Pular para o conteúdo
Publicidade

Sobre ter filhos

Por Bíblia Online

Filhos são uma dádiva do Senhor, uma herança que Deus confia aos pais. A Bíblia celebra a maternidade e a paternidade como vocações sagradas e fontes de bênção.

Filhos: herança do Senhor

A Escritura declara que os filhos são bênção de Deus. Cada criança é um presente precioso confiado aos pais para ser cuidado com amor.

Abana ni umugabane uva kUhoraho,

uruvyaro ni impera atanga.

Nk’uko imyampi imera mu kuboko kw’umuhizi

ni ko n’abana bo mu buto bamera.

Hahiriwe umuntu

yujuje umutana wiwe imyampi nk’iyo.

Ntibazomaramara

nibahangana n’abababuranya mu bucamanza.

Umugore wawe azoba nk’umuzabibu wama cane

mu nzu yawe;

abana bawe bazoba nk’utugemwe twa elayo

bakikuje imeza yawe.

Ashira umugore w’ingumba mu nzu yiwe

akamugira nyina w’abana ahiriwe.

Himbaza Uhoraho

Nuko Imana irabahezagira, ivuga iti: "Nimurondoke mugwire; mwuzure isi kandi muyiganze. Muganze amafi yo mu biyaga, inyoni zo mu kirere hamwe n’ibindi biremwa vyose bigendagenda kw’isi."

Instruir nos caminhos de Deus

A Bíblia orienta os pais a instruir seus filhos nos caminhos do Senhor desde cedo, com dedicação, disciplina e exemplo.

Umenyereze umwana guca mu nzira ibereye,

niyakura ntazoyivamwo.

Aya majambo yanje muyashire mu mitima yanyu no mu bwenge bwanyu, muyabohere ku maboko no mu ruhanga nk’ivyibutso. Muzoyigishe abana banyu, muyaganireko iyo mwicaye i muhira n’iyo muri ku rugendo, iyo mugiye kuryama n’iyo muvyutse.

Ba se, ntimukabere abana banyu umururazi, vyotuma bacika intege.

Toza indero umwana wawe, na we azoguha amahoro;

azonezereza umutima wawe.

Cada vida é preciosa

Deus conhece e forma cada criança no ventre. Antes de nascer, Ele já nos separou e preparou um propósito para cada vida.

"Ntarakubumbira mu nda nari ndakuzi,

n’imbere y’uko uvuka nari naramaze kukurobanura;

naguhisemwo ngo ube umuvugishwa wanje ku mahanga."

Kuko ari wewe waremye ibimbamwo vyose;

wanteranirije mu nda ya mama;

Ndaguhimbaza kuko naremwe mu buryo buteye ubwoba kandi butangaje;

ivyo ukora biratangaje,

ivyo ndabizi neza.

Igikankara canje nticari gihishijwe inyonga zawe

igihe naremerwa mw’ibanga,

igihe nateranirizwa i bwina mw’isi.

Mu kanwa k’abana bato n’inzoya

ni ho washinze igihome gikinga abansi bawe,

ngo uzibe akanwa k’abansi bakugwanya.

Maze Yesu arababwira ati: "Nimureke abana bato baze aho ndi, ntimubabuze, kuko Ubwami bw’ijuru ari ubw’abameze nka bo."

Seja o primeiro