Salvador
Jesus é o Salvador do mundo. Desde a manjedoura até a cruz e a ressurreição, toda a Escritura aponta para Aquele que veio buscar e salvar o que se havia perdido.
O Salvador nasceu
Na plenitude dos tempos, Deus enviou seu Filho ao mundo. O anjo declarou: 'Hoje vos nasceu um Salvador, que é Cristo, o Senhor.'
Uwu musi, umukiza yabavukiye mu gisagara ca Dawidi, ni we Kristo, Umwami.
We, naho yari Imana,
ntiyigeze abona ko kungana n’Imana ari ikintu co kwumirako.
Ahubwo, yiyambuye ubumana bwiwe,
yambara ishusho y’umugurano,
acika uwusa n’abantu.
Kandi amaze kuboneka mw’ishusho y’umuntu,
yicisha bugufi,
aragamburuka gushika no ku rupfu,
mbere urupfu rwo ku musaraba.
"Ariko namye ndi Uhoraho Imana yanyu
kuva aho mwaviriye muri Egiputa.
Nta yindi Mana muzokwemera atari jewe,
kuko ata Mukiza wundi atari jewe.
O sacrifício redentor
Jesus deu a própria vida por nós. Ele é a propiciação pelos nossos pecados e o autor da salvação eterna para todos os que lhe obedecem.
Kuko Kristo ubwiwe yitanze nk’ikimazi kugira ngo duharirwe ivyaha vyacu, kandi si ivyacu gusa, ahubwo ni ivy’abari mw’isi bose.
Icerekana urwo rukundo ni iki: si twebwe twakunze Imana, ahubwo ni yo yadukunze itanga umwana wayo nk’ikimazi kugira ngo duharirwe ivyaha vyacu.
Kuko nimba Imana yaduhaye kwuzura na yo biciye mu rupfu rw’Umwana wayo tukiri abansi bayo, ntidukekeranya ko, ubu tumaze kwuzura na yo, tuzokizwa n’ubugingo bwiwe.
Murazi ko mwacunguwe mukava mu buzima butagira ikimazi, ubwo mwarazwe na ba sogokuruza. Iyo ncungu si ibintu bishira nk’ifeza canke inzahabu, ahubwo ni amaraso y’igiciro kinini ya Kristo, Umwagazi w’intama w’Imana utagira icaha canke umugayo.
Muri we ni ho twaherewe ugucungurwa biciye mu maraso yiwe, ni kwo guharirwa ivyaha vyacu, kubera ubuntu bwayo bwinshi!
si jewe nkiriho; ariko ni Kristo ariho muri jewe. Nkiri muri uwu mubiri, mbayeho mu kwizera Umwana w’Imana yankunze akitanga ku bwanje.
O caminho da salvação
Jesus é o mediador da nova aliança. Ele vive para interceder por nós e pode salvar perfeitamente todos os que se achegam a Deus por meio dele.
Amaze kuba uwutunganye rwose, yahindutse isoko ry’agakiza kadashira ku bamwumvira bose.
Ni co gituma ashobora gukiza rwose abegera Imana bamwisunze, kuko abaho ibihe vyose abasengera ku Mana.
Ni co gituma Kristo ari umuhuza w’isezerano rishasha hagati y’Imana n’abantu, kugira ngo abahamagawe bose baronke imihezagiro idashira Imana yabasezeraniye. Kuko Kristo yapfuye kugira ngo abakize igihano c’ivyaha bakoze bakiri mw’isezerano rya mbere.
Duhange amaso Yesu Kristo, we yatanguje ukwizera kwacu akaba ari na we agushitsa ku gutungana. Umunezero yashizwe imbere ni wo watumye yihanganira umusaraba n’isoni zawo. Ubu yicaye mu kibanza c’iteka i buryo bw’intebe y’inganji y’Imana.
Kuko abantu bose baracumuye, bituma badashikira ubwiza bw’Imana. Ariko Imana, mu buntu bwayo, itwemera ko tugororotse mu maso yayo biciye mu gucungurwa turonkera muri Kristo Yesu.
Ariko Imana yagumye indinda gushika uwu musi. None mpagaze ngaha nshingira intahe abakuru n’abato. Nta co ndiko ndavuga kirengeye ivyo abavugishwa n’Imana na Mose bavuze ko bizoshika, ko Kristo akwiye kubabazwa, akaba impfura mu kuzuka mu bapfuye, maze akamamaza umuco mu bwoko bwiwe no mu Banyamahanga."
Umumarayika abwira abo bagore ati: "Mweho ntimutinye, kuko ndazi ko murondera Yesu yabambwe. Ntari hano, yazutse, nk’uko yari yarabivuze. Nimuze murabe aho umubiri wiwe wari uryamye.
Ariko jeho ubwanje ndazi ko umucunguzi wanje ari muzima,
kandi ko impera n’imperuka azohagarara kw’isi.