Reino dos céus
O Reino dos Céus é comparado por Jesus a tesouros, sementes e redes. Através de parábolas, Ele revelou os mistérios de um Reino que já está entre nós, mas que se consumará na eternidade.
O valor incomparável do Reino
O Reino dos Céus é como um tesouro escondido ou uma pérola de grande valor. Quem o encontra, vende tudo para possuí-lo.
Imigani y’ubutunzi buhishijwe n’ibuye ry’agaciro
Ubwami bw’ijuru bugereranywa kandi n’ubutunzi buhishijwe mw’itongo. Umuntu umwe yabuserutseko, aca yongera arabuhisha. Hanyuma kubera umunezero mwinshi, aragenda ashora ivyo yari afise vyose, agura iryo tongo.
Kandi Ubwami bw’ijuru bugereranywa n’umudandaza yagiye kurondera amabuye y’agaciro. Abonye irirusha agaciro ayandi, aca aragenda ashora ivyo yari afise vyose, ararigura.
Umugani w’akabuto gato n’umwambiro
Abacira uwundi mugani ati: "Ubwami bw’ijuru bugereranywa n’akabuto k’igiterwa citwa mutaride umuntu yateye mu murima wiwe. Naho ari gatoya kurusha izindi mbuto zose, iyo kameze karakura, kakaruta ibindi biterwa vyose vyo mw’itongo, maze kagahinduka igiti kinini, ku buryo n’inyoni zo mu kirere ziza zikarika mu mashami yaco."
Yongera abacira uwundi mugani ati: "Ubwami bw’ijuru bugereranywa n’umwambiro umugore akoresha mu gukora imikate. Naho yokoresha umwambiro muke mw’ifu ingana n’ingero zitatu , uwo mwambiro muke utuma igikandu cose c’umukate gikakama."
Parábolas do Reino
Jesus ensinou sobre o Reino mediante parábolas que revelam seu crescimento, seu juízo e a separação final entre justos e injustos.
Umugani w’urwamfu mu buro
Yesu abacira uwundi mugani ati: "Ubwami bw’ijuru bugereranywa n’umuntu yabivye imbuto nziza y’uburo mu murima wiwe. Mw’ijoro, abantu bose bamaze gusinzira, umwansi wiwe araza abiba urwamfu muri bwa buro hanyuma arigira. Uburo bumaze gukura, no kuyangika, urwamfu na rwo rutangura kwibonekeza.
Abakozi ba nyene umurima baca baramubaza bati: ‘Nyakwubahwa, mbega ntiwari wabivye imbuto nziza; none uru rwamfu rwavuye hehe?’
Arabishura ati: ‘Umwansi ni we yakoze ivyo.’
Baramubaza bati: ‘None urashaka ko tuja kururandura?’
Arabishura ati: ‘Oya, kuko mu kurandura urwamfu mwohava murandurana n’uburo. Reka vyose bikurane kugeza umusi wo kwimbura. Ico gihe nzobwira abimbuzi babanze begeranye urwamfu barutekere mu mikama hanyuma baruturire, maze uburo babwimburire mu kigega canje.’ "
Yesu asigura umugani w’urwamfu
Hanyuma Yesu asiga abantu ngaho, yinjira mu nzu. Abigishwa biwe baza aho ari, bamubwira bati: "Dusigurire umugani w’urwamfu mu murima."
Arabishura ati: "Uwabivye imbuto nziza ni Umwana w’Umuntu. Umurima ni iyi isi, imbuto nziza ni abana b’Ubwami. Urwamfu ni abana ba wa mubi. Umwansi yabivye urwamfu ni Satani. Iyimbura ni umuhero w’isi; abimbuzi ni abamarayika.
Nk’uko begeranya urwamfu kugira ngo baruturire, ni ko bizomera ku muhero w’isi. Umwana w’Umuntu azotuma abamarayika biwe, bakure abazana ibitsitaza hamwe n’abakora ibibi bose mu Bwami bwiwe; babaterere mw’itanure ryaka umuriro; ni ho hazoba amarira no guhekenya amenyo kubera umubabaro. Ariko abagororotsi bazokwakaka nk’izuba mu Bwami bwa Se wo mw’ijuru. Uwufise amatwi niyumve.
