Publicidade

Todo poderoso

Por Bíblia Online

Deus é Todo-Poderoso — onipotente, onisciente e onipresente. Nada está além do seu alcance, nada escapa ao seu conhecimento e nada foge ao seu controle soberano.

O poder soberano de Deus

O Senhor reina sobre todas as coisas. Desde a criação do universo até os detalhes da nossa vida, seu poder se manifesta de forma absoluta e inesgotável.

Ewe, Uhoraho Nyeninganji, waremye ijuru n’isi ubiremesheje ububasha bwawe n’ukuboko kwawe kw’inkomezi, nta na kimwe kikunanira.

"Ndi Uhoraho, Imana y’abafise umubiri bose. Hari ikintu conanira jewe?"

Uhoraho arahambaye kandi abereye gushimwa;

nta n’umwe yomenya ubukuru bwiwe.

Ubukuru n’ububasha ni ivyawe

n’ubwiza n’icubahiro n’igitinyiro,

kuko ibiri mw’ijuru no mw’isi vyose ari ivyawe.

Ubwami ni ubwawe, yewe Uhoraho;

ushizwe hejuru nk’uganza vyose.

Ubutunzi n’iteka biva iwawe;

uri uwuganza vyose.

Mu ntoke zawe hari inkomezi n’ububasha

vyo gushira hejuru no gukomeza uwo ishatse wese.

Kuva isi iremwa, ivyerekeye Imana bitabonwa n’aya maso: ubushobozi bwayo buhoraho, n’ubumana bwayo, biraboneka neza vyerekanywe n’ivyo yaremye. Ni co gituma ata muntu n’umwe afise ico yokwireguza.

Nada é impossível para Deus

Para Deus não há impossíveis. O que parece inalcançável aos nossos olhos é plenamente realizável nas mãos do Todo-Poderoso.

kuko ata jambo Imana ivuze ribura ububasha."

Aravuga ati: "Aba, Data, wewe vyose biragushobokera. Ndakwinginze unkure imbere iki gikombe c’imibabaro. Ariko ntibibe nk’uko jewe ngomba, yamara bibe uko wewe ugomba."

Uhoraho ni we atuma bamwe bakena, kandi ni we atuma abandi batunga;

ni we acisha bugufi bamwe, agashira hejuru abandi.

Ni yo ihishura ibihishijwe,

ikamenya ibiri mu mwijima

kandi umuco ubana na yo.

O Rei eterno

Deus é o Rei eterno, imortal, invisível, único Deus sábio. Seu trono é desde a eternidade e seu reino não terá fim.

"Ndi Alufa na Omega, Intango n’Iherezo," ni ko Umwami Imana avuze, "uwuriho, uwamyeho kandi agira aze, Mushoboravyose."

Icubahiro n’ubwiza bibe ivy’Imana ihoraho, Umwami ahoraho, adapfa, ataboneka, we Mana imwe yonyene, ibihe bidashira. Amen.

Isi ni iyUhoraho, n’ibiri muri yo vyose,

isi n’ababa muri yo bose;

Tugarukane, ewe Uhoraho Mana Mushoboravyose;

tumurikishirize mu nyonga hawe,

kugira ngo dukire.

Refúgio no Todo-Poderoso

O poder de Deus é nosso abrigo. Em tempos de tempestade, podemos descansar na certeza de que Ele sustenta e protege os seus.

Uwuba mu bwugamo bw’Iyisumbavyose

azokwama ari mu gitutu c’Iyishoboravyose.

Nzobwira Uhoraho nti: "Uri ubuhungiro bwanje n’igihome kinkingira,

uri Imana yanje nizigira."

Ijambo ritarashika ku rurimi rwanje

wewe, Uhoraho, uba warimenye ido n’ido.

Ukwambara ibigwanisho vy’Imana

Ijambo rya nyuma: mukomere mu Mwami wacu no mu bushobozi bwiwe bwinshi.

Kandi ndizera neza ntakekeranya ko ata kintu na kimwe codutandukanya n’urukundo rw’Imana. Nta rupfu canke ubugingo, nta bamarayika canke abatware, nta biriho canke ibizoza, nta bushobozi na bumwe, bwaba ubwo mw’ijuru canke ubwo kw’isi, nta na kimwe mu vyaremwe vyose codutandukanya n’urukundo rw’Imana rwahishuriwe muri Kristo Yesu, Umwami wacu.

Ariko mwebwe, bana nkunda, muva ku Mana kandi mwaranesheje abo bavugishwa b’ibinyoma, kuko Mpwemu aba muri mwebwe aruta impwemu iri mu b’isi.

Nzozihezagira, mpezagire n’imitumba izikikuje. Nzozirungikira imvura mu gihe kibereye, imvura y’umugisha.

Seja o primeiro
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-07-04_23-13-58-