bikwiye aba bantu?"

Yesu arababaza ati: "Mufise imikate ingahe? Genda murabe."

Bagarutse bamubwira bati: "Dufise imikate itanu n’ifi zibiri."

Nuko abatuma kwicarika abantu mu migwi ahantu hari ubwatsi butotahaye. Bicara mu migwi y’abantu ijanijana na mirongo itanu itanu. Yesu afata ya mikate itanu na za fi zibiri, araba mw’ijuru, abishimira Imana. Hanyuma amanyagura ya mikate, ayihereza abigishwa ngo bayigaburire abantu. Abagaburira na za fi bose uko bangana. Nuko bose bararya kandi barahaga. Hanyuma abigishwa begeranya ibiseke cumi na bibiri vy’ivyasigaye kuri ya mikate na za fi.

Provisão divina

O justo não é desamparado e seus descendentes não mendigam pão. Deus provê com fidelidade o alimento de cada dia.

Kuva ndi muto kugeza ubu nshaje,

sinigeze mbona umugororotsi yatawe

canke abana biwe basegerereza ivyokurya.

Umwambiro w’Abafarisayo n’Abasadukayo

Bashitse hakurya y’ikiyaga, abigishwa biwe basanga bibagiye gutwara imikate. Yesu arababwira ati: "Mube maso, mwirinde umwambiro w’Abafarisayo n’Abasadukayo."

Maze abigishwa bavugana hagati yabo bati: "Ivyo abivuze kubera tutazanye imikate."

Yesu amenye ivyo bariko baravugana, arababaza ati: "Mwa bantu b’ukwizera guke, ni kuki muriko muvuga ko mudafise imikate? Mbega n’ubu ntimuratahura? Ntimwibuka ya mikate itanu yagaburiwe abantu ibihumbi bitanu, na vya biseke mwegeranya? Canke ya mikate indwi yagaburiwe abantu ibihumbi bine, hamwe na vya biseke mwegeranya? Ni kuki mudatahura ko ntariko ndababwira ivyerekeye imikate? Nababwiye nti: Mwirinde umwambiro w’Abafarisayo n’Abasadukayo." Maze babona gutahura ko atariko ababwira kwirinda umwambiro w’imikate, ariko ko bakwiye kwirinda inyigisho z’Abafarisayo n’Abasadukayo.

Ibikorwa vy’umunyabwenge

Terera ivyokurya vyawe ku mazi,

inyuma y’imisi myinshi uzokwironkera inyungu.

Shira umutahe wawe ahantu indwi, mbere umunani,

kuko utazi igihe ivyago bishobora kuzozirako mu gihugu.

Seja o primeiro