Pular para o conteúdo
Publicidade

As 10 parábolas mais importantes de Jesus

Por Bíblia Online  - 

Jesus ensinou lições profundas por meio de parábolas, histórias curtas e simbólicas que comunicam verdades espirituais. Cada parábola tem um significado especial e atemporal, revelando o caráter de Deus e ensinando como viver como cristãos. Aqui estão 10 das parábolas mais marcantes e suas lições:

1. Parábola do Semeador (Mateus 13:3-9)

Maze abigisha vyinshi mu migani, avuga ati: "Umubivyi yagiye kubiba imbuto ziwe. Ariko arabiba, zimwe zigwa i ruhande y’inzira, hanyuma inyoni ziraza zirazinobagura. Izindi na zo zigwa ku rutare, ahantu hatagira ivu ryinshi; zica zimera ningoga, kuko ivu ryari rike. Ariko izuba ryatse, za mbuto zica ziruma kuko imizi yazo itashika kure. Izindi mbuto zigwa mu mahwa; zimaze kumera, ayo mahwa arakura arazinyoha. Hakaba rero n’imbuto zaguye mw’ivu ryiza, ziramera, zirakura kandi zirama, zimwe zimbuka incuro ijana, izindi mirongo itandatu, izindi mirongo itatu. Uwufise amatwi niyumve!"

A parábola do semeador fala sobre a receptividade das pessoas à Palavra de Deus. Cada tipo de solo representa diferentes maneiras de receber e aplicar o Evangelho em nossas vidas. Somente um coração fértil e comprometido pode dar frutos espirituais abundantes.

2. O Bom Samaritano (Lucas 10:25-37)

Umusamariya w’impuhwe

Umusi umwe, umwigisha w’ivyagezwe yavuye hasi kugira ngo atege umutego Yesu, aramubaza ati: "Mwigisha, nokora iki kugira ngo ndagwe ubugingo budashira?"

Yesu aramwishura ati: "Ivyagezwe bivuga iki? Ubitahura gute?"

Aramwishura ati: " Ukundishe Uhoraho Imana yawe umutima wawe wose, umushaha wawe wose, inkomezi zawe zose n’ubwenge bwawe bwose; kandi, Ukunde mugenzawe nk’uko wikunda."

Yesu aramubwira ati: "Wishuye neza. Genda ubigenze uko, uzobaho ibihe bidashira."

Ariko wa muntu agomvye kwisigura, aca abaza Yesu ati: "None mugenzanje ni nde?"

Mu kumwishura, Yesu amubwira ati: "Habaye umuntu yariko aramanuka ava i Yerusalemu aja i Yeriko, hanyuma agwa mu maboko y’abambuzi. Bamwambura ivyo yari afise vyose, baramukubita, bamusiga ari hafi gupfa. Maze akirambaraye aho hantu, haca haza umuherezi yari amanukanye iyo nzira nyene. Amubonye, aca kure yiwe ku rundi ruhande rw’inzira, arirenganira. Hanyuma haca Umulewi na we nyene aramubona, ariko aca aca kure yiwe ku rundi ruhande rw’inzira, arireganira. Ariko mu nyuma haza Umusamariya, ashika aho wa muntu arambaraye. Amubonye, amutera ikigongwe. Aca aramwegera, asomoza ibikomere vyiwe umuvinyu, abisiga amavuta ya elayo, hanyuma abipfukisha igitambara. Aca amushira ku ndogoba yiwe, amutwara mu nzu y’ingenzi, abandanya amwitaho. Bukeye asokorora idenariyo zibiri azisigarana uwujejwe iyo nzu, amubwira ati: Uwu muntu mumwiteho cane. Ninagaruka nzoriha ayo muzoba mwakoresheje arenga kuri aya.

None muri abo bose, ni nde yabonetse nk’umugenzi w’uwo muntu yaguye mu bambuzi?"

Wa mwigisha w’ivyagezwe aramwishura ati: "Ni uwo yamugiriye impuhwe."

