Tentação
A tentação faz parte da jornada cristã, mas Deus é fiel e não permite que sejamos tentados além do que podemos suportar. Em Cristo, temos poder para resistir e vencer.
A realidade da tentação
Jesus foi tentado em tudo como nós e compreende nossas lutas. A Bíblia nos ensina que a tentação não é pecado — o pecado está em ceder a ela.
Umuherezi mukuru dufise ashobora kubabarana natwe mu ntege nke zacu. Mbere yaciye mu mageragezwa twese ducamwo, ariko we nta caha yakoze.
ahamara imisi mirongo ine ageragezwa na Satani. Amara iyo misi ata co arya, maze iheze, yumva arashonje.
Iyo muntu ageragejwe, ntakwiye kuvuga ngo: "Imana iriko irangerageza." Kuko Imana itageragezwa n’ikibi, kandi ntigerageza umuntu n’umwe.
kuko muzi neza ko iyo ukwizera kwanyu kugeragejwe bituma ukwihangana kwanyu na kwo gukura.
O escape providenciado
Deus sempre providencia uma saída. Não precisamos cair, pois Ele nos dá forças para resistir e promete nos livrar da provação.
Nta kibagerageza cabashikiye kidashikira abandi. Kandi Imana ni iyo kwizigirwa, ntizobareka ngo mugeragezwe n’ivyo mudashobora kwihanganira. Mu gihe co kugeragezwa, izobacira inzira kugira ngo mushobore kuvyihanganira.
Ivyo vyerekana ko Imana izi gukiza abayubaha ikabakura mu marushwa yabo, ariko kandi igashobora no kurindiriza abatayubaha kugeza ku musi w’imanza, aho izobahanira.
Ntudutererane ibitugerageza,
uhubwo udukize wa mubi.
[Kuko Ubwami, ubushobozi n’ubwiza
ari ivyawe ibihe vyose.
Amen.]
Ivyo nipfuza vyose biri imbere yawe, ewe Mana;
ukuniha kwanje ntuguhishijwe.
Vigilância e resistência
A Palavra de Deus, a oração e a vigilância são nossas armas contra a tentação. Vigiar e orar é o conselho do próprio Jesus.
Nimube maso musenge kugira ngo ntimutsindwe n’ibibagerageza. Kuko umutima urabikunze ariko umubiri ufise intege nke."
Imbuto zaguye mu mahwa, zerekana umuntu yumva ijambo ry’Imana, ariko imyitwarariko y’ivy’iyi si hamwe n’uruhendo rw’ubutunzi bikaza bikanyoha iryo jambo yumvise bigatuma ata co ryama.
Arongerako ati: "Ibiva mu muntu ni vyo bimuhumanya. Kuko imbere mu mutima w’umuntu ari ho hava ivyiyumviro bibi, ingeso mbi z’ivy’isoni nke, ubusuma, ubwicanyi, ubusambanyi, gukunda ibintu kurenze urugero, ubukozi bw’ikibi, ubugunge, kwipfuza kurenze urugero, kwipfuza ivy’abandi, gutukana, ubwibone, n’ubupfu. Ivyo bibi vyose biva mu muntu maze bikamuhumanya."
Bene Data, nihagira uwufatwa ariko akora icaha, mwebwe muhagaze neza muri Mpwemu, mwategerezwa kumufasha gusubira mu nzira nziza mu bugwaneza. Ariko namwe nyene mwirinde cane kugira ngo ntumugeragezwe nka we.
Umuntu yohonyora ku makara yaka,
hanyuma ntashe?
Hahiriwe umuntu yihanganira ibimugerageza, kuko inyuma y’ukugeragezwa, niyarama azohabwa urugori rw’ubugingo Imana yasezeraniye abayikunda.