Publicidade

Descansar no Senhor

Por Bíblia Online

Descansar no Senhor é um ato de fé. Em um mundo agitado, Deus nos convida a entregar nossas ansiedades, aquietar o coração e confiar plenamente em sua provisão e cuidado.

O convite ao descanso

Jesus convida os cansados e sobrecarregados a irem a Ele e encontrar descanso para as suas almas. O jugo dele é leve.

Nimuze kuri jewe mwese abarushe n’abaremerewe n’imitwaro, ndabaruhura. Mwakire umutwaro wanje hanyuma munyigireko kuko ndi umugwaneza kandi nicishije bugufi mu mutima, namwe muzoronka uburuhukiro bw’imitima yanyu. Kuko umutwaro wanje urahwahutse kandi ivyo ndabikoreza ntibiremereye."

Utekerereze imbere yUhoraho

umurindire wihanganye;

ntuze ubabare abantu nibatunganirwa mu nzira zabo,

nibashira mu ngiro imigambi yabo mibi.

Uhoraho aravuga ati: "Nimutekereze, mumenye ko ndi Imana;

nzoshirwa hejuru mu mahanga yose,

nzoshirwa hejuru mw’isi."

Muze muhore mu mwizigira ibihe vyose, yemwe bantu;

mumugaragarize imitima yanyu,

kuko Imana ari yo buhungiro bwacu.

Confiança e paz

Quem confia no Senhor encontra paz perfeita. A ansiedade perde o poder quando entregamos tudo nas mãos do Deus soberano.

Uzozigamira mu mahoro yuzuye

abo bose bashira ivyiyumviro vyabo kuri wewe,

kuko bakwizigiye!

Ng’ibi ivyo Uhoraho Nyeninganji, Uwera wa Isirayeli, avuze ati:

"Mu kwihana no mu gutekana ni ho hari agakiza kanyu,

mu gutekana no mu kwizigira ni ho hari inkomezi zanyu.

Ariko ntimwabishatse.

Inkurikizi y’ubwo bugororotsi izoba amahoro,

bizotuma haba ugutekana n’ukwizerana ibihe vyose.

ariko abizigiye Uhoraho

bazokwama bongerwa inkomezi.

Bazoguruka mu kirere nk’abagurukisha amababa y’inkona,

bazokwiruka ntibaruhe,

bazogenda ntibacike intege.

Maze amahoro y’Imana arengeye ugutahura kw’abantu azoca aza, azigamire imitima yanyu n’ubwenge bwanyu muri Kristo Yesu.

Muyikorere ingorane zanyu zose kuko irabitayeho.

Esperar no Senhor

Esperar no Senhor renova as forças. A Bíblia nos ensina que aquietar-se diante de Deus e confiar em seu tempo é marca da maturidade espiritual.

Urorere Uhoraho;

ukomere ureme mu mutima

kandi urorere Uhoraho.

Narorereye Uhoraho nihanganye;

na we arahindukira yumva ugutakamba kwanje.

Uremeke imitwaro yawe Uhoraho

na we azogushigikira;

ntazokwigera areka

umugororotsi ngo anyiganyizwe.

Nimuhinde agashitsi ntimukore icaha;

muri ku buriri bwanyu,

nimusuzume imitima yanyu mucereje.

Uhoraho agirira neza abamwiteze,

abamurondera bose;

ni vyiza kwitega ducereje

agakiza kUhoraho.

A fidelidade de Deus

Deus é fiel. Seus planos são de paz e esperança. Podemos descansar sabendo que Ele guarda e sustenta quem nele confia.

Kuko nzi imigambi ndabafitiye," ni ko Uhoraho avuze, "ni imigambi yo kubateza imbere, si iyo kubagirira nabi, ni imigambi yo kubaha ivyizigiro muri kazoza. Maze, muzonyambaza muze munsenge, nanje nzobumva. Muzondondera kandi muzombona mundondeye n’imitima yanyu yose.

Ariko hahiriwe umuntu yizigira Uhoraho,

ivyizigiro vyiwe bikaba muri we.

Azomera nk’igiti gitewe hafi y’amazi

gishorera imizi yaco mu migende y’amazi.

Ntigitinya mu gihe c’ubushuhe;

ibibabi vyaco bihora bitotahaye.

Nticiganyira no mu mwaka w’uruzuba

kandi nticigera kireka kwama ivyamwa.

Uhoraho aramwishura ati: "Nzojana namwe kandi nzoguha akaruhuko."

Ni co gituma ndiko ndababazwa uku. Ariko singira isoni kuko ndazi uwo nizeye, kandi sinkekeranya ko ashoboye kuzigama ico namubikije gushika ku musi w’ukugaruka kwiwe.

Abwira Abayuda ati: "Nimuze twubake ibi bisagara, tubikikuze inzitiro, twubake n’iminara, dushireko amarembo n’ibihindizo. Igihugu kiracari icacu, kuko twarondeye Uhoraho Imana yacu; twaramurondeye na we aduha impore impande zose." Nuko barubaka kandi baratunga baratunganirwa.

Bariko baramanuka, bageze aho igisagara kigarukira, Samweli abwira Sawuli ati: "Bwira uwo mukozi wawe atwitangire imbere." Wa mukozi aca akora uko abariwe aragenda. Samweli yongerako ati: "Wewe guma aha akanya gato, kugira ngo nkubwire ubutumwa buvuye ku Mana."

Seja o primeiro
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-07-05_12-11-46-