Yesu aca aramubwira ati: "Genda nawe ukore uko."

Essa parábola nos ensina sobre o amor ao próximo, independentemente de raça ou religião. O samaritano ajudou um desconhecido, mostrando que a verdadeira fé se revela no amor ao próximo.

3. A Ovelha Perdida (Lucas 15:4-7)

"Hamwe muri mwebwe hoba hari uwufise intama ijana hanyuma imwe muri zo ikazimira, ntiyosiga izo mirongo icenda n’icenda mu gahinga, akaja kurondera iyo yazimiye gushika ayitoye? Kandi ayitoye yoca ayiterera ku rutugu anezerewe akayitwara i muhira, agahamagara ababanyi n’abagenzi akababwira ati: Nimuze tunezeranwe kuko natoye intama yanje yari yazimiye. Ndababwire ukuri, no mw’ijuru haba umunezero mwinshi iyo umunyavyaha umwe yihanye gusumba uwo bagirira abagororotsi mirongo icenda n’icenda badakeneye kwihana.

Deus é como o pastor que busca incessantemente uma ovelha perdida. Essa parábola revela o amor incansável de Deus pelos pecadores, celebrando a alegria no céu quando alguém se arrepende.

4. O Filho Pródigo (Lucas 15:11-32)

Umugani w’umwana w’icangazi

Yesu abandanya ababwira ati: "Habaye umugabo yari afise abahungu babiri. Umusi umwe, umuhungu muto aritora abarira se ati: Data, mpa umugabane w’ubutunzi norazwe.Nuko se abagaburira ubutunzi bwiwe.

Haciye imisi mike wa muhungu muto yegeranya ubutunzi bwiwe, aja mu gihugu ca kure, yonona ubwo butunzi bwiwe mu kuja mu buhumbu. Amaze gusesagura bwa butunzi bwose, haca hatera amapfa muri ico gihugu, maze wa muhungu arakena. Nuko aja gushumbira umuntu wo muri ico gihugu, na we amurungika mu mirima yiwe kumuragirira ingurube. Uwo muhungu arasonza gushika aho yipfuza ivyokurya vy’ingurube, ariko na vyo nta n’umwe yabimuha.

Ariko umusi umwe akenge karagaruka, aribwira ati: Kwa data hari abakozi benshi kandi bararya bagasigaza, ariko jeho inzara igira inyicire hano. Ngira mpaguruke nsubire kwa data ndamubwire nti: Data naracumuye ku Mana yo mw’ijuru, ncumura no kuri wewe. Sinkibereye kwitwa umwana wawe; ntabara umfate nk’umwe mu bakozi bawe. Nuko afata akayira aja kwa se.

Akiri kure, se aramubona, afatwa n’ibigumbagumba, ariruka aja kumusanganira, aramugumbira, aramusomagura.

Wa muhungu abarira se ati: Data, naracumuye ku Mana yo mw’ijuru, ncumura no kuri wewe. Sinkibereye kwitwa umwana wawe.

Ariko se aca abarira abakozi biwe ati: Nimwihute muzane ikanzu nziza iruta izindi muyimwambike, mumwambike n’impeta ku rutoke, n’ibirato ku birenge. Hanyuma muzane n’impfizi ivyibushe muyibage, turye, tunezerwe, kuko umwana wanje yari yarapfuye none arazutse, yari yarazimiye none arazimurutse.Nuko baca batangura kugira umusi mukuru.

Igihe ivyo vyaba, umuhungu mukuru yari mu mirima. Ariko arataha, yegereye i muhira, yumva abacuraranga n’abatamba. Aca ahamagara umwe mu bakozi amubaza ibiriko biraba. Aramwishura ati: Wa muhungu muvukana yagarutse, so aca abaga impfizi ivyibushe, kuko yagarutse akiri muzima.

