Relacionamentos
Os relacionamentos são centrais na vida cristã. A Bíblia orienta sobre amizade, casamento, família e convivência, sempre tendo o amor como fundamento de toda relação.
Amor e amizade
O amigo ama em todo tempo. A Bíblia valoriza amizades verdadeiras que edificam, fortalecem e desafiam ao crescimento mútuo.
Umugenzi agukunda ibihe vyose,
kandi umuvukanyi yavukiye guseruka mu marushwa.
Nk’uko icuma gikarisha ikindi cuma;
ni ko umuntu akarishanya na mugenziwe.
Babiri baruta umwe,
kuko baronka inyungu nziza mu gikorwa cabo:
Umwe atemvye,
mugenziwe ashobora kumuvyura.
Ariko haragowe umuntu atemba
ntagire n’umwe wo kumuvyura!
Ariko nimba umuntu yoshobora kunesha umwe,
babiri bashobora kwigwanira. Mbere batatu barushaho
kuko ikiziriko c’imigozi itatu ntigicika vyoroshe.
Casamento e família
O casamento é aliança sagrada. O marido deve amar a esposa como Cristo amou a Igreja, e ambos devem cultivar respeito e submissão mútua.
Bagabo, mukunde abagore banyu, nk’uko Kristo yakunze ishengero akaryigura ngo arigire iryejejwe ritunganye, aryogesheje umwuhagiro w’amazi ari ryo Jambo ry’Imana.
Muri iyo nzira nyene, abagabo bakwiye gukunda abagore babo nk’imibiri yabo bwite. Uwukunda umugore wiwe abayikunda.
Rero, umwe wese muri mwebwe akunde umugore wiwe nk’uko yikunda, kandi umugore na we yubahe umugabo wiwe.
Bagore, mwumvire abagabo banyu nk’uko mwumvira Umwami Yesu. Kuko umugabo ari we mutwe w’umugore nk’uko Kristo na we ari we mutwe w’ishengero ari ryo mubiri wiwe, na we akaba umukiza waryo.
Uko Umukristo akwiye kubana n’abandi
Bagore, mwumvire abagabo banyu, nk’uko bibereye ab’Umwami wacu.
Bagabo, mukunde abagore banyu ntimubababaze ku mitima.
Uhoraho Imana aravuga ati: "Si vyiza ko umuntu yibana wenyene. Ngira ndamuronderere umufasha bakwiranye."
Ariko kubera ubusambanyi ari bwinshi, umugabo wese akwiye kugira umugore wiwe, kandi n’umugore wese akwiye kugira umugabo wiwe.
Amazu n’amatungo umuntu abiragwa n’abavyeyi,
ariko umugore w’ubwenge atangwa n’Uhoraho.
Umugore w’imico myiza yova hehe?
Asumba utubuye tw’agaciro.
Uri mwiza hose, mwiza wanje;
nta gatosi kari kuri wewe.
Convivência saudável
Os relacionamentos florescem quando tratamos os outros como gostaríamos de ser tratados, com amor crescente e caráter maduro.
Nuko rero, ivyo mugomba ko abantu babagirira, abe ari vyo mubagirira namwe, kuko ivyo ari vyo Ivyagezwe n’ivyanditswe n’abavugishwa n’Imana vyigisha.
wubahe so na nyoko,’ kandi ‘ukunde mugenzawe nk’uko wikunda.’"
Kandi dusenga ngo Imana yongereze kandi isesekaze urukundo mugiriranira hagati yanyu, n’abandi bose, nk’uko urwacu rumeze kuri mwebwe.
Umuntu n’atafasha umuryango wiwe na canecane abo mu nzu yiwe, aba yihakanye ukwizera kw’ukuri, kandi uwo aba ari inyuma y’uwutizera.
Twirinde gusenga ibigirwamana
Ntimukifatanye n’abatizera, kuko ubugororotsi n’ubukozi bw’ikibi nta ho bihurira, kandi umuco n’umwijima nta co bisangiye.
Jewe ubu noba nkirondera kwemerwa n’abantu, aho kurondera kwemerwa n’Imana? Canke ubu noba nkirondera kunezereza abantu? Iyo mba nkirondera kunezereza abantu, simba ndi umukozi wa Kristo.
Kubera iyo mvo nyene, mugire umwete kugira ngo ku kwizera kwanyu mwongereko ingeso nziza, ku ngeso nziza mwongereko ubumenyi; ku bumenyi mwongereko ukwirinda; ku kwirinda mwongereko ugushishikara; ku gushishikara mwongereko kwubaha Imana; ku kwubaha Imana mwongereko kugiriranira igishika; kugiriranira igishika mukwongereko urukundo.
Kuvugwa neza biruta kugira ubutunzi bwinshi,
kandi kwemerwa kurusha agaciro ifeza n’inzahabu.