Publicidade

Trabalho

Por Bíblia Online

O trabalho é uma ordenança divina desde a criação. Deus colocou o homem no jardim para cultivar e guardar, revelando que o labor é parte do propósito humano e um meio de glorificá-lo.

Trabalho como vocação divina

Deus nos criou para trabalhar com propósito. O trabalho é expressão da imagem divina em nós e deve ser feito como para o Senhor.

Ivyo mukora vyose muhore mubikorana umutima wanyu wose, nk’aho mwoba muriko mubikorera Umwami wacu, atari abantu,

Ivyo mukora vyose muhore mubikorana umutima wanyu wose, nk’aho mwoba muriko mubikorera Umwami wacu, atari abantu, kuko muzi ko muzohabwa n’Umwami wacu, umugabane wanyu nk’impera. Uwo Mwami mukorera ni Kristo.

Kandi ivyo mukora vyose, mu mvugo no mu ngiro, mubikore mw’izina ry’Umwami wacu Yesu, mushima Imana Data wa twese ku bwiwe.

Mukorane imitima yanyu yose, nk’aho mwoba muriko mukorera Umwami wacu, mutariko mukorera abantu, kuko muzi neza ko Umwami azohembera umuntu wese ivyo yakoze, ari umugurano canke uwidegemvya.

Nuko rero iyo murya canke munywa, canke mukora ikindi kintu cose, mubikore muhesha Imana icubahiro.

None bene Data nkunda, mushikame ntihagire ikibanyiganyiza. Mwiyegurire imisi yose gukorera Umwami wacu kuko muzi neza ko ibikorwa vyanyu atari impfagusa mu Mwami.

Ivyo mukora vyose mubikore mu rukundo.

Diligência e recompensa

A mão diligente enriquece, mas a preguiça traz pobreza. A Bíblia valoriza o esforço honesto, dedicado e perseverante em toda obra.

Amaboko anebwa akwega ubukene,

ariko amaboko y’umwete aratungisha.

Amaboko aroranya azorongora,

ariko ubunebwe bushikana ku kuba umuja.

Amaboko aroranya azorongora,

ariko ubunebwe bushikana ku kuba umuja.

Ico umuntu akora kimuzanira inyungu,

ariko amajambo yonyene azana amapfa.

Niwigire ku kimonyo, yewe wa munebwe we!

Raba ingene gikora hanyuma uce ubwenge.

Ntikigira uwugitegeka,

uwukiganza, canke uwugikoresha.

Ariko cegeranya ivyokurya mu ci,

kigatororokanya imfungurwa mw’iyimbura.

Mbega uzogeza ryari kuryama, yewe wa munebwe we?

Uzova mw’itiro ryawe ryari?

Uravuga uti: "Hinge nisinzirire gatoya, mpungure gakeya,

nigorore gatoya, mpfunye amaboko."

Uko ni ko ubukene buzoguhwikira nk’igisuma,

ubworo bugutere nk’umwambuzi.

Umunebwe mu gikorwa

ni mwenewabo n’umuranduzi.

Ntugakunde agatiro, ahandi ho uzoba umukene;

wame maso, ni ho uzogira indya mu kigega.

Ubutunzi buvuye mu vyibwe buhera ningoga,

ariko ubuvuye mu gukora cane buguma bugwira.

Umugisha wUhoraho uratungisha,

kandi ntuvanzwe n’umuruho.

Planejamento e excelência

A excelência no trabalho honra a Deus. Devemos nos dedicar com competência, entregar nossos planos ao Senhor e buscar o melhor em cada tarefa.

Uze wegurire Uhoraho ivyo ukora vyose,

ni ho ivyawe bizogenda neza.

Uze wegurire Uhoraho ivyo ukora vyose,

ni ho ivyawe bizogenda neza.

Umugani wa 6

Hari abantu b’abanyamwete mu vyo bakora urabona?

Abo bazokorera imbere y’abami

ntibazokorera abasanzwe.

Ukore ibishoboka vyose kugira ngo wame ugaragara wemewe imbere y’Imana, umukozi anezererwa igikorwa ciwe, kandi asigura neza ijambo ry’ukuri.

Ukore ibishoboka vyose kugira ngo wame ugaragara wemewe imbere y’Imana, umukozi anezererwa igikorwa ciwe, kandi asigura neza ijambo ry’ukuri.

Ivyanditswe vyose vyahumetswe n’Imana kandi bifise akamaro ko kwigisha ukuri, kwiyamiriza ibibi, gukebura no gutoza indero nziza mu bugororotsi, kugira ngo umuntu w’Imana atunganywe rwose, agire ibikwiye ku bw’igikorwa ciza cose.

Ibintu vyose amaboko yawe ahawe gukora, ubikore n’inkomezi zawe zose, kuko mu mva, iyo uzoja, ata gukora canke imigambi, kumenya canke ubwenge.