Wa muhungu mukuru aca arashavura, yanka no kwinjira mu nzu. Se aca arasohoka aja kumwinginga ngo yinjire. Ariko uwo muhungu amwishura ati: Data, raba iyi myaka yose maze ndagukorera, numvira amategeko yawe yose. Ntiwigeze umpa n’agasuguru k’impene kugira ngo nezeranwe n’abagenzi banje. Ariko raba uwu muhungu wawe yononeye itunga ryawe ryose mu bamaraya, none aragarutse uca umubagira impfizi ivyibushe!

Se amubwira ati: Mwana wanje, wewe turamana imisi yose, kandi ivyo mfise vyose ni ivyawe. Vyari bikwiye ko tugira umusi mukuru tukanezerwa kuko umuvukanyi wawe yari yarapfuye none akaba azutse, yari yarazimiye none akaba azimurutse.’ "

A parábola do filho pródigo fala sobre o perdão e o amor incondicional de Deus por Seus filhos, mesmo quando se desviam.

5. A Pérola de Grande Valor (Mateus 13:45-46)

Kandi Ubwami bw’ijuru bugereranywa n’umudandaza yagiye kurondera amabuye y’agaciro. Abonye irirusha agaciro ayandi, aca aragenda ashora ivyo yari afise vyose, ararigura.

Jesus ensina que o Reino de Deus é o bem mais precioso e devemos estar dispostos a renunciar tudo para possuí-lo.

6. O Fariseu e o Publicano (Lucas 18:9-14)

Umugani w’Umufarisayo n’umutozakori

Yesu arongera acira uwu mugani abantu bishimira ukugororoka kwabo bagakengera abandi, ati: "Abantu babiri baduze mu rusengero gusenga, umwe yari Umufarisayo uwundi akaba umutozakori. Wa Mufarisayo ahagarara ukwiwe, asenga avuga ati: Mana ndagushima ko ntameze nk’abandi: abasuma, inkozi z’ikibi, abasambanyi, kandi simeze nk’urya mutozakori. Nisonzesha kabiri mu ndwi, kandi ntanga ikigiracumi c’ivyo ndonka vyose.

Ariko wa mutozakori ahagarara kure, ntiyubahuka no kurangamiza mw’ijuru, yamara yikubita ku gikiriza, avuga ati: Mana, ngirira imbabazi, jewe umunyavyaha.

Ndababwire ukuri, uwo mutozakori yatashe yemewe nk’umugororotsi imbere y’Imana, ariko kuri wa Mufarisayo si uko vyagenze. Kuko uwishira hejuru wese azocishwa bugufi, ariko uwicisha bugufi azoshirwa hejuru."

Essa parábola nos lembra que Deus valoriza um coração humilde e arrependido, em contraste com a arrogância espiritual. O publicano, ao reconhecer seus pecados, foi justificado diante de Deus.

7. Os Talentos (Mateus 25:14-30)

Umugani w’ababikijwe ubutunzi

Ubwami bw’ijuru bugereranywa kandi n’umuntu yafashe urugendo rwa kure. Imbere yo kugenda, ahamagara abakozi biwe abasigarana ubutunzi yari afise. Uwa mbere amuha italanto zitanu, uwa kabiri amuha zibiri, uwa gatatu amuha imwe, umwe wese amuha akurikije uko ashoboye gucuruza. Hanyuma afata urugendo. Wa mukozi yaronka italanto zitanu, aragenda arazicururisha yunguka izindi zitanu. N’uwahawe zibiri aragenda abigira gutyo nyene, yunguka izindi zibiri. Ariko umwe yahabwa italanto imwe, aragenda yimba ikinogo mw’ivu, anyegezamwo ya talanto ya shebuja.

Haheze igihe kirekire, shebuja aragaruka, ahamagara ba bakozi kugira ngo bamubwire ingene bakoresheje amahera yiwe. Umwe yahabwa italanto zitanu azana izindi zitanu, avuga ati: Databuja, wari wansigaranye italanto zitanu, none raba nungutse izindi zitanu.

