Profecia
A profecia é a voz de Deus revelada ao seu povo. Através dos profetas, Deus comunicou seus planos, advertiu contra o pecado e anunciou a vinda do Messias.
Profecia e revelação divina
A profecia na Bíblia não é invenção humana, mas homens santos de Deus falaram movidos pelo Espírito Santo, revelando os mistérios divinos.
kuko ubuvugishwa butava mu gushaka kw’umuntu, ahubwo abavugishwa bavuga ibivuye ku Mana, barongowe na Mpwemu Yera.
Ni ukuri, Uhoraho Nyeninganji nta co akora
atabanje kugihishurira
abasavyi biwe b’abavugishwa.
Bavyumvise, baca babatizwa mw’izina ry’Umwami Yesu. Pawulo abarambitseko ibiganza, Mpwemu Yera aca abazako, batangura kuvuga izindi ndimi no kuvugishwa n’Imana.
Profecias messiânicas cumpridas
As profecias do Antigo Testamento sobre o Messias se cumpriram em Jesus. Seu nascimento, ministério e sacrifício foram anunciados séculos antes.
Ko bimeze uko Imana izokwitangira ikimenyetso yo nyene: inkumi izosama inda, ivyare umwana w’umuhungu kandi bazomwita Emanuweli.
Ivyo vyose vyabaye kugira ngo ivyo Umwami Imana yari yaravugishije abavugishwa na we bishike, ngo: "Ehe, inkumi itarigera iryamana n’umugabo izosama inda ivyare umwana w’umuhungu kandi bazomwita Emanuweli" (bisobanurwa ngo "Imana iri kumwe natwe").
Ukuza kw’Umwami w’i Siyoni
Nezerwa cane Mukobwa w’i Siyoni!
Ushire ijwi ryawe hejuru, Mukobwa w’i Yerusalemu!
Raba, umwami wawe arakugendeye,
ni umugororotsi kandi afise intsinzi,
yicishije bugufi kandi agendera ku ndogoba,
mbere aje ku nyana yayo.
Ukugororoka kuzanwa n’ukwizera
Ariko noneho, Imana yaraduhishuriye ingene dushobora kuronka ukugororoka kwayo tutisunze ivyagezwe, nk’uko Mose n’abavugishwa n’Imana babishingiye intahe mu gihe ca kera. Ukwizera Yesu Kristo ni kwo kwonyene gutuma twemerwa n’Imana ko tugororotse imbere yayo. Kandi ivyo Imana ibikorera uwizera Yesu Kristo wese, ata we ikumiriye.
Discernimento profético
A Bíblia nos alerta para examinar tudo e reter o que é bom. Nem todo que profetiza fala da parte de Deus — devemos provar os espíritos.
Impwemu y’Imana n’impwemu ya Antikristo
Bakundwa, ntimukizere abantu bose bavuga ko bavugishwa. Ariko mubageze kugira ngo murabe ko impwemu ibakoresha iva ku Mana. Kuko hari abavugishwa b’ibinyoma benshi bakwiragiye mw’isi.
Ariko mwebwe, bana nkunda, muva ku Mana kandi mwaranesheje abo bavugishwa b’ibinyoma, kuko Mpwemu aba muri mwebwe aruta impwemu iri mu b’isi.
ahubwo musuzume vyose, hanyuma mugumye ivyiza. Mwirinde ikibi cose.
Abavugishwa b’ukuri n’ab’ibinyoma
Mwirinde abavugishwa b’ibinyoma, baza muri mwebwe bambaye nk’intama inyuma, ariko imbere muri bo bameze nk’ibikoko vy’inkazi.
Nuko rero, ivyo mugomba ko abantu babagirira, abe ari vyo mubagirira namwe, kuko ivyo ari vyo Ivyagezwe n’ivyanditswe n’abavugishwa n’Imana vyigisha.
Naho nogira ingabire yo kuvugishwa n’Imana, nkagira ukwizera kwokwimura imisozi ariko ntagira urukundo, vyoba ari ubusa.
Kubera ivyo rero, mwebwe ntimukiri Abanyamahanga na ba kavantara, ariko muri abasangiye ubwenegihugu n’abera b’Imana kandi muri abo mu nzu yayo. Mwubatswe kw’itanguriro rigizwe n’intumwa n’abavugishwa, Kristo Yesu akaba ari we buye rigumya imfuruka.
riti: "Subira inyuma ubwire Hezekiya, umutware w’ubwoko bwanje uti, uku ni ko Uhoraho, Imana ya sogokuruza Dawidi avuze: ‘Numvise ugusenga kwawe, kandi nabonye amarira yawe, none ngiye kugukiza. Inyuma y’imisi itatu uzoduga mu Ngoro y’Uhoraho.