Umugani w’urusenga
Ubwami bw’ijuru bugereranywa n’urusenga rwaterewe mu kiyaga, rufata ifi z’ubwoko bwose. Rumaze kwuzura, abarovyi barukwegera i musozi, baricara batoranya ifi nziza bazishira mu masandugu, ifi mbi na zo barazita. Uko ni ko bizogenda ku muhero w’isi. Abamarayika bazosobanura abanyakibi mu bagororotsi, babaterere mw’itanure ryaka umuriro, ni ho hazoba amarira no guhekenya amenyo kubera umubabaro."
Quem herda o Reino
Os humildes, os pobres de espírito e as crianças são herdeiros do Reino. Mas é difícil para os ricos entrarem nele.
"Hahiriwe abumva ko bakenye mu buryo bw’impwemu,
kuko Ubwami bw’ijuru ari ubwabo.
Hahiriwe abarira,
kuko ari bo bazohozwa.
Hahiriwe abaciye bugufi,
kuko bazoragwa isi.
Hahiriwe abafise inzara n’inyota vyo kugororoka,
kuko bazohazwa.
Hahiriwe abagira imbabazi,
kuko na bo bazozigirirwa.
Hahiriwe abafise imitima itanduye,
kuko bazobona Imana.
Hahiriwe abaharanira amahoro,
kuko bazokwitwa abana b’Imana.
Hahiriwe abahamwa bahorwa ukugororoka,
kuko Ubwami bw’ijuru ari ubwabo.
Namwe muzoba muhiriwe abantu nibabatuka, bakabahama, bakabavugako bababeshera ibibi vyinshi babampora. Muze munezerwe kandi muhimbarwe kuko impera yanyu izoba ari nini mw’ijuru. Uko ni ko bahamye abavugishwa n’Imana babitangiye imbere.
Kuba mukuru mu Bwami bw’ijuru
Muri ico gihe, abigishwa begera Yesu baramubaza bati: "Mbega ni nde mukuru mu Bwami bw’ijuru?"
Yesu aca ahamagara umwana mutoya, amuhagarika hagati yabo. Hanyuma ababwira ati: "Ndababwire ukuri, mudahindutse ngo mumere nk’abana bato, ntimuzokwigera mwinjira mu Bwami bw’ijuru. Kandi umuntu wese yicisha bugufi nk’aka kana ni we mukuru mu Bwami bw’ijuru.
Maze Yesu arababwira ati: "Nimureke abana bato baze aho ndi, ntimubabuze, kuko Ubwami bw’ijuru ari ubw’abameze nka bo."
Yesu aca abwira abigishwa biwe ati: "Ndababwire ukuri, biragoye cane ko abatunzi binjira mu Bwami bw’ijuru. Kandi ndabisubiyemwo: vyokworoha ko ingamiya ica mu gatoboro k’urushinge rwo kubarira kurusha ko umutunzi yinjira mu Bwami bw’Imana!"
Abigishwa bavyumvise baratangara cane, hanyuma baramubaza bati: "None nimba biri uko, ni nde ashobora gukizwa?"
Yesu arabitegereza, hanyuma ababwira ati: "Ku bantu ntibishoboka, ariko ku Mana vyose birashoboka."
Umviriza bene Data nkunda. Mbega Imana ntiyatoranije abitwa abakene muvy’iyi si ngo babe abatunzi mu vyo kwizera no kuzoragwa Ubwami yasezeraniye abayikunda?
Ariko, kw’iherezo, abantu b’Imana Musumbavyose, ni bo bazohabwa ubwami, kandi bazoganza ibihe n’ibihe.
Buscar o Reino acima de tudo
Jesus ensinou que devemos buscar primeiro o Reino e sua justiça. Nem todo que diz 'Senhor, Senhor' entrará — só quem faz a vontade do Pai.