Shebuja aramwishura ati: Wakoze neza, mukozi wanje mwiza kandi w’umwizigirwa! Wabaye umwizigirwa kuri bike; nanje nzoguha kuganza vyinshi. Kaze usangire umunezero na shobuja!

Uwari yasigaranywe italanto zibiri na we araza, avuga ati: Databuja, wari wansigaranye italanto zibiri; none raba, nungutse izindi zibiri.

Shebuja aramwishura ati: Wakoze neza, mukozi wanje mwiza kandi w’umwizigirwa! Wabaye umwizigirwa kuri bike; nanje nzoguha kuganza vyinshi. Kaze usangire umunezero na shobuja!

Hanyuma umwe yasigaranwa italanto imwe na we araza, avuga ati: Databuja, nari nzi ko uri umuntu agoye, wimbura aho utateye kandi wegeranya umwimbu aho utabivye imbuto. Rero, naratinye nca ndagenda mpamba italanto yawe mw’ivu, none akira ivyawe.

Shebuja aramwishura ati: Wa mukozi mubi kandi w’ikinebwe! Ko wari uzi ko nimbura aho ntateye kandi negeranya umwimbu aho ntabivye imbuto, ni kuki utajanye amahera yanje ku bayadandarisha, kugira ngo ngarutse ndonke umutahe wanje n’inyugu yawo?

Ubwo nyene aca atanga itegeko ati: Nimumwake n’iyo talanto yari afise, muyihe uwufise icumi. Kuko uwufise azokwongererezwa asesekarizwe, ariko uwudafise azokwakwa n’ivyo yari afise. Uwo mukozi w’imburakimazi na we nimumute hanze mu mwijima ahazoba amarira no gushinga amenyo ku yandi kubera umubabaro.

Nesta história, Jesus ensina sobre a responsabilidade de usar bem os dons e recursos que Deus nos confiou. A fidelidade nas pequenas coisas abre portas para bênçãos maiores.

8. O Rico e Lázaro (Lucas 16:19-31)

Umugani w’umutunzi n’umworo yitwa Lazaro

Habaye umutunzi yama yambaye mpuzu nziza z’igiciro kinini, kandi mu buzima bwiwe bwa misi yose yibera mu misi mikuru. Kw’irembo ryiwe hama haryamye umukene yitwa Lazaro, asega. Umubiri wiwe wari wuzuye ibikomere, akama yipfuza utwo kurya dukorotse tuva ku meza y’uwo mutunzi, mbere n’imbwa zama ziza kurigata ivyo bikomere vyiwe.

Igihe carageze uwo mworo arapfa, maze abamarayika baraza bamudugana mu gikiriza ca Aburahamu. Mu nyuma, wa mutunzi na we nyene arapfa, arahambwa, Ariko arababarizwa i kuzimu, yunamura amaso abona Aburahamu ari kure cane, na Lazaro ari mu gikiriza ciwe. Wa mutunzi arasemerera ati: Data Aburahamu, ngirira ikigongwe, urungike Lazaro, akoze isonga ry’urutoke rwiwe mu mazi, ampfuvye ku rurimi kuko ndiko ndababarizwa cane muri uno muriro.

Ariko Aburahamu aramwishura ati: Mwana wanje, ibuka ingene mu buzima bwawe kw’isi waronse ivyo wipfuza vyose, Lazaro na we aba mu magorwa menshi. Ubu, ariko arahozwa amarira, na we uri mu mibabaro. Kandi uretse n’ivyo, hagati yacu na wewe hari imanga nini ku buryo ata wushobora kuva ino ngo aze iyo, kandi ata n’uwushobora kuva hiyo ngo aze ino.

Wa mutunzi arishura ati: Ndakwinginze data Aburahamu, rungika Lazaro agende mu muryango kwa data. Ndafise abo tuvukana batanu, nshaka ko agenda kubaburira kugira ngo na bo ntibazoze hano hantu ho kubabarizwa.

Aburahamu aramwishura ati: Bafise ivyagezwe vya Mose n’ivyanditswe n’abavugishwa; nibabikurikize.

