Promessas
As promessas de Deus são firmes e verdadeiras. Nenhuma delas jamais falhou. A Bíblia é um livro de promessas — de amor, proteção, provisão e vida eterna para os que creem.
A fidelidade de Deus
De todas as boas promessas que o Senhor fez, nenhuma falhou. Ele é fiel para cumprir tudo o que prometeu desde a eternidade.
Ehe ndi mu kwitaba Imana nk’uko bigendera abandi bose. Murazi n’imitima yanyu yose n’imishaha yanyu yose ko ata ciza na kimwe Uhoraho Imana yanyu yasezeranye kitashitse. Ivyo yasezeranye vyose yarabishikije, nta na kimwe cavuyemwo.
None rero mumenye ko Uhoraho Imana yanyu ari Imana. Ni umwizigirwa, azigama isezerano ry’urukundo gushika ku runganwe rw’igihumbi ku bamukunda bagakurikiza amabwirizwa yiwe.
Iyabahamagaye ni iyo kwizigirwa, no kubishitsa izobishitsa.
Muze twumire ku vyizigiro twatura tutanyiganyiga, kuko Imana yasezeranye ni iyo kwizigirwa.
Ni muri ivyo nyene yaduhereye amasezerano yiwe ahambaye kandi y’agaciro kanini, kugira ngo muri vyo namwe mugire akamere k’Imana ngo muhunge muve mu kwononekara kw’iyi si kwazanywe n’ivyipfuzo bibi.
Promessas de cuidado e proteção
Deus prometeu estar conosco nas águas e no fogo, fortalecer-nos e nos segurar com a destra da sua justiça. Nada nos separará do seu amor.
Nuko ntutinye kuko ndi kumwe nawe;
ntuhagarike umutima, ndi Imana yawe.
Nzogukomeza, nzogutabara,
nzokuzigamisha ukuboko kwanje kw’i buryo.
Niwaca mu mazi menshi,
nzoba ndi kumwe nawe;
niwaca mu nzuzi,
ntizizokurengera.
Niwaca mu muriro,
ntuzosha,
imbeya ntizizogutongora.
ariko abizigiye Uhoraho
bazokwama bongerwa inkomezi.
Bazoguruka mu kirere nk’abagurukisha amababa y’inkona,
bazokwiruka ntibaruhe,
bazogenda ntibacike intege.
Kuko nzi imigambi ndabafitiye," ni ko Uhoraho avuze, "ni imigambi yo kubateza imbere, si iyo kubagirira nabi, ni imigambi yo kubaha ivyizigiro muri kazoza.
Promessas de salvação e vida eterna
A promessa suprema de Deus é a vida eterna em Cristo. Quem crê no Filho tem a vida eterna e a certeza da ressurreição.
Kuko Imana yakunze abari kw’isi cane, bituma itanga Umwana wayo w’ikinege, kugira ngo uwumwizera wese ntazoranduke, ahubwo aronke ubugingo budashira.
Yesu aramubwira ati: "Ni jewe kuzuka n’ubugingo. Uwunyizera wese, naho yopfa, azobaho. Umuntu wese aba muri jewe kandi akanyizera ntazokwigera apfa. Ivyo uravyizera ga Marita?"
Ehe mpagaze ku muryango ndiko ndadodora. Uwumva ijwi ryanje akugurura umuryango, ndinjira iwe dusangire.
Uwuzonesha nzomwambika imyambaro yera. Sinzokwigera mpanagura izina ryiwe mu gitabu c’ubugingo, ahubwo nzorivuga imbere ya Data n’abamarayika biwe.
Ni co gituma Kristo ari umuhuza w’isezerano rishasha hagati y’Imana n’abantu, kugira ngo abahamagawe bose baronke imihezagiro idashira Imana yabasezeraniye. Kuko Kristo yapfuye kugira ngo abakize igihano c’ivyaha bakoze bakiri mw’isezerano rya mbere.
Bakundwa, turi abana b’Imana, ariko uko tuzomera Kristo niyagaruka ntikuramenyekana. Ico tuzi ni uko tuzosa na we, kuko tuzomubona uko ari. Kandi umuntu wese afise ibi vyizigiro muri Kristo ariyeza, nk’uko Kristo na we ari uwera.
Aliança inabalável
Desde a aliança com Noé até a nova aliança em Cristo, Deus sempre cumpre sua Palavra. Ele nos restaura e nos aperfeiçoa pela graça.
Nshizeho iri sezerano hagati yanje namwe, ko amazi y’umwuzure atazosubira kurandura ibifise ubuzima; ntihazosubira kubaho umwuzure ngo urandure isi."
Nshizeho umunywamazi mu bicu; ni wo uzoba ikimenyetso c’isezerano ngiranye namwe n’isi yose.
Ariko Yesu, Umuherezi Mukuru wacu, yahawe igikorwa kiruta cane ic’abandi baherezi, kuko ni we muhuza wacu mw’isezerano riruta ayandi, ryubakiye ku masezerano aruta ayandi.
Kandi Imana nyene ubuntu, yabahamagariye ubwiza bwayo muri Yesu Kristo, mumaze kubabazwa igihe gito, izobiyegereza ibakomeze, ibaremeshe.
Imana ntitebeje gushitsa isezerano ryayo, nk’uko bamwe biyumvira ko iritebeje. Yihanganira mwebwe, kuko idashaka ko hari n’umwe aranduka, ariko ishaka ko bose bashika ku kwihana.
None rero bene Data, ko dufise ayo masezerano, nimuze twiyeze, twiyambure ivyonona imitima n’imibiri yacu vyose. Turondere ukwezwa kuvuye ku kwubaha no gutinya Imana.
Ariko Ivyanditswe bivuga ko isi yose ari imbohe y’icaha, ariko ko turonka isezerano ry’Imana riduha umwidegemvyo mu kwizera Yesu Kristo.
Gusaba n’umwete
Musabe muzohabwa, murondere muzoronka, mudodore muzokwugururirwa.
Ukwimenyereza kw’umubiri ni kwiza, ariko ukwimenyereza kwubaha Imana ni kwiza gusumba, kugira ikimazi muri ubu buzima no mu buzoza.