Preservação das escrituras
A Palavra de Deus permanece para sempre. As Escrituras foram preservadas por Deus ao longo dos milênios para instrução, consolação e guia de todas as gerações.
A Palavra eterna
Céus e terra passarão, mas as palavras de Deus jamais passarão. Sua Palavra é eterna, infalível e imutável — a verdade que sustenta tudo.
Ijuru n’isi bizokurwaho, ariko amajambo yanje ntazovaho.
Ndababwire ukuri, igihe cose ijuru n’isi bizoba bikiriho, nta n’akadome na gatoya canke agakwabu ko mu Vyagezwe kazovako, kugeza ivyo vyagezwe bishikije intumbero yavyo.
Ivyatsi biruma, amashurwe agakabirana,
ariko ijambo ry’Imana rizokwama rihangamye ibihe vyose."
Nk’uko Ivyanditswe bivuga ngo:
"Abantu bose bameze nk’ivyatsi;
kandi ubwiza bwabo bwose
bumeze nk’amashurwe yo ku misozi;
ivyatsi biruma, amashurwe agahungurukira hasi,
ariko ijambo ry’Uhoraho
ryo rihoraho ibihe vyose."
Kandi iryo jambo ni bwo Butumwa Bwiza mwabwiwe.
Ubu mwaravutse ubwa kabiri, ntimwavukiye ubuzima bw’akanya gato. Ubuzima bwanyu bushasha ni ubw’ibihe bidashira kuko buva ku mbuto itabora, ari ryo jambo rizima ry’Imana rihoraho. Nk’uko Ivyanditswe bivuga ngo:
"Abantu bose bameze nk’ivyatsi;
kandi ubwiza bwabo bwose
bumeze nk’amashurwe yo ku misozi;
ivyatsi biruma, amashurwe agahungurukira hasi,
ariko ijambo ry’Uhoraho
ryo rihoraho ibihe vyose."
Kandi iryo jambo ni bwo Butumwa Bwiza mwabwiwe.
A inspiração divina
Toda Escritura é inspirada por Deus. Homens santos falaram da parte do Senhor, e a Palavra escrita é a expressão fiel da vontade divina.
Ikirengeye vyose, mumenye ko ata buvugishwa bwo mu Vyanditswe Vyera bushobora gusigurwa nk’uko umuntu yigombeye, kuko ubuvugishwa butava mu gushaka kw’umuntu, ahubwo abavugishwa bavuga ibivuye ku Mana, barongowe na Mpwemu Yera.
Imana yavuze iciye mu Mwana wayo
Kera Imana yavuganye na ba sogokuruza kenshi kandi mu buryo bwinshi iciye ku bavugishwa na yo. Ariko muri iyi misi y’iherezo, yavuganye natwe iciye ku Mwana wayo. Uwo ni we Imana yagize samuragwa w’ibintu vyose, kandi ivyaremwe vyose yabiremye iciye muri we. Uwo Mwana yerekana ugukayangana kw’ubwiza bw’Imana kandi ni we shusho nyayo iboneka y’ubumana bwayo. Vyongeye ni we ashigikije vyose ijambo ryiwe ry’inkomezi. Ahejeje gushiraho uburyo bwo kwoza ivyaha vyacu, yaciye yicara mu kibanza c’iteka i buryo bw’Imana y’icubahiro mw’ijuru.
Jambo yahindutse umuntu abana natwe, yuzuye ubuntu n’ukuri. Natwe twariboneye ubwiza bwiwe; ni ubwiza bw’Umwana w’ikinege, aje ava kuri Data, yuzuye ubuntu n’ukuri.
Ndazi ko ivyo Imana ikora bizohoraho ibihe vyose; nta na kimwe cokwongerwako kuri vyo kandi nta na kimwe cokurwako. Imana yabikoze gutyo kugira ngo abantu bayubahe.
A Palavra como guia e tesouro
A Palavra de Deus é lâmpada para os pés, espada do Espírito e tesouro para o coração. Guardá-la e meditá-la nos protege do pecado.
Nabitse ijambo ryawe mu mutima wanje
kugira ngo sindagucumureko.
Amajuru yamamaza ubwiza bw’Imana;
ibirere bimenyesha igikorwa c’intoke ziwe.
Umurango ubibwira uwundi murango;
ijoro rikabimenyesha irindi joro.
Ntibisohora ijwi canke amajambo;
nta jwi ryavyo ryumvikana.
Ariko inkuru yavyo yumvikanye mw’isi yose;
kandi ivyo vyavuze vyashitse ku mpera z’isi.
Imana yashingiye ihema izuba iyo mw’ijuru.
Rimeze nk’umukwe asohotse ava mu cumba ciwe,
rimeze nka rurangiranwa mu kwiruka anezerererwa uguhiganwa kwiwe.
Riserukira ku mpera imwe y’ijuru
rikagenda urugendo rwaryo rija ku yindi mpera;
nta kintu na kimwe kidashikirwa n’ubushuhe bwaryo.
Ivyagezwe vy’Uhoraho biratunganye,
bisubiza intege mu mutima.
Ivyo Uhoraho yageze ni ivyo kwizigirwa,
biha umunyabwengebuke ubwenge.
Ivyo Uhoraho yihanikirije ni ivyo kuri,
binezereza umutima.
Ivyo Uhoraho yashinze birakayangana,
bimurikira amaso.
Kandi amajambo y’Uhoraho ni ay’ukuri,
nk’ifeza zavugutiwe mu ruganda,
nk’inzahabu zavugutiwe incuro indwi.
Ewe, Uhoraho, uzozigama umugorwa amahoro,
kandi uzoturinda umunyakibi ibihe vyose.
Kuko Ivyanditswe Vyera bivuga biti: "Ijambo riri hafi yawe; mbere riri mu kanwa kawe no mu mutima wawe." Iryo jambo ni bwo Butumwa bwo kwizera tuvuga.
Mu vy’ukuri ukwizera kuzanwa no kwumva Ubutumwa Bwiza, ari ryo jambo rya Kristo. Ubu rero ndabaza: mbega none Abayuda iryo jambo nta ryo bumvise? Egome cane bararyumvise! Kuko Ivyanditswe Vyera bivuga ngo:
"Ijwi ryumvikanye mw’isi yose;
kandi ivyavuzwe vyashitse ku mpera z’isi."
Kuko ivyanditswe kera vyose vyanditswe kugira ngo bitwigishe. Bidushoboza kwihangana, bikadutera n’intege kugira ngo dushobore kwizigira ko Imana izoshitsa ivyo yasezeranye.
Aya mabwirizwa ndabahaye uwu musi azokwame mu mitima yanyu. Muzokwame muyigisha abana banyu. Muzohore muyaganirako mwicaye i muhira canke muri ku rugendo, iyo mugiye kuryama n’iyo muvyutse. Muzoyabohere ku maboko, muyambare no mu ruhanga nk’ivyibutso. Muzovyandike ku bishimaryango vy’amazu yanyu, no ku nzugi z’amarembo yanyu.
kandi ngo mumenye urwo rukundo rwa Kristo naho rurengeye uko rwoshobora kumenywa, bitume mu buzima bwanyu mwuzuzwa mushike ku rugezo rwo ku kunengesera kwose mu kumenya Imana.
Ibi ni vyo vyiza bishimisha Imana umukiza wacu, kuko ishaka ko abantu bose bakizwa bagashika ku kumenya ukuri.