Wa mutunzi na we ati: Oya data Aburahamu, ivyo ntibikwiye. Kumbure hagize uwugenda avuye mu bapfuye bokwihana.

Ariko Aburahamu aramwishura ati: Batumviye Mose n’abavugishwa n’Imana, nta wundi bokwumvira, n’aho yoba azutse mu bapfuye.’ "

A parábola alerta sobre as consequências de negligenciar os necessitados e viver para si mesmo. Também destaca a realidade do julgamento e da vida após a morte.

9. O Joio e o Trigo (Mateus 13:24-30)

Umugani w’urwamfu mu buro

Yesu abacira uwundi mugani ati: "Ubwami bw’ijuru bugereranywa n’umuntu yabivye imbuto nziza y’uburo mu murima wiwe. Mw’ijoro, abantu bose bamaze gusinzira, umwansi wiwe araza abiba urwamfu muri bwa buro hanyuma arigira. Uburo bumaze gukura, no kuyangika, urwamfu na rwo rutangura kwibonekeza.

Abakozi ba nyene umurima baca baramubaza bati: Nyakwubahwa, mbega ntiwari wabivye imbuto nziza; none uru rwamfu rwavuye hehe?

Arabishura ati: Umwansi ni we yakoze ivyo.

Baramubaza bati: None urashaka ko tuja kururandura?

Arabishura ati: Oya, kuko mu kurandura urwamfu mwohava murandurana n’uburo. Reka vyose bikurane kugeza umusi wo kwimbura. Ico gihe nzobwira abimbuzi babanze begeranye urwamfu barutekere mu mikama hanyuma baruturire, maze uburo babwimburire mu kigega canje.’ "

Essa história simboliza o bem e o mal coexistindo no mundo até o julgamento final, quando Deus fará a separação entre os justos e os ímpios.

10. As Dez Virgens (Mateus 25:1-13)

Umugani w’inkumi cumi

Yesu abandanya avuga ati: "Ico gihe Ubwami bw’ijuru buzoba bugereranywa n’inkumi cumi zateguye amatara yazo ngo zije gusanganira umukwe. Batanu muri bo bari abanyabwenge buke abandi batanu bari abanyabwenge. Abo batanu b’abanyabwengebuke batwaye amatara yabo, ariko ntibajana amavuta. Bamwe batanu b’abanyabwenge bobo batwaye amatara yabo, hamwe n’ayandi mavuta mu macupa. Umukwe agitevye, bose bararambirwa, batangura gusinzira.

Ijoro ryitereye, humvikana ijwi risemerera ngo: Ng’uwo umukwe araje nimumusanganire.

Za nkumi zose ziravyuka zitunganya amatara yazo. Ba banyabwengebuke babwira abanyabwenge bati: Nimuduhe ku mavuta yanyu kuko amatara yacu agira azime.

Na bo barabishura bati: Ntibishoboka kuko twohava tudakwirwa twese, ahubwo nimugende ku bayagurisha mwigurire.

Maze bagiye kugura ayo mavuta, umukwe aca arashika, abari biteguye binjirana na we mu musi mukuru w’ubukwe, hanyuma umuryango urugarwa.

Mu nyuma, za nkumi z’abanyabwenge buke zigarutse, zihagarara hanze, zirahamagara ziti: Nyakwubahwa, nyakwubahwa twugururire!

Na we arabishura ati: Ndababwire ukuri, sindabazi!

Nuko rero mube maso, kuko mutazi umusi n’isaha.

Jesus enfatiza a necessidade de estarmos sempre preparados espiritualmente para Sua segunda vinda, pois ninguém sabe o momento exato.

As parábolas de Jesus continuam sendo fontes ricas de sabedoria e direção para a vida cristã. Ao aplicarmos esses ensinamentos, nos aproximamos mais de Deus e de Sua vontade.

Se este artigo te ajudou, faça sua parte e compartilhe a Palavra de Deus com aqueles que você ama.

Seja o primeiro