Publicidade

Raiva

Por Bíblia Online

A raiva é uma emoção humana que a Bíblia trata com seriedade. Irar-se não é pecado em si, mas a ira descontrolada destrói relacionamentos e abre porta para o mal.

Controlar a ira

A Bíblia nos exorta a ser tardios para irar-se. A resposta branda desvia o furor, e o que se controla é mais forte que um guerreiro.

Kwumva ijambo no kurishira mu ngiro

Bene Data bakundwa, mumenye iki: umuntu wese yihute kwumva, yitonde mu kuvuga, atebe kuraka,

Inyishu yiyoroheje ihwamika uburake,

ariko ijambo ribi rivyura ishavu.

Uwitonda aba ahambaye kubera ugutahura kwiwe,

ariko uwihuta kuraka akwiragiza ubupfu.

Igipfu cirata uburake bwaco,

ariko umunyabwenge arabuhwamika.

Igipfu cihutira kugaragaza ishavu ryaco,

ariko umunyamakenga yirengagiza igitutsi.

Irar-se sem pecar

Paulo ensina: irai-vos, mas não pequeis. Não deixe o sol se pôr sobre a vossa ira, para não dar lugar ao diabo.

"Ugushavura kwanyu ntikubakoreshe icaha," kandi izuba ntirirenge mugishavuye, kuko ishavu riha akaryo wa mubi.

Uwirinda ibihari aba yihesheje icubahiro,

ariko igipfu cihutira gutongana.

Ubwibone bukwega amatati,

ariko ubwenge ubusanga mu bemera impanuro.

Amor e perdão acima da raiva

O amor cobre multidão de pecados. A Bíblia nos chama a não alimentar rancor, mas a perdoar e amar, vencendo a raiva com compaixão.

Urwanko ruvyura amatati,

ariko urukundo rupfuka ibibi vyose.

Urukundo rurihangana, rugira neza, ntirugira ishari, ntirwihayagiza, kandi ntirwishira hejuru. Ntiruteza isoni abandi, ntirurondera inyungu zarwo, ntirutwarwa n’ishavu, kandi ntirubika ikibi.

Ntuze ugirire urwanko mu mutima wawe abo mu bwoko bwanyu. Ariko uze wihanize mugenzawe ariko arakora ikibi kugira ngo ntuhave usangira na we icaha ciwe.

Ntuze wihore canke ngo ugumanire inzigo uwo mu bwoko bwanyu, ariko uze ukunde mugenzawe nk’uko wikunda. Ndi Uhoraho.

Arongerako ati: "Ibiva mu muntu ni vyo bimuhumanya. Kuko imbere mu mutima w’umuntu ari ho hava ivyiyumviro bibi, ingeso mbi z’ivyisoni nke, ubusuma, ubwicanyi, ubusambanyi, gukunda ibintu kurenze urugero, ubukozi bw’ikibi, ubugunge, kwipfuza kurenze urugero, kwipfuza ivy’abandi, gutukana, ubwibone, n’ubupfu. Ivyo bibi vyose biva mu muntu maze bikamuhumanya."

Nuko rero bene Data, mwirinde kugira ngo ntihagire n’umwe muri mwebwe agira umutima mubi utizera ngo bitume ava ku Mana nzima.

Umugabo yirukanye umugore wiwe

maze akarongorwa n’uwundi mugabo,

mbega yosubira kumugarukana bakabana?

Mbega igihugu nticoca kirushiriza guhumana rwose?

Ariko wewe wabaye maraya, ufise abo wikundira benshi,

mbega wongarukako?"

ni ko Uhoraho abaza.

"Unamura amaso urabe impinga z’imisozi.

Mbega hoba hariho ahantu utahumanije?

Wicara ku nzira urindiriye abo wipfuza ukunda,

wicara nk’umuntu yangara mu bugaragwa.

Wahumanije igihugu

ugihumanishije ubusambanyi bwawe n’ibibi vyawe.

Ni co catumye imvura ibura,

n’imvura y’impeshi ntiyagwa.

Ariko mu maso hawe biraboneka ko uri maraya;

mugabo ntunamaramara.

Mbega ntiwamye umpamagara ngo:

Data, mukunzi wanje wo kuva nkiri muto,

mbega uzokwama ushavuye?

Mbega uburake bwawe ni ubw’ibihe vyose?

Uko ni ko uvuga,

ariko ugakora ibibi uko ushoboye kwose."