Abigishwa b’ukuri n’ab’ibinyoma
Abampamagara ngo: Mwami, Mwami, si bose bazokwinjira mu Bwami bw’ijuru, ariko ni abakora ivyo Data wo mw’ijuru agomba.
Ni co gituma umuntu wese atazokurikiza ayo mabwirizwa naho ryoba ritoya ryo muri yo kandi akigisha abandi kutayakurikiza azoba uwa nyuma mu Bwami bw’ijuru. Ariko uwo wese azoyakurikiza akigisha n’abandi kuyakurikiza azoba mukuru mu Bwami bw’ijuru. Ndababwire ukuri, ukugororoka kwanyu niyo kutaruta ukw’abigisha b’ivyagezwe n’ukw’Abafarisayo, ntimuzoruha mwinjira mu Bwami bw’ijuru.
Mukwiye gusenga muvuga muti:
Data wa twese uri mw’ijuru,
izina ryawe niryubahwe,
Ubwami bwawe buze,
ivyo ugomba bibe
mw’isi nk’uko biba mw’ijuru.
Yohana Umubatizi ategurira Yesu inzira
Muri iyo misi haza Yohana Umubatizi, yigishiriza mu bugaragwa bw’i Yudaya, avuga ati: "Nimwihane kuko Ubwami bw’ijuru buri hafi."
Kuva ico gihe Yesu aca atangura kuvuga Ubutumwa Bwiza no kwigisha, ati: "Nimwihane kuko Ubwami bw’ijuru buri hafi."
Mugende muravuga ubu butumwa muti: ‘Ubwami bw’ijuru buri hafi.’
Ndababwira ko abantu benshi bazoza, bamwe bavuye mu buseruko abandi mu burengero, bahabwe ivyicaro mu mazimano hamwe na Aburahamu, na Isaka na Yakobo mu Bwami bw’ijuru;
Ndababwire ukuri, mu bantu bose bavyawe n’abagore, nta wigeze kubaho ahambaye kuruta Yohana Umubatizi. Ariko, umuntu muto musi y’abandi mu Bwami bw’ijuru arahambaye kumuruta. Uhereye igihe Yohana Umubatizi yatangura kwigisha kugeza n’ubu, Ubwami bw’ijuru bagenda babugwanira kandi abahizi ni bo babwinjiramwo.
A herança eterna
O Reino dos Céus é inabalável e eterno. Deus nos chama a fazer firme a nossa vocação e eleição para entrar nesse Reino.
Ko twakira Ubwami budashobora kunyiganyizwa, muze dushimire Imana kandi tuyisenge mu buryo buyihimbara tuyitinya kandi tuyubashe. Kuko "Imana yacu ni umuriro utongora."
Bavuga icubahiro c’ubwami bwawe
kandi bavuga ivy’inkomezi wakoze,
kugira ngo abantu bose bamenye ibikorwa vyawe bihambaye
n’ugukayangana kw’ubwiza bw’ubwami bwawe.
Ubwami bwawe ntibuzogira iherezo,
n’ukuganza kwawe guhoraho uko urunganwe ruzokuranwa n’urundi.
Uhoraho ni uwo kwizigirwa mu vyo asezerana vyose
kandi ni umwizigirwa mu vyo akora vyose.
Nuko rero bene Data, murushirize kugira ishaka ryo gukomeza ihamagarwa ryanyu no gutoranywa kwanyu. Kuko nimwakora ivyo, ntimuzokwigera mutsitara, kandi muzokwakiranwa igishika gikomeye mu Bwami budashira bw’Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo.
Umwami Imana azonkiza ibitero vy’umwansi vyose, kandi azontahukana amahoro mu bwami bwiwe bwo mw’ijuru. Icubahiro kibe iciwe ibihe vyose, Amen.
Yewe busho buto, ntutinye kuko So wo mw’ijuru bimuhimbara kuguha Ubwami.
Kuko mukwiye kumenya neza ko: ata munyangeso mbi, uwanduye canke uwukunda inda; umuntu nk’uwo asenga ibigirwamana, azogira ico aragwa mu bwami bwa Kristo n’Imana.