Sexo
A Bíblia trata a sexualidade como um presente de Deus para o contexto do casamento. As Escrituras celebram a intimidade conjugal e orientam sobre pureza e santidade sexual.
A sexualidade no plano de Deus
Desde a criação, Deus projetou a intimidade sexual como expressão de amor entre marido e mulher, abençoando a união conjugal.
Nuko Imana irema abantu mw’ishusho yayo.
Mw’ishusho yayo ni ho yabaremye;
ibarema ari umugabo n’umugore.
Nuko Imana irabahezagira, ivuga iti: "Nimurondoke mugwire; mwuzure isi kandi muyiganze. Muganze amafi yo mu biyaga, inyoni zo mu kirere hamwe n’ibindi biremwa vyose bigendagenda kw’isi."
Ni co gituma umugabo azosiga se na nyina akabana n’umugore wiwe ubutakivana, maze bakaba umubiri umwe.
Yesu arabishura ati: "Ntimurasoma ko mu ntango Umuremyi yabaremye ari umugabo n’umugore, hanyuma akavuga ati: ‘Ni co gituma umugabo azosiga se na nyina akabana n’umugore wiwe ubutakivana, maze naho ari babiri bakaba umubiri umwe?’ Gutyo ntibaba bakiri babiri, ahubwo baba babaye umubiri umwe. None rero ico Imana yamatanije, ntihakagire uwukimatanura."
Isoko ryawe riragahezagirwa,
nawe unezerererwe umugore wo mu buto bwawe.
Ameze nk’impongokazi iteye igomwe, nk’ingeregere ihimbaye.
Amabere yiwe akubumbe ibihe vyose,
kandi wame ukwegwa n’urukundo rwiwe ibihe vyose.
A santidade na intimidade
O leito conjugal é honroso. A Bíblia celebra a alegria da intimidade dentro do casamento e orienta o casal ao amor e respeito mútuo.
Ukwubakana kwubahirizwe na bose, kandi ntihakagire icanduza uburiri bw’abubakanye; kuko Imana izocira urubanza abagendera mu bushakanyi no mu busambanyi.
Umugabo ategerezwa kurangura amabanga y’abubatse n’umugore wiwe, n’umugore wiwe ni uko nyene. Umugore aba yemeye guha umubiri wiwe umugabo ngo abe ari we awuganza, kandi n’umugabo n’uko aba yemeye guha umubiri wiwe umugore ngo abe ari we awuganza.
Ariko nimba badashobora kuganza imibiri yabo, bakwiye kwubaka, kuko umuntu yopfuma agira uwo bubakanye hako arengerwa n’ivyipfuzo vy’umubiri.
Mbega Imana ntiyari yabagize umwe n’abagore banyu? Mu mpwemu no mu mubiri muri abiwe. Kandi ico abipfuzako ni iki? Ashaka ko muvyara abana bamwubaha. Nuko rero nimwirinde mugume mw’isezerano mwagiranye n’abagore bo mu buto bwanyu.
Mbega ntimuzi ko imibiri yanyu ari ibihimba vy’umubiri wa Kristo? None nubahuke mfate ibihimba vy’umubiri wa Kristo, ndabifatanye n’umumaraya? Ntibikabe! Mbega ntimuzi ko uwifatanije n’umumaraya aba abaye umubiri umwe na we? Kuko Ivyanditswe Vyera bivuga ngo: "Uko ari babiri bazoba babaye umubiri umwe." Ariko uwifatanije n’Umwami Imana aba abaye umwe na we mu buryo bw’impwemu.
Pureza sexual
Deus nos chama à santificação e à fuga da imoralidade. O corpo do cristão é templo do Espírito Santo e deve ser tratado com honra.
Mwirinde ubusambanyi. Nta kindi caha gifise ingaruka ku mubiri kunganya ico. Uwusambana aba acumuye no ku mubiri wiwe na wo. Mbega ntimuzi ko imibiri yanyu ari insengero za Mpwemu Yera aba muri mwebwe, uwo mwahawe n’Imana? Erega ntimuciganza kuko mwaguzwe igiciro kinini. Nuko rero mwubahishe Imana imibiri yanyu.
Ico Imana igomba ni uko mubaho mwejejwe, muri kure y’ivyaha vy’ubusambanyi. Kandi ni uko umwe wese muri mwebwe abaho aganza umubiri wiwe, yejejwe kandi yihesha agateka, mudatwarwa n’ivyipfuzo vy’umubiri nk’abapagani batazi Imana.