Ukutaba umwizigirwa kwa Isirayeli

Ku ngoma y’umwami Yosiya, Uhoraho yarambwiye ati: "Wabonye ivyo Isirayeli mutizigirwa yakoze? Yagiye ku musozi muremure wose no musi y’igiti cose gitotahaye maze asambanirayo. Nibajije ko ahejeje gukora ivyo vyose azongarukako ariko si ko vyagenze, maze murumunawe Yuda arabibona. Nahaye ikete ryo kwahukana Isirayeli maze ndamwirukana kubera ubusambanyi bwiwe bwose. Ariko nabonye na murumunawe Yuda mutizigirwa atigeze atinya; na we nyene yagiye mu vyo gusambana. Kuko ubuhumbu bwa Isirayeli ata co bwamubwiye kinini, yahumanije igihugu asambana n’amabuye n’ibiti. Naho vyabaye uko, murumunawe Yuda ntiyangarutseko n’umutima wiwe wose, atari mu majambo gusa," ni ko Uhoraho avuze.

Uhoraho arambwira ati: "Isirayeli mutizera ntakiri umugororotsi kurusha mutizigirwa Yuda. Genda mumenyeshe iyi nkuru mutumbereye mu buraruko muti:

Garuka Isirayeli Mutizera,ni ko Uhoraho avuze.

Sinzosubira kukurakira,

kuko ndi umunyembabazi,ni ko Uhoraho avuze.

Sinzokwama ndatse ibihe vyose.

Pfa kwemera icaha cawe,

ko wagararije Uhoraho Imana yawe,

wasanzaje ubwiza bwawe ku mana z’inyamahanga

musi y’igiti cose gitotahaye,

kandi ntiwanyumviye,’ "

ni ko Uhoraho avuze.

"Nimungarukeko, mwa bana batizigirwa," ni ko Uhoraho avuze, "kuko ndi shobuja. Nzobatoranya, ndabakure iyo mwasabagiriye, umwe ndamukure mu gisagara kimwe na babiri mu muryango umwe, maze ndabazane i Siyoni. Hanyuma nzobaha abungere bahuye n’uko umutima wanje ugomba, bazobarongora mu kumenya no mu gutahura. Muri iyo misi, ibitigiri vyanyu nivyamara kwongerekana cane mu gihugu," ni ko Uhoraho avuze, "abantu ntibazosubira kuvuga ivy’Isandugu y’Isezerano ryUhoraho. Ntizosubira na rimwe kwinjira mu bwenge bwabo; ntizokwibukwa, kandi ntizosubirizwa. Muri ico gihe bazokwita Yerusalemu Umugwa wUhoraho kandi amahanga yose azokoranira i Yerusalemu ngo bahe icubahiro izina ryUhoraho. Ntibazosubira gukurikira ugukomantara kw’imitima yabo mibi. Muri iyo misi ab’inzu ya Yuda bazokwifatanya n’abinzu ya Isirayeli maze bose baze bavuye mu buraruko baze mu gihugu nahaye ba sekuruza babo kw’ishamvu.

Ni jewe ubwanje navuze nti:

Ese ukuntu binezera kugufata nk’umwana wanje

no kuguha igihugu ciza co kwipfuzwa,

itongo rirusha ayandi yose kuba ryiza mu bihugu vyose.

Niyumvira ko muzonyita Data

kandi mutazontera ibitugu ngo mureke kunkurikira.

Ariko nk’uko umugore ahemukira umugabo wiwe,

ni ko mwampemukiye, yemwe ab’inzu ya Isirayeli,"

ni ko Uhoraho avuze.

Urwamo rwumvikana ku dutwe tw’imisozi,

Abisirayeli barira kandi batakamba,

kuko banduje inzira zabo

kandi bibagiye Uhoraho Imana yabo.

"Nimuhindukire, yemwe mwa bana batizerwa;

nzobakiza ndabakuremwo ugusubira inyuma."

"Egome, tuzokugarukako,

kuko uri Uhoraho Imana yacu.

Ni ukuri ugusenga ibigirwamana vyo ku dusozi

no ku misozi ni uruhendo;

ni ukuri agakiza k’Abisirayeli

kari kUhoraho Imana yacu.

Kuva mu buto bwacu imana ziteye isoni ni zo zatikije

ivyavuye mu butame bwa ba sogokuruza,

zariye imikuku n’amasho vyabo,

abahungu n’abakobwa babo.

Reka twubame hasi kubera ibiteterwe,

kandi ibimaramare vyacu bidutwikire.

Twacumuye kUhoraho Imana yacu,

twebwe na ba sogokuruza bacu;

kuva mu buto bwacu gushika uwu musi

ntitwumviye Uhoraho Imana yacu."

Luciano Januzelli
1 pessoa deu Amém
Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-29_22-07-56-