Recompensa
Deus recompensa os que o buscam com fé. A Bíblia está repleta de promessas de recompensa para os fiéis, os generosos, os perseverantes e os que servem ao Senhor de todo coração.
Deus recompensa a fé
Sem fé é impossível agradar a Deus, porque quem dele se aproxima precisa crer que Ele existe e recompensa os que o buscam diligentemente.
Kandi ata kwizera, ntibishoboka ko umuntu ahimbara Imana. Umuntu wese ashaka kwegera Imana, ategerezwa kwizera ko iriho kandi ko iha impera abayirondera.
Hahiriwe umuntu yihanganira ibimugerageza, kuko inyuma y’ukugeragezwa, niyarama azohabwa urugori rw’ubugingo Imana yasezeraniye abayikunda.
Nihaba hariho uwo muri mwebwe akeneye ubwenge bw’Imana, akwiye kubusaba Imana, kuko itanga cane kandi ibikunze. Nta we itera imiragwe kuko ayisavye, kandi azobuhabwa.
Ariko nimwaharonderera Uhoraho Imana yanyu, muzomubona nimwamuronderana imitima n’imishaha yanyu yose.
Musabe muzohabwa, murondere muzoronka, mudodore muzokwugururirwa.
Ni co gituma ndababwira ko ico muzosaba cose mu gusenga, mukwiye kwizera ko mwamaze kukironka, kandi Imana izokibaha.
Recompensa pelo serviço
O Senhor vê cada ato de fidelidade e promete galardão aos que servem com dedicação. O servo bom e fiel será honrado.
Shebuja aramwishura ati: ‘Wakoze neza, mukozi wanje mwiza kandi w’umwizigirwa! Wabaye umwizigirwa kuri bike; nanje nzoguha kuganza vyinshi. Kaze usangire umunezero na shobuja!’
Ivyo mukora vyose muhore mubikorana umutima wanyu wose, nk’aho mwoba muriko mubikorera Umwami wacu, atari abantu, kuko muzi ko muzohabwa n’Umwami wacu, umugabane wanyu nk’impera. Uwo Mwami mukorera ni Kristo.
None bene Data nkunda, mushikame ntihagire ikibanyiganyiza. Mwiyegurire imisi yose gukorera Umwami wacu kuko muzi neza ko ibikorwa vyanyu atari impfagusa mu Mwami.
Dukore ivyiza tudacika intege, kuko igihe gikwiye kigeze tuzokwimbura, nitutava ku gikorwa.
Ariko benshi mu bari imbere bazoba ab’inyuma, abari inyuma na bo babe ab’imbere.
Imana "izoha umuntu wese ingero ikwiranye n’ibikorwa yakoze."
Generosidade e provisão
Quem dá com generosidade receberá em abundância. Deus supre todas as necessidades segundo as suas riquezas em glória.
Mutange, namwe muzohabwa. Ingero nziza, itsindagiye, inyingishe kandi isesekaye ni yo muzogererwa. Kuko ingero mugereramwo abandi ari yo namwe muzogererwamwo."
Kandi nimwagirira neza ababagirira neza gusa, muzoba murushije iki abandi? Mbega abanyavyaha bo ntibabigenza batyo?
Mukize abagwaye, muzure abapfuye, muhumanure abagwaye imibembe, mwirukane abadayimoni. Ivyo mubiherewe ubuntu, namwe mubitangire ubundi.
Imana irashoboye kubuzuza ubuntu bwayo kugira ngo muri vyose na hose muronke ivyo mukeneye, mugire n’ibisagutse bituma mukora igikorwa ciza cose.
Umunyakibi aronka impera zitari zo,
ariko uwurima ukugororoka yimbura impera nyazo.
Ukwicisha bugufi n’ukwubaha Uhoraho
bizana ubutunzi n’ukuramba.
Urukundo n’ubwizigirwa bize vyamane nawe,
uze uvyambare mw’izosi,
uvyandike mu mutima wawe.
Ni ho uzogira ikiganza ciza n’izina ryiza
imbere y’Imana n’abantu.
Ugutanga bicira inzira uwutanga,
bikamushikana imbere y’abahambaye.
O que Deus reservou para os seus
Olhos não viram, ouvidos não ouviram o que Deus preparou para os que o amam. Suas recompensas eternas superam toda imaginação.
Ivyanditswe bivuga biti:
"Ibintu ata jisho na rimwe ryigeze kubibona,
ibintu ata gutwi na kumwe kwigeze kuvyumva,
kandi ibintu ata bwenge bw’umuntu n’umwe bwigeze kuvyiyumvira,
ni vyo Imana yateguriye abayikunda."
Ndabasengera ngo amaso y’imitima yanyu amurikirwe kugira ngo mumenye ivyizigiro yabahaye igihe yabahamagara, n’ubwiza bwinshi bw’umugabane yateguriye abantu biwe batunganye.