Ariko muri mwebwe ntihabemwo ubusambanyi, canke ukwipfuza ukwo ari kwo kwose, canke ubukunzi bw’inda, kuko bidakwiye ku bera b’Imana.
Ariko jeho ndababwira nti umuntu wese araba umugore akipfuza gusambana na we aba yamaze gukora ico caha mu mutima.
Twigenze neza nk’abagenda ku murango. Twirinde kurenza urugero mu vyokurya no mu vyo kunywa. Twirinde ubusambanyi no kugendera mu biteye isoni. Twirinde gutongana no kugiriranira ishari.
Ntugasambane.
Ntihaze hagire umuntu yegera incuti yiwe ya hafi ngo barangurane amabanga mpuzabitsina. Ndi Uhoraho.
Ntuze umaramaze so mu kuryamana na nyoko. Ni umuvyeyi wawe; ntuze uryamane na we.
Ntuze uryamane n’umugore wa so; kuko ni ukumaramaza so.
Ntuze uryamane na mushikawe, yaba uwo musangiye so gusa canke uwo musangiye nyoko gusa, yaba ari uwavukiye muri iyo nzu canke uwavukiye ahandi.
Ntuze uryamane n’umwuzukuru wawe, yaba uwo ku muhungu canke uwo ku mukobwa; ivyo ni ibiterasoni.
Ntuze uryamane n’umukobwa w’umugore wa so, uwo so yavyaranye na we; kuko ni mushikawe.
Ntuze uryamane na mushiki wa so, kuko ari incuti ya so ya hafi.
Ntuze uryamane n’umuvukanyi wa nyoko, kuko ari incuti ya nyoko ya hafi.
Ntuze umaramaze sowanyu mu kuryamana n’umugore wiwe; kuko ari nyogosenge kuri wewe.
Ntuze uryamane n’umukazana wawe, kuko ari umugore w’umuhungu wawe; ntuze uryamane na we.
Ntuze uryamane na muramwawe; kuko kwoba ari ukumaramaza umuvukanyi wawe.
Ntuze uryamane n’umugore ngo wongere uryamane n’umukobwa wiwe. Kandi, ntuze uryamane n’umwuzukuru wiwe wo ku muhungu canke wo ku mukobwa; kuko ari incuti ziwe za hafi. Ico ni ikizira.
Ntuze uharike umugore wawe, umuharikishije uwo bavukana, ngo uryamane na we umugore wawe akiriho.
Ntuze uryamane n’umugore ari mu miziro yiwe.
Ntuze uryamane n’umugore wa mugenzawe ngo umwihumanishe.
Ntuze utange umwana wawe ngo atangwe kw’ikimazi c’ikigirwamana Moleki, kuko ukwiye kwirinda ngo ntukengere izina ry’Imana yawe. Ndi Uhoraho.
Ntuze uryamane n’umugabo nk’uko baryamana n’umugore. Ico ni ikintu co kwankwa urunuka.
Ntuze uryamane n’igikoko ngo uciyandurishe. Ntihaze hagire umugore yitega igikoko ngo kiryamane na we; ni ubuhumane butavugwa.
Bavuga ko bafise ubwenge, ariko ni ibipfu. Aho gusenga Imana y’icubahiro kandi idapfa, basenga ibishushanyo bibajwe bifise ishuho y’umuntu apfa, iy’inyoni, iy’ibikoko n’iy’ibikwega inda hasi.
Ivyo vyatumye Imana ibareka kugira ngo bakore ibiteye isoni imitima yabo yipfuza, gutyo bakoreranira ibikorwa bihumanya imibiri yabo. Ukuri kwerekeye Imana bagukavye ikinyoma, basenga ivyaremwe baranabikorera mu kibanza c’Umuremyi, we abereye gushimwa ibihe vyose! Amen.
Ivyo ni vyo vyatumye Imana ibaheba ngo bakore ibiteye isoni imitima yabo yipfuza. Mbere n’abagore babo bataye ibanga ry’abubatse nk’uko Imana yaritegekanije, biyononesha gukoresha imibiri yabo mu buryo bunyuranye n’ubwo yaremewe. N’abagabo na bo bahevye kuryamana n’abagore babo nk’uko Imana yabitegekanije, biyononesha kwipfuzanya hagati yabo. Abagabo bakoranye n’abandi bagabo ibiteye isoni, hanyuma bahabwa igihano gikwiranye n’ubuzimire bwabo.