Mukore vyose mutidodomba kandi mudaharira, kugira ngo mubeho mutagira umugayo, mugororotse, mube abana b’Imana batagira agatosi mu bantu b’iki gihe bagoramye kandi bononekaye, abo mubonekamwo mwakaka nk’inyenyeri zo kw’ijuru.

O contentamento no trabalho

Deus nos dá a capacidade de desfrutar do nosso trabalho. Poder comer, beber e encontrar satisfação em nosso labor é um dom divino.

Ndazi ko ku bantu ata kiruta kunezerwa no gukora ivyiza bakiriho. Iyi ni yo ngabire y’Imana, ni uko umuntu wese arya akanywa, agahimba mu bivuye mu butame bwiwe bwose.

Maze nsanga ari vyiza kandi bibereye ko umuntu arya akanywa, akinezereza mu butame bwiwe bwose agirira musi y’izuba mu misi mike y’ubuzima bwiwe Imana yamuhaye, kuko ari wo mugabane wiwe.

Vyongeye, mu gihe Imana ihaye umuntu itunga n’ibintu vyinshi, ikamwemerera kubinezererwamwo, ngo yakire umugabane wiwe yongere anezererwe igikorwa ciwe, iyo ni ingabire y’Imana.

Babiri baruta umwe,

kuko baronka inyungu nziza mu gikorwa cabo:

Ni umuntu nyamwigendako;

atagira umuhungu canke umuvukanyi.

Ubutame bwiwe ntibwagira iherezo,

ariko amaso yiwe ntiyahazwa n’itunga ryiwe.

Yaribajije ati: "Ndiko ndaruhira nde,

kandi ni kuki nibuza umunezero?"

N’ibi na vyo ni ubusa,

ni ibikorwa vy’ubutindi!

Kandi nabonye ko ubutame bw’umuntu bwose n’ivyo ashikako vyose bidudubiza biva mu kwipfuza ivya mugenziwe. N’iki na co ni ubusa, ni ukwiruka inyuma y’umuyaga.

A responsabilidade cristã

O cristão deve trabalhar com suas próprias mãos, viver dignamente e ser exemplo de dedicação. Quem não trabalha, não coma.

N’igihe twari kumwe namwe twamye tubaha icagezwe kivuga ngo: "Uwudashaka gukora no kurya ntakarye."

Twarumvise ko bamwe muri mwebwe ari ibinebwe. Bareka gukora ariko bakita mu bitabaraba. Abo bantu turabategetse tubinginga mw’izina ry’Umwami wacu Yesu Kristo ngo bame bakora kugira ngo babone kwibeshaho.

Mugire ishaka ryo kubaho ubuzima butekanye; umwe wese yiteho gukora ibimwerekeye kandi ajejwe, no gukoresha amaboko yiwe nk’uko twabibabwiye. Kubaho kwanyu gutyo mu buzima bwa misi yose, bizotuma abo hanze batizera babubaha, kandi mwidegemvye imbere y’umuntu wese.

Uwiba ntakongere kwiba, ahubwo agire umwete wo gukora ivyiza akoresheje amaboko yiwe, kugira ngo aronke ico gufashisha abakene.

Imana irashoboye kubuzuza ubuntu bwayo kugira ngo muri vyose na hose muronke ivyo mukeneye, mugire n’ibisagutse bituma mukora igikorwa ciza cose.

Haracariho rero akaruhuko gasa n’akumusi w’Isabato gategekanirijwe ubwoko bw’Imana. Umuntu wese yinjiye aho kuruhukira Imana yateguye, araruhuka ibikorwa vyiwe nk’uko Imana na yo yaruhutse ibikorwa vyayo.

Ukugira neza kw’Uhoraho Imana yacu kube kuri twebwe

ukomeze igikorwa c’intoke zacu;

egome, komeza igikorwa c’intoke zacu.

Nimwitegereze inyoni zo mu kirere: ntizibiba, ntizimbura kandi nta co zegeraniriza mu bigega; ariko So wo mw’ijuru arazigaburira! None mwebwe ntimuziruta cane?

None ni nde azobagirira nabi mu gihe mufise ishaka ryo gukora ivyiza?

Ndababwire ukuri, uwunyizera wese azokora ibikorwa nk’ivyo nakoze, mbere azokora n’ibibiruta, kuko jewe ngiye kuja kwa Data.

Ariko mbona ko ubuzima bwanje atari ikintu c’agaciro kanini, ico nshaka ni kunonosora urugendo rwanje, no gusozera neza igikorwa Umwami Yesu yampaye co kubwira abantu Ubutumwa Bwiza bw’ubuntu bw’Imana.

Mwirinde kugira ngo ntimutakaze ico twakoreye, ahubwo mushishikare kugira ngo muze muhabwe impembo ikwiye.

Seja o primeiro
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-07-05_19-25-13-