Ubushobozi bw’ubumana bwiwe bwaduhaye ivya nkenerwa vyose kugira ngo tubeho twubaha Imana biciye mu kumenya uwaduhamagaje ubwiza bwiwe n’ukugira neza kwiwe.
Kandi, ivyo vyizigiro ntibitetereza, kuko Imana yasutse urukundo rwayo mu mitima yacu ibicishije muri Mpwemu Yera yaduhaye.
Ko itimanye Umwana wayo bwite, ariko ikamutanga ku bwacu twese, mbega ntizorushiriza kutugabira vyose hamwe na we?
ariko uwunywa amazi ntanga ntazosubira kugira inyota. Ahubwo ayo mazi azohinduka isoko ridudubiza muri we, rizana ubugingo budashira."
Gushika ubu nta kintu na kimwe murasaba mw’izina ryanje. Nimusabe muzohabwa, kugira ngo umunezero wanyu wuzure.
Ariko ndababwire ukuri, vyobabera vyiza ko ngenda, kuko nintagenda, Umwitsa ntazobazako. Ariko ninagenda, nzoca ndamubarungikira.
Ndabandanya kugira ngo nshike ku mpera y’umuhamagaro, hanyuma ndonke impera yo mw’ijuru, iyo Imana yaduhamagariye muri Kristo Yesu.
Buscar, pedir, perseverar
Jesus ensinou: pedi e recebereis, buscai e achareis. Deus se alegra em dar boas dádivas aos seus filhos que pedem com fé.
Hahiriwe abafise inzara n’inyota vyo kugororoka,
kuko bazohazwa.
Nihagira ico uha umukene, ntuze uvuze inzamba nk’uko indyarya zibikora mu masinagogi no ku mabarabara barondera gushimwa n’abantu. Ndababwire ukuri; abo baramaze guhabwa impera zabo zose.
Ariko, wewe ugomvye gusenga, winjire mu cumba cawe, wugare umuryango, hanyuma usenge. So wo mw’ijuru, we abona ivyo mw’ibanga, azobiguhembera.
Nimurondere ivyiza, aho kurondera ibibi,
kugira ngo mubeho.
Maze Uhoraho Imana Mushoboravyose azobana namwe,
nk’uko mubivuga ko abana namwe.
Ndakugaranzurira amaboko;
ndakunyotewe nk’uko isi igadutse inyotererwa amazi.
Contentamento e eternidade
A verdadeira recompensa está na vida que Deus dá. O presente do trabalho, a satisfação no labor e a alegria no Senhor são dádivas de Deus.
Ndazi ko ku bantu ata kiruta kunezerwa no gukora ivyiza bakiriho. Iyi ni yo ngabire y’Imana, ni uko umuntu wese arya akanywa, agahimba mu bivuye mu butame bwiwe bwose.
Maze nsanga ari vyiza kandi bibereye ko umuntu arya akanywa, akinezereza mu butame bwiwe bwose agirira musi y’izuba mu misi mike y’ubuzima bwiwe Imana yamuhaye, kuko ari wo mugabane wiwe.
Vyongeye, mu gihe Imana ihaye umuntu itunga n’ibintu vyinshi, ikamwemerera kubinezererwamwo, ngo yakire umugabane wiwe yongere anezererwe igikorwa ciwe, iyo ni ingabire y’Imana.
Muzogume mu nzira Uhoraho Imana yanyu azobereka, ni ho ivyanyu bizogenda neza, mukarambira muri ico gihugu muhawe ngo mucegukire.
Ni co gituma tudacika intege, naho imibiri yacu iriko irashira, umuntu wacu w’imbere aguma yiyubura ku musi ku musi.
Nuko rero mwicishe bugufi, musi y’ikiganza c’Imana c’ubushobozi kugira ngo ize ibashire hejuru mu gihe gikwiye.
Mwicishe bugufi imbere y’Umwami, na we azobashira hejuru.
Kuko impembo y’icaha ni urupfu, ariko ingabire Imana itanga ku buntu ni ubugingo budashira duheshwa no kwizera Kristo Yesu, Umwami wacu.
Ariko mwebwe, Mpwemu Yera mwahawe na Kristo aguma muri mwebwe, ni co gituma mudakeneye umuntu wo kubigisha. Uwo Mpwemu arabigisha ivyo mukwiye kumenya vyose, kandi ivyo abigisha ni ivy’ukuri; nta binyoma birimwo. Nuko mugume muri Kristo, nk’uko Mpwemu yabigishije.
Ivyo twebwe turabishingira intahe, kandi na Mpwemu Yera arabishingira intahe, uwo Imana yahaye abamwumvira."
Uhoraho abarira Mose ati: "Duga aho ndi ngaha ku musozi ugumeho, nanje nzoguha ibisate vy’amabuye nanditseko Ivyagezwe n’amabwirizwa kugira ngo uzovyigishe abantu."